Ubugarariji mw’Ishengero ry’Imana
Iganuke
Igihe nasoma igitabo gishasha ca Bernie Koerselman, citwa Ubugarariji
mw’Ishengero ry’Imana, narakozweko cane n’inyigisho ziwe zidasanzwe zerekana
ingene Yesu Kristo ari Umwami. Bernie aradoma urutoke ku makosha amwe-amwe
y’Ishengero ry’iki gihe. Ndi Umwungere, Umwigisha, Intumwa kuva mu mwaka wa
1970. Narabonye, mur’iyo myaka yose, ingene inyigisho mbi zidahengeshanya kwiha
inkumbi mw’ishengero ry’Imana. Ese icompa ukemera akamo ko gutera no
gusangangura ibisika vy’inyigisho mbi ziziziye akarere uherereyemwo. Soma
Ubugarariji mw’Ishengero ry’Imana ushobore gushikira abantu mu bushobozi
bw’ubutumwa bwiza bw’Umwami wacu Yesu Kristo
Chuck King
Umukozi musangiye igikorwa
Bernie Koerselman yanditse iki gitabo mu majambo avunaguye kandi yiyoroheje
cane. Es’icompa inyigisho ziri mur’iki gitabo zikigishwa mu mashule yose ya
Bibiliya ari kw’isi. Ni hw’abakozi b’Imana biga mashule ya Bibiliya boronka
urufatiro rwiza rwo kwubakirako ibikorwa n’amabango yabo yose. Mboneyeho
n’akaryo ko gutumira abungere n’abavugabutumwa bo kw’isi ngo basome iki gitabo
Ubugarariji mw’Ishengero ry’Imana. Iki gitabo kirashobora guha intumbero nsha
abakozi b’Imana batari bake bigatuma haba ikanguro. Nico gituma ishirahamwe
ryacu ryita ku rutare kugira iki gitabo Ubugarariji mw’Ishengero ry’Imana
gisobanurwe mu ndimi nyinshi, gihabwe abarongozi rukristo bo kw’isi yose. Ese
icompa kigashikira amasinzi y’abantu.
David Servant
Umuyobozi w’Ishirahamwe Heaven's Family
Bernie Koerselman yarankurugutuye mur’iki gitabo ciwe. Nayoboye umugwi
w’ivugabutumwa mu mabohero n’ibindi bibanza bihuriramwo abantu benshi imyaka
irenga 33. Ntaco Ishengero ryo muri Amerika ritakoze rigerageza kuzana ikanguro
– ariko vyararitaye ku wamazi. Ryarategetse abakristo kwambara imigufu
yanditsweko
« Mbega Yesu yari kuvyifatamwo gute? », ryaratwawe n’ibimenyetso n’ibitangaza
vy’ibinyoma, ryarakoresheje ubuhinga ab’isi bakoresha ngo ryirundanirize
abanywanyi, arikw’ivyo vyose ntaho vyarishikanye atari k’ukwirundaniriza
abakristo b’indyarya na ab’intege nke. Ijambo rya nyuma Yesu yabwiye Ishengero
ryiwe ni : « Ni mwihane. » Abantu benshi ntibazi ivyo Yesu yageze abigishwa biwe
kwizera no gukora. Ivyo nivyo iki gitabo kitwigisha.
Tom Adcock
Arongoye Ishirahamwe Jesus People Information Center
Ahitwa Sacramento, CA
« Turi mu bihe vy’ubuyobe, aho amasinzi y’abizera ibinyoma biyicariye
mw’Ishengero ry’Imana ataco binono nk’urwamfu mu buro, kuko batigeze babirwa
ubutumwa bw’ukuri. Hari n’abigisha b’ibinyoma bamaze kwigarurira ibicaniro mu
mashengero atari make gushika aho baba babitumwako. Abandi baramaze guhabwa
ibibanza vy’icubahiro mu mazu akora canke adandaza inyigisho rukristo, abandi
nibo bayobozi bavyo. Nicogituma inyigisho z’ibinyoma zigwirirana cane
zigashishikara kuyovya abatari bake mu mashengero y’iki gihe. Ndashima Imana
cane kubw’abakozi bayo nka Bernie Koerselman, no kubw’igitabo Ubugarariji
mw’Ishengero ry’Imana. Mana mukoreshe ahumure amaso y’abamaze guhuma. »
Ray Comfort
Umwe mu banditse igitabo « The Way of the Master. »
Hari inyigisho y’inkoramutima mur’iki gitabo kidasanzwe. Muri Zaburi 11:3 havuga
ngo, « Namb’amatanguriro asambuwe, ivyo umugororotsi yakoze vyapfuye iki? »
Ndabingize ngo mushire kuruhande ivyiyumviro vyanyu musome iki gitabo mutagira
aho muhengamira. Kirashobora guhindura ivyiyumviro vyanyu ibwina muri vyo. Jewe
kubinyerekeye, ndiko ndabona ingene izi nyigisho zigenda zihindura ishengero
Imana yampaye kuyobora.
Trent Renner
Umwungere w’Ishengero Parkway
Turi mu bihe bibi cane aho usanga ibicaniro n’intebe z’amashengero menshi
zuzuyemwo abantu b’akazuyaze bafise ishusho yo kwubaha Imana ariko bahakana
ubushobozi bwakwo. (2 Timoteyo 3:5). Ni urugero rwiza kubavugako bizera Kristo
nk’Umwami wabo. Nizo nyigisho Umwami yashize mu mutima w’umukozi wayo Bernie we
yanditse n’ubushobozi bwinshi bwo gutahuza no kwemeza impumyi zirongora izindi,
impumyi zigishwa n’izindi, ariko kandi yanditse kugira yemeze abizera b’ukuri
yuko Kristo ari we soko n’intumbero y’ubuzima bwabo. Nsaba Imana kw’izi nyigisho
zishoboza amashengero atari make kugira abigishwa ba Kristo.
Joe Simmons
Yahoze ari Umuyobozi w’Ishirahamwe Navigators of Pacific Areas
Bernie yemezako umuntu wese asaba Imana imbabazi mu kwatura Yesu Kristo
nk’Umwami wiwe ariko ntashake kumukorera nk’Umwami wiwe adashobora kuronka
inyishu nziza y’amasengesho yiwe. Iyo umuntu atarahitamwo vy’ukuri kwimika Yesu
mu buzima bwiwe bwose, naho yokwaturako Yesu ari Umwami wiwe rikarenga
ntibishobora kumukiza urubunza rw’Umucamanza Mukuru azocira abantu bose imanza
bihwanye n’ivyo bakoze. Ingaruka yavyo zizoba ari akaga k’ibihe bidashira.
Igitabo ca Bernie kirabisigura neza hisunzwe ico ivyanditswe vyera vyigisha.
Bernie yashize ahabona ikosha ridasanzwe ry’Ishengero rya none. Koresha iki
gitabo Ubugarariji mw’ishengero ry’Imana ushobore gushikira isi n’ubutumwa
bw’inkuru nziza ya Yesu kristo.
Harvey Hoekstra
Uwatanguje ishirahamwe – Audio Scriptures International
Ni umumisiyoneri muri Afrika
Iki gitabo canditswe hageze koko. Bernie Koerselman, umwigisha w’ivya Bibiliya
n’umushakashatsi mu bijanye n’ubuzima bw’Ishengero n’imico y’abantu, yanditse
ivyo azi. N’aho hari hakiri amabanga menshi mu vy’impwemu, Ishengero ryo mur’iki
gihe ntaco ryinona. Mbega ni igiki kitagenda neza ? Bernie aradoma urutoke ku
gituma nyaco.
Umuntu wese yifuza guhembura no kuremesha umutima wiwe nasome kino gitabo.
Cecil Martens
Umwungere
Umwanditsi w’iki gitabo yigisha atanga ido n’ido y’inkuru yose ashikirije
kukw’asanzwe afise ubumenyi budasanzwe mu biharuro, mu vy’ubwenge n’amategeko.
Narashoboye kubonana na Bernie Koerselman imbona nk’ubone agatari gate igihe
naba muri Nouvelle-Zélande – hagati y’umwaka wa 1992 na 2000 – ntarasubira i
Brisbane, muri Australiya, n’ikindi gihe aho yaza kunyumviriza igihe nariko
ndigisha mw’ishengero ryitwa Christchurch. Narasohoye zimwe mu nyigisho ziwe mu
kinyamakuru cacu citwa - Contending EARNESTLY for THE Faith (CETF). Inyigisho
ziwe Ubugarariji mw’Ishengero ry’Imana yazitanguriye aho twese twategerezwa
gutangurira—inyifato yacu imbere y’Ijambo ry’Imana – « Ubugarariji butangura
igihe umuntu yanse kwemerako Bibiliya ari ukuri.” Mu ntangamarara yiwe
ashimikira ku vyo namye nizera kuva kera—Bibiliya ni amajambo yahumetswe n’Imana
(ni impwemu z’Imana), arikw’uko guhumekerwa kwayo gutahurika neza muri Kristo.
Nuko rero, mu vyo yanditse ku gice ca mbere – Kugarariza Kristo Umwami – ku gice
ca kabiri - Kugarariza Amajambo ya Yesu – no ku gice ca 11 - Kwihana, Guhinduka
no Kwigisha – aragaragaza no gushimangira inyigisho ziwe. Bernie yavuze ukuri.
Itegurire kwemera akamo muterwa. Bernie yemeza ata gushikuza yuko Kristo ari
Umwami akadoma urutoke abigisha agakiza gashingiye ku bikorwa. Paul yasenze ati,
« urinde ga Mwami? » (Ivyak. 9:6) Ikimenyetso kigaragazako yihanye ni uko
yumviye Kristo. Ico nico kimenyetso gitegerezwa kutugaragarako twebe abakijijwe.
Philip Powell
Umuyobozi w’ishirahamwe Christian Witness Ministries (CWM)
UBUGARARIJI mw’Ishengero ry’Imana
Ibindi Bitabo Vyanditswe na Bernie Koerselman
Mubisanga kuri
www.bereanpublishers.com
Igitabo: Ukwizera Gukiza
Inyigisho za Bibiliya: Inyigisho n’Amabwirizwa ya Yesu
Inyandiko:
Ukwizera Gukiza – Ni Iki ?
Ubutumwa Bwiza ni Iki ?
Ibiranga Ukwizera Gukiza
Yesu Atigerezwa Kuba Umwami !
Kora Ubugombe bw’Imana
Abakristo Bategerezwa kuba Abagororotsi.
Gusa Nawe
Kuguma Muri Yesu
Inyifato y’Imana imbere y’Icaha
Utegerezwa Kuvuka Ubwa Kabiri
Amabwirizwa ya Mose cank’ Aya Kristo
Niwisuzume!
Mwizere
Yesu ni Umwami
Kwumvira: Ikimenyetso c’Umukristo (Nyakuri)
Kwumvira: Ikimenyetso c’Ukwizera Gukiza
Ibikorwa Vyiza: Ikimenyetso c’Ukwizera Gukiza
Ivyamwa: Ikimenyetso c’Ukwizera Gukiza
Ibibazo Nkoramutima
Ubugunge Mu Gushikiriza Ubutumwa Bwiza
Ikinyoma Mu Gushikiriza Ubutumwa Bwiza
Kwumviriza Imbere mu Mutima
Icete Candikiwe Abungere
Umwami "Wacu"
Ni Ayahe Mategeko Abakristo Bategerezwa Kwitondera?
Isabato, Kuwamungu, Canke …
Mbega Icaha Cotesha Umuntu Agakiza ?
Gusubiramwo Abaroma 7
Mbega Abakristo Barashobora Kwahukana? (Gusubira Kurongora?)
Abakristo ni Abanyavyaha canke ni Aberanda?
Abakristo Barakwiye GUTINYA Imana?
Ivyanditswe Nkoramutima Vyanditswe mw’Ibara Ritukura
Vyose Ndavyemerewe
Mbega Imana Ikwegera Abantu Kuri Yesu Gute?
Ubutatu Bweranda
Ingwati y’Ivyo Twasezeraniwe
Icite Kibuza Ukunywana kw’Amadini:
"Ubumwe bw’Abavugabutumwa n’Abagatolika; Igikorwa c’Ishengero ryo mu Kinjana ca
Gatatu"
Ihamwa, Iyurizwa mw’Ijuru, n’Uburake bw’Imana
Sabato y’Imyaka Igihumbi?
Ugusozerwa kw’Ivyahishuriwe 12:1-4
Mbega Umuristo Arashobora Kuva mu Gakiza?
Abakristo Baharirwa Ryari?
Ni Ryari Abakristo Baronka Agakiza K’Ibihe Bidashira?
Mbega Urukundo rw’Imana Rugira Ico Rufatirako?
Ivyemeza kw’Agakiza Kazimvye
Ivyo Kumenywa Kera n’Ugutoranwa
Kumenywa Kera : Yakobo na Esawu
Ivyo Abranham Yigisha kuvyo Gutoranwa
Ico Twiyumvira kuvy’Iterabwoba (Ijwi ry’Abakristo)
Igihe Co Guhishukana
Yesu Kristo. Ni Nde?
Koerselman
Berean Publishers
Ubugarariji
Mw’Ishengero ry’Imana
Iki gitabo casobanuwe mu Kirundi n’umukozi w’Imana Bienvenu Bizimana
Gikuwe mu Congereza: The Rebellion in the Church
Casohotse incuro ya mbere muri: Mukakaro, 2008
Copyright © 2008 by Bernard Koerselman, J.D.
Kirazira gusubiramwo canke kurwiza kino gitabo mu buryo ubwaribwo bwose
kirehetse uwuvyemerewe na nyene kucandika.
Imirongo yose ya Bibiliya yakoreshejwe mu gusobanura iki gitabo yakuwe muri
Bibiliya Yera.
Inomero mpuzamakungu y’iki gitabo:
978-0-941879-07-1
Casohowe na:
Berean Publishers
Ushaka Kugura igitabo: editors@bereanpublishers.com
Ushaka kuvugana n’uwanditse kino gitabo: b.koerselman@bereanpublishers.com
http://www.bereanpublishers.com
Kuri Maria Duran
Ibirimwo
Amajambo y’umwanditsi 13
Mu Gutangura 16
Intangamarara 20
1. Kugarariza Yesu Umwami 23
2. Kugarariza Amajambo ya Yesu 29
3. Ubugarariji Nyezina 49
4. Mbega Har’Urubanza Abarongozi b’Amashengero Bazocirwa Amateka? 56
5. Kugarariza Itegeko rya Kristo 62
6. Ikizira c’Ubuyobe
L’Inconditionnelle Sécurité Eternelle 69
7. Ikindi Kizira c’Ubuyobe
Gushikiriza Ubutumwa Bwiza mu Bugunge 87
8. Ikindi Kizira c’Ubuyobe
Gushikiriza Ubutumwa Bwiza mu Binyoma 100
9. Mubanze Mwitwararike … Ukugororoka Kwayo123
10. Imvugo Zititura Ukugororoka 130
11. Ihane, Hinduka, Wigishe Abandi 143
Amajambo y’Umwanditsi
Igihe umukozi w’Imana David Kirkwood yandika igihe tabo ciwe citwa, Umukozi
Agira Abigishwa, ntivyamworoheye kuvuga abo candikiwe. Naho umukozi w’Imana
David yavuzeko yandikiye abakozi b’Imana n’abarongozi b’amashengero, yaremejeko
atandikiye ababa muri Leta Zunzubumwe bwa Amerika, mu Buraya na Australiya canke
Nouvelle-Zélande. Naho yavuzeko igitabo ciwe gishobora kugirira akamaro umukozi
w’Imana wese azogisoma, yabivuze azi neza yukw’abazogisoma cane atari ababa i
Buraya.
Ariko jeho, namye nitwararika cane Ishengero ryo mu bihugu vya Buraya – uhereye
cane-cane kw’Ishengero ryo muri Amerika, ugashika kuryo muri Nouvelle-Zélande.
Numva mfise umutwaro w’ivyo bihugu kuko, kumbure, nzi cane ukw’amashengero yaho
yifashe. Ariko iki gitabo kirashobora kugirira akamaro kanini abakozi b’Imana bo
mu bihugu bitaratera imbere, kukw’Abo mu Bihugu vya Buraya bagemuriye
ubugarariji bwabo abo mw’isi yose. Ishengero ryo mu bihugu vya Buraya vyavuzeko
bibazaniye Ubutumwa, ariko mubisanzwe vyabazaniye ubundi butumwa – butandukanye
n’Ubutumwa bw’Umwami Yesu dusanga mu vyanditswe.
Nk’uko umukozi w’Imana David Kirkwood yizerako abarongozi b’amashengero -
abungere, abavugabutumwa, abigisha, abamisiyoneri, abatanguza amashengero
mashasha, abavugishwa n’Imana, abigisha b’abana n’abandi barongozi bashobora
gufashwa n’ivyo yanditse mu gitabo ciwe, nanje abo nibo bantu ntumbereye cane
mur’iki gitabo canje. Ndumva meze nk’umukozi w’Imana Yeremiya yarungitswe
kuburira abantu b’intagondwa bazokwanka ivy’ababwira. Ubugarariji buri cane-cane
mu bakozi b’Imana kukw’ari bo barwanya Imana n’Ijambo ryayo, kuko badashaka
guhindura imikorere yabo mibi. Imyaka maze mvugana nabo intahuza yuko uguhinduka
kwabo kukiri kure nk’ukwezi. Bishizemwo yuko bafise ugutahura kwose gukenewe
kandi ko badashobora kugira ico bahindura muvyo bizera.
Nico gituma niyumvirako iki gitabo kizofasha cane abitwako bakiri bato mu
kwizera kukw’ari bo barondera Imana n’umutima wose, kandi babonako hari
ikitagenda neza muvyo babigisha, ariko ntibamenye icarico canke ikibituma. Iki
gitabo kizobereka vy’ukuri yuko basutswe n’abarongozi babo.
Ndazi neza yukw’abantu benshi bagarariza Imana n’Ijambo ryayo mw’Ishengero
babitumwe n’imico y’amashengero yabo nokwita "ubunyedini". Iyo mico ni
igihushane c’Ubukristo. Ica mbere coco, ubwo butumwa bubi bwatanguriye mu
mashule amwe-amwe ya Bibiliya, butandukira ibicaniro vy’amashengero imbere yuko
bwiganzira abanyeshengero bose. Hatagize igikoreka, ubwo butumwa bubi buzobuza
amasinzi y’abantu kuja mw’ijuru.
Yesu yaraburiye abanyabwenge b’ivyanditswe ati: " Muzobona ibara, abigisha
ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguzo rw’ubwenge : ntimwinjiye ubwanyu,
n’abagomba kwinjira mwarababujije" (Luka 11:52).
« Abigisha ivyagezwe » mur’iki gihe cacu ni abungere baminuje amashule ya
Bibiliya. Abenshi muri bo ntibashaka yukw’imikuku yabo itahura ivyo bita
amabanga yo mu Mana. Bo ubwabo ntibamenye canke ngo bumvire ukuri kuva mu
vyanditswe vyera, maze bakabuza n’abandi kubitahura. Ivyo mwobitahura
mubandanije gusoma. Ingorane yo mu gihe ca Yesu niyo dufise natwe ubu. Abo
banyabwenge baracabuza abantu kwinjira. Izo nyigisho zabo mbi zitesha agakiza
amasinzi y’abantu batovugwa.
Turi mu gihe Imana yavuze icishirije muri Amosi 8:11 : « Eh’imisi izoza »
nik’Umwami Uhoraho agize, "Nzoteza inzara mu gihugu – ntizoba ari inzara y’ivyo
kurya cank’inyota y’amazi, arikw’izoba ar’iyo kwumva amajambo yanje, jewe
Uhoraho." Uko dushishikara niko tuzogenda dutahura uyo murongo.
Navuze yukw’ « amasinzi »y’abantu atazobasha kuronka agakizaz kubera ubutumwa
bubi bwakwijwe hose n’abagarariza Imana. N’aho tudashobora kumenya neza
igitigiri c’abo bantu, ico nzi co ni ukw’abazonyurana n’agakiza ari benshi cane;
mu bisanzwe, nimwatahura inyigisho iri mur’iki gitabo, muzobona kw’ari ibihumbi
n’ibihumbagiza vy’abantu bazobura ijuru kubera ubwo butumwa bubi.
Iki gitabo kizotwereka itandukaniro riri hagati y’Ubutumwa bw’Umwami Yesu Kristo
dusanga mu vyanditswe n’ubutumwa bubi bubwirwa benshi mur’iyi si yacu. Ubutumwa
bwa Bibiliya niryo soko ry’ubugingo budashira; ubwo bundi butumwa ni ubwahinguwe
n’abana b’abantu-buntu – ni bwo butumwa butandukanya amsinzi y’abantu n’Imana
bukabajana mu mahonero y’ibihe bidashira.
Mu Gutangura
Mu gutangura, reka duhere ku kintu duhurizako twese. N’ivyo ndaziko hari abataza
kuvyemera. Har’abavugako bamwe mu bakozi b’Imana bigishako Bibiliya idategerezwa
kwigishwa ukw’iri. Hari n’abavugako Yesu atavyawe n’isugi canke mu bubasha
bw’Uhoraho. Har’abavugako ibitangaza ari ugushikuza, abandi bagahakana
ivyotwigishwa kw’iremwa ry’ibintu vyose. Impari ni nyinshi, nk’uko amadini
ashingiye kur’ivyo binyoma ari menshi.
Nimba Bibiliya ari ukuri – nimba ari Ijambo ry’Imana – dutegerezwa kuyubaha no
kwumvira amabwirizwa dusanga mwo; ariko abantu bavugako Bibiliya itava ku Mana,
canke yuko harimwo ibintu bimwe-bimwe bitava ku Mana, baranguha. Abo nibo
bashingira amadini yirobanurira ivyo ashaka kwizera, kwigisha no kwumvira.
Ukaba uri mu murwi w’abantu batizerako Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, kandi
badashobora guhindura ivyo bizera n’aho vyoba ar’ibinyoma, ntibandanye gusoma
kino gitabo. Uwutizera Bibiliya nk’uko yanditswe, ariko agashaka kubanya ayisoma
azoshika aho abona yukw’atahandi azoja inyuma y’urupfu atari mu kibanza Yesu
yise, mu mwiza w’umuzitanya, hazoba kurira no kuryana insya z’amenyo, mu muriro
w’inkazi uzokegeta abarwanya Imana. Soma mu Baheburayo 10:26.
Hamwe n’ivyo rero, ni vyiza gutahura yuko n’aho ivyanditswe vyose muri Bibiliya
vyahumetswe n’Imana atari vyose umuntu wese yizera Imana ategerezwa kwitondera
mu buzima bwiwe. Tuzobibona mu gice vyiharije. Icatumye haba amadini menshi, ni
ukw’abantu batashoboye gutahura ivyanditswe abizera bahamagariwe kwizera n’ivyo
badakwiriye kwizera.
Icotugaragariza ukuri kw’ivyanditswe ni ibintu vyose vyavugishijwe kuri Yesu.
Havugwako har’ibuntu birenga 300 vyavugishijwe kuri Mesiya – Uwasizwe amavuta –
dusanga mw’Isezerano rya Kera. Aho Yesu yaza, yarashikije ivyamuvugishijweko
vyose ku muzo wiwe wa mbere.
Uwitwa Josh McDowell yanditse mu gitabo ciwe, Evidence That Demands a Verdict,
icigwa cagizwe n’uwitwa Peter Stoner ciswe Science Speaks. Umukozi w’Imana
Stoner yafashe ibintu umunani gusa mu vyavugishijwe kuri Kristo, nko kuzovukira
i Betelehemu, ko har’imburi izomwitangira imbere, kw’azokwinjira muri Yerusalemu
ari ku nyana y’indogoba, kw’azogurwa n’umwe mu bagenzi biwe, kw’azogurishwa
amafaranga 30, kw’ayo mafaranga azotererwa mu ngoro y’Imana maze akoreshwe mu
kugira itongo, kw’atazobumbura umunwa imbere y’abamurega; kw’azotoborwa ibiganza
n’ibirenge kandi kw’azobambwa. Hisunzwe ubuhinga bwo guharura mu bigereranyo
bwitwa les probabilités, umuntu-buntu afise ibakwe ringana na 1 mu bice 1017 ryo
gushitsa ibintu umunani gusa mu vyo Yesu yashikije – bisugurako ari 1 mu bice
100.000.000.000.000.000.
Umukozi w’Imana Stoner yerekanye ingene ico gitigiri ari kinini cane mu
kugereranya umuntu yofata ibiceri vy’amafaranga angana na 1017 akabisuka mu
gihugu nka Texas gisumba Uburundi kure cane. Ivyo biceri vyokwuzura ico gihugu
gushika ku metero zibiri z’uburebure. Aciye afata igiceri kimwe akagishirako
ikimenyetso akagiterera mur’uwo murundo w’ibiceri, agafata umuntu bashize
igitambara ku maso akamubwira ati : gendagenda mur’ivyo biceri vyuzuye igihu
undonderere ca giceri, kimwe nyene, nashirako ikimenyetso. Ubona afise ibakwe
ringana gute ryo gutora ca giceri cashirwako ikimenyetso? Ni ryo bakwe
umuntu-buntu yogira kugira ashobore gushitsa ivyo bintu umunani gusa mu
vyavugishijwe kuri Kristo. Ariko rero, Yesu ntiyashikije ivyo bintu umunani gusa,
yashikije ikintu cose yategerezwa gushitsa, kiretse ivyo azoshitsa ku muzo wiwe
wa kabiri kw’isi. Umukozi w’Imana Stoner yongeyeko avuga yuko kugira umuntu
buntu ashobore gushitsa ibintu 48 vyavugishijwe kuri Yesu afise ibakwe ringana
n’igice 1 muri 10157 – Igitigiri kinini cane ubwenge bwacu budashobora gutahura.
Dufate rero yuko hari igitabo kimwe gusa – citwa Bibiliya – canditsemwo ubwo
buhanuzi bwose. Kandi rero, Bibiliya iravuga neza cane umuntu umwe rudende
yashoboye gushitsa ivyavugishijwe vyose kuri Kristo. Ivyo rero vyavuzwe kandi
vyanditswe n’abanditsi benshi batandukanye kandi babayeho mu bihe bitandukanye
cane, nk’imyaka imajana. Iyumvire ibakwe igitabo kimwe mu bitabo isinzi biri
kw’isi cogira ngo gishobore kwandikwamwo ibintu vyose vyavugishijwe kuri Mesiya
Abayuda bose bemera? Iryo bakwe ringana na rimwe twabonye ku muntu yoshobora
gushitsa ibintu vyose vyavugishijwe kuri Kristo.
Mu gihe ca Yesu, mbere n’ibinjana vyinshi imbere yaho, Abayuda bizerako ubwo
buhanuzi buvuga ivya Mesiya wabo azoza. Mu bitabo vy’Injili, har’imirongo
myinshi yerekana ingene Yesu yashoboye gushitsa ivyavugishijwe kuri Mesiya
mw’Isezerano rya Kera.
Ndafise urupapuro rw’umutsindo mu Biharuro n’ivy’ubwenge. Ivyo bitigiri ni
binini cane kandi ni ukuri, ntavyizeye noba ndi igipfu. Vyongeye, naranonosoye
ivy’amategeko n’ivyo guca imanza. Nta ngingo umucamanza yemerewe gufata
atarabona ibintu vyose bikenewe kugira ashobore kubona aho ukuri guhagaze. Mbona
ata kindi kintu gishobora kuduha umuco nk’uwo tumaze kuronka, kugira umuntu
ashobore kuvugako Bibiliya ari ukuri n’uko Yesu ari we Kristo. Ntagukekeranya.
Hari ibindi bimenyetso bigaragaza uwo Yesu ari we. Yesu yaritoranirije intumwa
12. Nyenekumugura, yiyahuye amaze kumenya yukw’akoze ibara. Arikw’izindi ntumwa
zose, kiretse Yohana, bazize kwumamazako uyo Yesu ari Umwami, Kristo, Umwana
w’ikinege w’Imana, yuko yapfuye ku musaraba, kandi ko yazutse mu bapfuye.
Barigushobora gukiza amagara yabo mu kurogota canke guhesha canke guheba
gushingira intahe Yesu. Ntagihe ciza co kuvuga ukuri nk’igihe uri imbere
y’urupfu. Abokwemera kuzira ibitagira ikimazi ni bake cane, nimba bariho.
Icogutangaza ni ukw’ata ntumwa n’imwe yarogose canke yadohotse. Ahubwo bahisemwo
gupfa, hako badohoka kw’ibanga ryabo ryo gushingira intahe Umwami Yesu n’ukuri
bumvise kuri We.
Ubugarariji butangura igihe umuntu yanse kwemerako Bibiliya ari ukuri. Yesu
yavuze muri Yohana 14:6, ati : « Ni jewe nzira, ukuri n’ubugingo. Ntawuja kwa
Data ntamujanye. » Bibiliya ni ukuri – kandi ni yo yahishuye uwo Yesu ari we –
kandi Yesu ni We ukuri.
Abavugako Bibiliya atari ukuri ni bo bagarariza Yesu. Yesu yavuze muri Yohana
12:48-50, ati : « arik’uwungaya, ntiyemere amajambo yanje, ari
n’ikizomutsindisha : ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero. »
Iki gitabo kirimwo imirongo ya Bibiliya itari mike. Kandi hari imirongo
izokoreshwa kenshi kubera ubushobozi ifise mu vyo tuzokwiga. Tuzoyikoresha ku
rugero rwiza ata gushikuza kugira dutahure neza ico yashiriweho.
Intangamarara
Jewe n’uwitwa Scott Hillstrom, twahuriye mu gihugu citwa Nouvelle-Zélande.
Twempi, n’imiryango yacu twari ingenzi mur’ico gihugu, kandi twari dusanzwe
twarakurikiranye ivy’amategeko. Twempi, twari dufise uruhusha ryo kuba no
gukorera mur’ico gihugu.
Twarakunda guhurira ku cayi ahitwa Durham, hafi y’ingoro y’indangakaranga,
yahitwa Christchurch. Twayagira ku kayi, tuvugana utuntu n’utundi. Bikenewe
twariyongera, rimwe canke kabiri.
Kubera yuko Scott nanje twari dusanzwe turi abakristo, twaravugana cane ku vyo
twizera, ku vya Yesu n’ivyizerwa bitandukanye. Umusi urizina, dufata Bible
nk’urufatiro rw’ikiyago cacu, nzanumva Scott arinamuye ati : "Jewe nikundira
imirongo itukura ya Bibiliya." [Ni ubwoko bwa Bibiliya aho amajambo yose Yesu
yavuze yanditswe mw’ibara ritukura.]
Iryo jambo rya Scott ryaranzazaniye cane. Nari nsanzwe nzi yukw’ivyanditswe
vyose vyahumutswe n’Imana kandi kw’ata na kimwe umuntu ashobora kwirengagiza.
Ariko Scott we, yar’aziko hari ivyanditswe bisumba ibindi uburemere. Ayo majambo
yiwe yatumye mbonako mu bisanzwe jewe nahora nizerako ivyanditswe vyose
mw’Isezerano Rishasha bifise uburemere bumwe. Narinzi yukw’Isezerano rya Kera
ritanganya uburemere n’Isezerano Rishasha. Ariko Scott we yavugako ibiri
mw’Isezerano Rishasha bidafise uburemere bumwe.
Naragiriye impuhwe Scott. Nabona umenga ahagaze ahatemba. Mbega umuntu ashobora
ate kuba umukristo mwiza kandi atizerako ivyanditswe vyose mw’Isezerano Rishasha
bifise uburemere bumwe mu kwizera kwiwe no gutahura ivy’Ubutumwa bwiza ?
Sinashoboye kugira ico ndabivugako buno nyene kuko ntari bwigere ndavyiyumvira.
Uko nashishikara nsuzuma iciyumviro c’uko har’ivyanditswe biruta ibindi
uburemere mw’Isezerano Rishasha, aho narimaze imyaka 43 mu kwizera, niko niga no
gusubiramwo ibitabo vy’Injili incuro zitari nke. Kuko narinsanzwe nzi kw’Intumwa
Petero yanditse avuga yukw’ivyete vya Paulo bigoye itahura, ivy’abantu
badakomeye bagoreka, nk’uko bagira ivyanditswe bindi, bakihamagarira guhona (2
Petero 3:16), naratinya kubisoma. Natangurira ku bitabo vy’Injili, nkaherukira
ku vyete vya Jakobo, Petero, Yohana na Yuda. Gushika aho ntari nkishobora
kwirengagiza ivyete vya Paulo. Ico gihe nasanze ari vyiza, bitahurika cane ku
muntu amaze gutahura inyigisho za Yesu ziri mu bitabo vy’Injili, canke n’uko
nabisoma muri Bibiliya itahurika cane yitwa (NIV) mu congereza.
Ntivyamfashe umwanya munini kubonako Scott yari mu kuri. Yesu ubwiye yaravuze
yukw’amajambo yiwe aremereye cane kuruta ibindi vyanditswe vyose. Muri Matayo
24:35 Yesu avuga ati, « Ijuru n’isi bizorangira, arikw’amajambo yanje nta co
azoba. » Muri Yohana 6:63, Yesu arahishura igituma amajambo yiwe agira
ubushobozi bungana gurtyo, « impwemu nizo zitera ubugingo; umubiri nta co umaze
: amajambo mbabwiye ni mpwemu n’ubugingo. » Har’umuntu yoshingira intahe
amajambo yiwe gurtyo ?
Muri Bibiliya yose, nta hantu na hamwe dusanga ukwatura nkukwo. Intumwa
zaratahuyeko amajambo ya Yesu ari rudende. Muri Yohana 6:68, Petero arashinga
intahe ati, "kw’ari wewe ufise amajambo y’ubugingo.”
Amajambo ya Scott ni yo yatumye nsubira guserangura amajambo ya Yesu. Naragize
imyaka myinshi mbabazwa n’ukw’amashengero atigisha abantu kwumvira amategeko ya
Yesu. Buno nyene, ncantahura yukw’icufuzo canje ar’ukw’amajambo ya Yesu aba ari
yo yigishwa cane – amwe yanditswe n’ibara ritukura – amajambo adasanzwe, Mpwemu
n’ubungingo, kandi atazokurwaho.
Niho natahura rero yuko kwirengagiza, kudashobora no kwanka kwigisha abantu
kwitondera ivyagezwe na Kristo ari UBUGARARIJI. S’ingorane y’ukudahuza
ivy’ivyiyumviro. Kugarariza Yesu n’ivyagezwe vyiwe vyarabujije amisinzi y’abantu
kuja mw’ijuru n’ubu kukiriko. Ikibabaje n’uk’ubwo bugarariji bwasasiwe indava
n’abigisha hamwe n’abungere b’amashengero. Abo barongozi ni bo batituye
ivyagezwe vy’Umwami Yesu Kristo umutwe w’Ishengero.
Igice Ca 1
KUGARARIZA YESU UMWAMI
Mu bisanzwe, ubugarariji butangura neza na neza igihe umuntu yanse kwemerako
Yesu ari Umwami. Turabe ingene Yesu ari Umwami n’ingene ukwo guhakana ari
ishimikiro ry’ UBUGARARIJI.
Muri Yohana 8:24, Yesu yarateye abantu amatsiko kubijanye n’agakiza igihe yavuga
ati : « Ico ni co gitumye mbambwira ko muzopfira mu vyaha vyanyu ; kuko
nimutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu. »
Nta muntu n’umwe apfira mu vyaha azokwinjira mu bwami bw’ijuru. Mu Vyahishuriwe
21:27, Intumwa Yohana aravuga ivy’ijuru : « Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu
gihumanya, cank’uwukora ibizira akabesha, atari abanditswe mu gitabo c’ubugingo
ca wa Mwagazi w’Intama. » Tuguma turi abanyavyaha iyo ivyaha vyacu bitaraharirwa.
N’ikimenyamenya, raba Ab’i Kolosayi 1:21-22, Paulo avuga ati, « N’amwe abari
baratandukanijwe n’Imana kera, mugahindurwa abansi bayo mu mitima yanyu n’ivyo
mwakoze bibi, none [Imana] yabuzurije na yo mu mubiri wiwe w’umuntu kubw’urupfu
yapfuye, ngw’abashikane imbere yayo mur’abera, mudafise agasembga, mutagira ico
mwogawa … » Umuntu wese ataraharirwa ivyaha yuzuye umugayo w’ivyaha vyiwe kandi
nta kindi arindirijwe atari ugucirwa ko amateka.
Yesu yavuze ko tuzopfira mu vyaha vyacu nitwanka kwizera uwo ari We. Mbega avuga
kw’ari nde ? Muri Yohana 13:13, Yesu avuga ati : « Munyita Mwigisha na Shobuja,
kandi mubivuga ko, kukw’ari ko ndi. » Aho Yesu yafatwa n’Abayuda, umuherezi
mukuru yamubwiye ati, «… Ndakurahiyeje Imana nzima, tubarire kw’ari wewe Kristo,
Umwana w’Imana. »
Yesu aramwishura ati : « Urarivuze. » « Yamara ndababwira yuk’uhereye ubu
muzobana Umwana w’Umuntu yicaye i buryo bw’ububasha, aje mu bicu vyo mw’ijuru. »
(Raba Matayo 26:63-64.)
Mur’iyi mirongo Yesu yemeza yukw’ari Umwami, Databuja, Kristo, Umwana w’Umuntu
hamwe n’Umwana w’Imana. Woba wemera ko Yesu ari ivyo vyose ? Abantu benshi
bakunda kwishura ngo, « ego, ndavyemera cane. » Woba uha Yesu ivyo bibanza vyose
muri wewe ? Akarorero : Yesu ni Umwami wawe ? Woba umuha icubahiro kibereye
Umwami ? Wiyumvire neza imbere yo gutanga inyishu. Ntugerageze guhenda Imana
canke ngo wihende ubwawe kukw’iki kibazo ari nkoramutima cane.
N’igihe Yesu yari akiri kw’isi abantu bamwita Umwami, ariko bakamwihakanisha
ivyo bakora. Ni co gituma Yesu yababajije ati : « Munyitira iki Mwami, Mwami ;
ntimukore ivyo mvuga ? » (Luka 6:46). Biragaragara ko Yesu yagomba yuk’umuntu
wese amwita Umwami amwumvira.
Ngomba nerekane, nisunze ivyanditswe, ko kwizera no kwakira Yesu nk’Umwami ari
nkenerwa kugira umuntu aronke ukwizera gukiza. Mu Baroma 10:9, Paulo avuga ati,
« kuko niwaturisha akanwa yuko Yesu ar’Umwami, ukizera mu mutima yukw’Imana
yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa. » Mu Baroma 10:13, Paulo yongera kuvuga
ati, « kuko umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa." Paulo yemeza
yukw’agakiza gashingiye k’ukwatura ko Yesu ar’Umwami. Igihe umurinzi w’igereza
yabaza ico ategerezwa gukora ashobore gukizwa, Paulo yamwishuye ati : "Izere
Umwami Yesu, urakira, - mwe n’abo mu nzu yawe – » (Ivyak. 16:31).
Uramaze kwumva ingene abavugabutumwa batumira abantu gukizwa ? Bakuvuga ngo : «
ni wemera (ni wakira) Yesu nk’Umwami wawe, uzoronka ubugingo budashira. » nta ho
tubona ubutumire nk’ubwo muri Bibiliya – ntibubaho. Biragaragara yukw’abungere
n’ibigisha ivy’Imana bashiriye ho inzira zabo zo gukizwa. Ikintu cose kijanye
n’agakiza nyakuri tugisanga muri Bibiliya, ni kuki abantu bishiriye ho inzira
zitari muri Bibiliya? Kirazira! Ubutumwa buhinguwe n’abantu-buntu ni « ubutumwa
butari bwo. »
Bibiliya y’icongereza yitwa NIV, hamwe n’izindi zitari nke, ntaho zikoresha
irivuga ‘kwakira’ Yesu. Irivuga ‘kwakira’ rikoresha mu buryo bubiri gusa. Ubwa
mbere ni muri Yohana 1:11-13, n’aho nyene ntihavugwa ingene dutegerezwa kwakira
Yesu:
Yaje mu vyiwe, arikw’abiwe ntibamwakiriye. 12 Arikw’abamwakiriye bose yabahaye
ububasha bwo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe — 13 ni bo batavyawe
n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’umubiri, canke n’ukwifuza kw’umugabo, ariko
bavyawe n’Imana.
Ahandi hantu irivuga ‘kwakira’ rikoreshwa ni muri Ab’i Kolosayi 2:6: « Nuko
nk’uko mwakiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri we ... »
Bisigura yukw’Ab’i kolosayi bari barakiriye Yesu nk’Umwami. Ni kuki bakiriye
Yesu nk’Umwami? Paulo aduha inyishu aho avuga ati, « Kuko tutigisha abantu
ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu kw’ari we Mwami, natwe ko tur’abashumba
banyu kubwa Yesu » (2 Korinto 4:5).
Paulo yemeza kw’agakiza karonkeka mu Mwami Yesu gusa. Avuga ati : « Kukw’Imana
itadushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n’Umwami wacu
Yesu Kristo » (1 Tes. 5:9).
« Kukw’ingero y’icaha ari urupfu, arikw’ingabire y’Imana ar’ubugingo budashira
muri Kristo Yesu Mwami wacu » (Rom. 6:23). Petero araduhanura ati: « ariko
mwabahe Kristo mu mitima yanyu kw’ari we Mwami" (1 Pet. 3:15).
Karangura ni ibindi bice bibiri dusanga mu vyanditswe. Ica mbere ni Ivyakozwe
20:21 aho Paulo abwira abashingantahe b’Ishengero b’i Efeso ati, « Nashinze
intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami
wacu Yesu Kristo. » Dufatanye uyu murongo n’igice tumenyereye cane co mu
Banyefeso 2:8-9: « Ubuntu ni bwo bwabakijije kubw’ukwizera [Umwami wacu Yesu]:
na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana, ntivyavuye ku bikorwa,
kugira ngo hoye kugira uwirarira.”
Igice ca mbere c’igitabo canje mperuka gusohora, Ukziwera Gukiza, cahariwe
ibituma Yesu ategerezwa kuba Umwami w’abakijijwe bose. Kugira twemezwe kw’Imana
igomba ko Yesu aba Umwami, reka turabe incuro zingahe Yesu yitwa umwami
mw’Isezerano Rishasha. Turabe amazina y’icubahiro ahabwa Yesu n’incuro yanditswe
mw’Isezerano Rishasha:
Umwami incuro 618
Kristo incuro 543
Umwana w’umuntu incuro 84
Umwigisha incuro 42
Umwana w’Imana incuro 37
Segaba incuro 35
Umwagazi w’Intama incuro 32
Umukiza incuro 15
Umuvugishwa incuro 15
Umutware incuro 11
Umuherezi mukuru incuro 7
Biratahurika ? Birushirizaho gutahurika iyo tumenye kw’izina ‘Kristo’ risangiye
insiguro n’izina ‘Umwami’. Mu Baroma 1:4, Paulo yanditse ngo : « yerekanywe
kw’ari Umwana w’Imana mu buryo bwa Mpwemu Yera … ni we Yesu Kristo Umwami wacu.
» Paulo avuga yuk’Umwana w’Imana ari Yesu Kristo Umwami wacu. Yavuze amazina
atatu yerekana ubukuru bwa Yesu kugira adutahuze ko Yesu ari Umwana w’Imana,
Kristo, n’Umwami.
Har’icanditswe kinkorako cane. Mu Baroma 14:9, Paulo yavuze ati “Kukw’icatumye
Kristo apfa, akazuka, ar’ukugira ABE Umwami w’abapfuye kandi n’uw’abariho.”
Paulo avuga yuk’urupfu n’izuka rya Yesu ari vyo vyamuhesheje uburenganzira bwo
kuba umwami wacu.
Hari ibindi vyanditswe birenga 600 vyemeza ko Yesu ari Umwami. Niwe Jambo
ngenderwako ry’Isezerano Rishasha. Imana igomba ko Yesu aba Umwami w’abakijijwe
bose.
Mbega dufise abami bangahe? Mbega Imana si yo Mwamu dufise gusa? Muri 1 Korinto
8:5-6, Paulo aravuga: “Naho hari ivyitwa imana mw’ijuru canke mw’isi, nk’uko
hari ‘imana’ n’ ‘abami’ benshi, ariko kuri twebwe har’Imana imwe, Data wa twese,
yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo : kandi har’Umwami umwe,
ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.”
Igitigiri kinini c’amashengero menshi yo mu Buraya n’ABAGARARIJI ku Mwami Yesu
Kristo. Abarongozi bayo benshi ntibizera ko Yesu ari Umwami, kandi bashira
hejuru ivy’amadini yabo bagashira ubukristo ku ruhande. N’aho bishika bakavuga
ko Yesu ari Umwami, ntibigisha ico bisigura kwizera Yesu nk’Umwami. Ntibigisha
ingene ukwumvira Umwami Yesu ari kirumara mu bukristo. Ukwo ni ko KUGARARIZA
Umwami Yesu.
Nimba Yesu yigishije yukw’ari Umwami wabakijijwe bose, bikemezwa n’ibindi
vyanditswe, ni kuki abantu badapfukamira Yesu, ni kuki batamwizera nk’Umwami,
canke ni kuki batavyigisha abandi ? Niyumvira yuko bitumwa n’ukutumvira
n’ukugarariza intwaro ya Yesu. Mbega « Yesu yiyumvira iki ku badashaka kwemera
ko ar’Umwami? » Muri Luka 19:12-27, Yesu yishura kur’ico kibazo akoresheje
umugani ugizwe n’inyigisho zibiri zitandukanye. Twebanda igice kivuga cane ivya
Yesu. Mur’uyo mugani Yesu yigana inkuru z’umuganwa yagiye mu gihugu ca kure
kwimikirwayo, ngw’agaruke. Ariko abantu biwe baramwanka, bamukurikiza intumwa,
bat’ ‘Uyo ntitugomba kw’atuganza.’ Ariko ntivyabujije ko yimikwa, aragaruka mu
gihugu ciwe. Uyo mugani urangizwa n’amajambo ya Yesu akurikira : ‘ariko abo
bansi banje batakunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubicire imbere yanje.’
Bazobona ibara abadashaka ko Yesu ababera Umwami!
Amashengero menshi yo mur’iki gihe yironderera ingwizamurongo ngw’abantu babone
ko bafise abanywanyi benshi. Abungere benshi birigwa inyuma y’abakozi
rurangiranwa bafise amashengero manini-manini barondera kumenya ico bokora
kugira amashengero yabo agire abanywanyi benshi. Baribigaye inyigisho za Yesu
zivuga yukw’igikenewe ar’ukugira abantu bumvira Umwami Yesu, batamwaturisha
akanwa gusa.
Abantu benshi ntibazi ico Imana itegeka umuntu wese yipfuza gukizwa. Hari
abemeza kw’ata kintu na kimwe gisabwa uwipfuza gukizwa. Tuzobibona mu buryo
bwiramvuye mu bice bikurikira.
Ushaka kumenya vyinshi k’ubukuru bw’Umwami Yesu, ronderera kuri
www.bereanpublishers.com | Igitabo: Ukwizera Gukiza | Igice Ca 2. Yesu ni Umwami.
Igice Ca 2
KUGARARIZA AMAJAMBO YA YESU
Tuvuga yuk’UBUGARARIJI mw’Ishengero ry’Imana, ar’ukwanka cank’ukudohoka ku
mabwirizwa ya Yesu.
Ijambo ubugarariji riratahurika cane. Iy’umwana yanse kwumvira canke
kugamburukira umuvyeyi wiwe, umwigisha wiwe, cank’umuntu wese amukurira, tuvuga
yuk’uyo mwana ar’umugarariji. Umugarariji ni umuntu yanse kwumvira amategeko
canke yanse kugamburukira abamukurira; aba ar’umuntu akora ivyo yishakiye, igihe
yishakiye, ataco yinona. Ubugarariji buri kwinshi. Mu makuru ya n’ijoro,
berekanye imivurungano yabaye mu bisagara bibiri aho abanyagihugu bagize
imyiyerekano yo kwiyamiriza intwaro.
Ubugarariji bushobora kuba mw’ibanga. Akarorero ni igihe umukozi ahinyuriye
umukoresha mu mutima. Ubugarariji bushobora kugirwa ku mugaragaro. Aho ni
nk’igihe habaye imigumuko abantu bakanka kwumvira imbonankubone.
Insiguro zitandukanye ry’ijambo kugarariza:
• Ni ingendo canke inyifato yo gusuzugura ubutegetsi canke umuntu kanaka.
• Ni ukugumuka cank’ukwiyerekana mu ntumbero yo guhindura canke guhirika
ubutegetsi.
• Ni ukutumvira; kugumuka.
• Kurwanya canke kunyinyurana n’abategetsi.
Umuntu wese arashobora kwibaza kw’ivyo bintu bishobora kuba mw’ishengero
ry’Imana. Uko dushishikara ni k’urushirizaho gutahura yukw’ivyo bintu bitakiri
agaseshwa rumuri mw’Ishengero ry’Imana mur’iki kinjana ca 21.
None ubwo butegetse Ishengero rigarariza ni ubuhe ? Birashobora kugutangaza,
arik’uramenya kw’Ishengero rigarariza umutwe wa ryo – Umwami Yesu Kristo. Mbega
ivyanditswe bitubwira iki ku bubasha bwa Yesu?
Paulo yabwiye Ab’i Filipi ati: ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha
rya zina rirengeye ayandi mazina yose, kugira ngw’amavi yose az’apfukame
kw’izina rya Yesu, ay’ivyo mw’ishuru, n’ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,
kand’indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo bize biheshe
Imana Data wa Twese icubahiro (Ab’i Filipi 2:9-11).
Paulo aremeza yuko Yesu ari we shusho y’Imana itaboneka, imfura mu vyaremwe
vyose (Kol. 1:15). Paulo yemeza kandi k’Umwami Yesu ari we yaremye ibintu vyose:
« Kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw’ijuru n’ivyo mw’isi, ibiboneka
n’ibitaboneka, ur’intebe z’icubahiro, ur’ubwami, ur’ubukuru, ur’ububasha : vyose
vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe » (Ab’i Kolosayi 1:16).
Paulo aratwereka ikibanza cacu avuga ati: « We yabayeho ibintu vyose bitarabaho,
kandi muri We vyose ni ho bifataniye. Ni We mutwe w’umubiri, ni wo shengero :
kandi ni We tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bwapfuye, kugira ngw’abe agahera
muri vyose » (Ab’i Kolosayi 1:17-18).
Paulo avuga yukw’Imana yagaragaje ubushobozi bwayo muri Kristo, hamwe yamuzura
mu bapfuye, ikamuvyagiza iburyo bwayo ahantu ho mw’ijuru, imushize hejuru cane
y’ubukuru bwose n’ububasha bwose n’ubwami bwose n’izina ryose rivugwa, si
mur’iki gihe gusa, ariko no mu kizoza. Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi
y’ibirenge vyiwe, kand’imuha ishengero ngw’abe umutwe waryo wo gusumba vyose …”
(Abanyefeso 1:20-22).
Naragize isubiramwo ry’iyo murongo yose kugira nibutse ikibanza ca Yesu
mw’ishengero ryiwe – ni umutwe kandi afise ububasha bwose, ubushobozi bwose,
n’ingaji. Biratahurika neza ? Ntabubasha buri kw’isi canke mw’ijuru bwoza
busumba ubw’Umwami Yesu. Ku ntango y’itegeko rikuru dusanga muri Matayo 28:18,
Yesu aravuga ati: « Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. »
N’Imana idutegeka kwumvira Yesu. Aho Yesu, Petero na Yohana baduga umusozi,
babona Yesu aca ibibatsi, bumvise ijwi ry’Imana riva mw’ijuru rivuga riti, «
Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara, ni mumwumve. » (Matayo 17:5, Mariko 9:7
na Luka 9:35) Hari izindi Bibiliya zivuga : « ni mumutege amatwi ». Bibiliya
yitwa « Les Zodiaques » ivuga yuko « gutega umuntu amatwi » ari ukwumviriza
muntu n’umutima wawe wose (ubikunze kandi wumvira…) Turatahura rero yukw’Imana
yagomba kw’ao bigishwa : « batega amatwi Yesu n’umutima wabo wose kandi
bakamwumvira » Ivyo bihuriza hamwe n’ibindi vyanditswe vyo mw’Isezerano Rishasha.
Mbega Yesu yari yiteze kw’abigishwa biwe bamwumvira ? Ego cane. Yarababajije ati
: « Kandi munyitira iki ‘Mwami’, ‘Mwami ’ ; ntimukore ivyo mvuga ? » (Luka
6:46). Na bugingo b’ubu har’abantu bavugako Yesu ar’Umwami wabo kandi
batamwubaha.
Hari ikindi gituma kidasanzwe gituma twizera kandi twumvira Umwami Yesu. Yesu
yarakunda kuvuga yukw’ivyo akora n’ivyo avuga vyose, ar’ivyo Se wo mw’ijuru
yamutegetse. Muri Yohana 12:49-50, Yesu avuga ati, « Kukw’ivyo ntabivuze
mvyigeneye, ariko Data yantumye ni We yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye
gusigura. Kandi ndazi yukw’ivyo yageze ar’ubugingo budashira. Nukw’ivyo mvuga,
mbivuga nk’uko Data yambariye. » Soma Yohana 3:34, 8:28, 14:10, 14:24 na 14:31.
Ntibitangaje kubona Imana yaradutegetse kumwumviriza no kumwumvira.
Kubera yukw’ari Data yabwiye Yesu ivy’avuga n’uburyo abivugamwo, turashobora
gutahura icatumye Yesu ashingira amajambo yiwe intahe ikurikira: « ijuru n’isi
bizorangira arikw’amajambo yanje nta co azoba » (Matayo 24:35, Mariko 13:31 na
Luka 21:33). Har’ahandi Yesu ati, « amajambo mbabwiye ni mpwemu n’ubugingo » (Yohana
6:63). N’intahe ya Yesu yava ku Mana.
Har’uturorero twinshi Yesu yatanze twerekana agaciro amajambo yiwe afise : «
Umuntu weese aza aho ndi, akumva amajambo yanje, akayakora, ndaberaka ukw’asa.
Asa n’umuntu yubaka inzu, yimvye hasi cane, akubaka itanguriro ku rutare : maze
umugezi wuzuye usurira kur’iyo nzu ntiwashobora kuyinyiganyiza, kuko yubatswe
neza. Arik’uwumva, ntabikore, asa n’umuntu yubatse inzu kw’ivu, atimvye
itanguriro : maz’umugezi uyisurirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw’iyo nzu
kwabaye ugukomeye cane » (Luka 6:47-49. Usome na Matayo 7:24-27).
Intumwa za Yesu zaramenye kw’amajambo ya Yesu adasanzwe. Simoni Petero ni we
yavuze ati, « Tuje kwa nde ga Mugenzi ? Kw’ari wewe ufise amajambo y’ubugingo
budashira » (Yohana 6:68).
Twabonye kw’ivyo Yesu yavuga n’ivyo yakora yabitumwa na Se. Mu yandi majambo,
ivyo yavuga n’ivyo yakora vyose ni bwo bugombe bw’Imana. Ivyo ni vyo agakiza
kenenako. Yesu ati,
« Umuntu wese amvumereza, ati ‘Mwami, Mwami ; si we azokwinjira mu bwami bwo
mw’ijuru, atar’ uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba » (Matayo 7:21).
Agakiza kenena ku mategeko agenga ivyo gukizwa. Kugira umuntu ashobore kwinjira
mu bwami bwo mw’ijuru ategerezwa gukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba. Bisigura
kw’agakiza kenena k’ugukora ubugombe bw’Imana – iryo ni itegeko umuntu wese
agomba kw’injira mu bwami bw’Imana ategerezwa kwitondera. Intumwa Yohana
aravyemeza muri 1 Yohana 2:17 : « Kand’isi iriko irashirana n’ivyifuzo vyayo,
arik’uwukora ivy’Imana igomba yamaho ibihe bidashira. » Yohana yemeza kw’abazoja
mw’ijuru arabakora ubugombe bw’iyo mw’ijuru; yemeza kw’abakora ubugombe bw’Imana
ari bo bafise ubugingo budashira.
Mbega hari abitondera ivyagezwe vya Kristo mu mashengero y’iki gihe? Ni bake
cane. Abarongozi benshi b’amashengero bakunda kuvumereza ngo, ‘Mwami, Mwami,’
ariko ntibakore ubugombe bw’Imana – ntibihutira kwumvira inyigisho n’ivyagezwe
vya Yesu. Ntidushobora kwinjira mu bwami bw’Imana shiti dukoze ubugombe bwayo.
Ni vyo agakiza kenenako. Vuga uti : Ntidushobora gukizwa shiti dukoze ubugombe
bw’Imana. Imana igomba kw’abakristo bo mw’Isezerano Rishasha bitondera inyigisho
n’ivyagezwe vya Kristo. Imana igomba kw’Ishengero ryayo rigira abigishwa «
rikabigisha kwitondera ivyo Yesu yabageze » (Matayo 28:20).
Mur’iki gihe, abantu benshi mw’ishengero bameze nk’abagirira isoni amajambo ya
Yesu. Abo bantu biyumvira kw’amajambo ya Yesu afise akanenge, kw’adashobora
kubashikana ku migambi n’ubuhinga bwabo bwo gushikira abatarakizwa. Abo ntibazi
ko Yesu adahinduka. Uko yar’ari ejo, n’uyu musi ni kw’akiri, ni kw’azokwamaho
ibihe bidashira (Abaheburayo 13:8). Yesu yavuze ati, « Kuk’ umuntu wese bizotera
isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’iki gihe c’ubusambanyi kandi
c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’azoza afise
ubwiza bwa Se » (Mariko 8:38. Raba na Luka 9:26).
Nk’uko tumaze kubibona, Yesu aragabisha abantu, « arik’ uwungaya, ntiyemere
amajambo yanje, ari n’ ikizomutsindisha : ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha
ku musi w’iherezo » (Yohana 12:48-50).
Wabonye agaciro amajambo ya Yesu afise? Tuzotsindwa n’urubanza nitutemera
amajambo ya Yesu; amajambo yavuze ni yo azotsindisha abadashaka kwizera ibiva mu
kanwa kiwe. Amajambo ya Yesu ntaho azoja. Amajambo ya Yesu ni mpwemu n’ubugingo.
Umuntu wese yumva amajambo ya Yesu agakora ico avuga asa n’umuntu w’ubwenge
yubatse inzu yiwe ku rutare.
Isubiramwo : Umwami Yesu afise ububasha ku bintu vyose vyo mw’ijuru n’ivyo
kw’isi kandi ni we mutwe w’ishengero ryiwe. Ivyo Yesu yavuze vyose n’ivyo yakoze
vyose akiri kw’isi ni vyo Se wo mw’ijuru yamutegetse. Ivyo yakoze n’ivyo yavuze
vyose ni bwo bugombe bw’Imana. Abakora ivyo Data agomba gusa ni bo bazokwinjira
mu bwami bwo mw’ijuru.
Isezerano rya Kera na ryo ? Har’abavuga yuko hari, mw’Isezerano rya Kera,
ivyagezwe, amabwirizwa, n’amategeko abigishwa ba Yesu bategerezwa kwitondera.
Reka dusuzume ivyo abakristo bategekwa kwitondera.
Abakristo bategekwa kwitondera iki?
Ijambo ‘ivyagezwe’ rikunda gukoreshwa mw’Isezerano Rishasha mu kuvuga ivyagezwe
vyose vyo mw’Isezerano rya Kera – ivyo Mose yahawe. Ni vyo vyagezwe vy’Imana
Abayuda bari bafise mur’ico gihe. Mu gihe ca Yesu, Abayuda bari musi y’ivyagezwe
vy’Abaroma kukw’ari bo babatwara mur’ico gihe.
Mose yavugishijwe umuzo wa Mesiya aho yavuga ati, « Uhoraho Imana
azobahagurukiriza uwuvugishwa na we mu b’i wanyu ameze nka nje ; uwo muze mu
mwumvire mu vyo azobabarira vyose. Kandi umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa
n’Imana, azorandurwa mu bantu » (Ivyakozwe 3:22-23). Petero yasubiyemwo ayo
majambo Mose yavuzee kuri Yesu. Avuga ko Mose yategetse Abayuda kwumvira Yesu,
atari ukumwumviriza gusa.
Igitabo co gusubira mu vyagezwe ni co kitwereka neza amabwirizwa Imana yahaye
Mose – ivyagezwe vy’Abayuda. Turavye amajambo Mose yabwiye Abisirayeli aho
yabaha ivyo vyagezwe, ni ho dutahura abo vyega. Reka dusuzume amajambo
yakoresheje :
“None rero, yemwe Bisirayeli, ni mwumvirize amabwirizwa n’amateka ashinzwe
mbigisha. Muvyitondere, kugira ngo mubone kubaho, mwinjire igihugu Uhoraho Imana
ya ba sogokuruza yabahaye. Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo
mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu
mbagera” (Gusubira mu Vyagezwe 4:1-2).
“Ibi ni vyo vyagezwe n’amateka ashinzwe, Uhoraho Imana yanyu yangeze kubigisha,
kugira ngo muze muvyitondere mushitse mu gihugu mugiye kujabukiramwo ngo
mucegukire ; ngo mwubahe Uhoraho Imana yanyu, mwitondere amabwirizwa yiwe yose
n’ivyagezwe vyiwe vyose, ivyo mbagera, mwe n’abana banyu, imisi yose yo kubaho
kwanyu, kugira ngo mubone kuramba (Gusubira mu Vyagezwe 6:1-2).
Mbega Mose yabwira bande ? Yabwira Isirayeli mu gukoresha akajambo ‘mu’ -
Isirayeli. Maze yongerako abana babo, abuzukuru babo, n’urunganwe rwose
rw’Abisirayeli uko bazogenda bagiranira imigenderanire n’Imana mu kwitondera
ivyagezwe vyayo.
Mbega Imana yabwiye Abisirayeli kwigisha ivyo vyagezwe ababanyi babo b’intakebwa?
Oya, ahubwo yategetse Abisirayeli kwica intakebwa zose bazosanga i Kanani,
kugira ntazize zibandukize ugusenga ibigirwamana. Soma Gusubira mu Vyagezwe
7:16.
Ivyo vyagezwe vyabwirwa Abisirayeli bo mur’ico gihe n’urunganwee rwose
ruzokurikira. Imana yategetse ibikurikira:
“Ayo mabwirizwa mbageze uyu musi musi, azohore mu mitima yanyu : muze mugire
umwete wo kuyigisha abana banyu. Muze muyahoze mu kanywa iyo mwicaye mu nzu,
n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse. Muze
muyahambire ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe,
abe hagati y’amaso yanyu. Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku
bikingi vy’amarembo” (Gusubira mu Vyagezwe 6:6-8).
Ivyo vyagezwe vyari ivy’Abisirayeli n’uryuvyaro rwabo gusa. Urunganwe rwose
rwakubitirwa kwigisha abana babo ivyo vyagezwe. Mur’ivyo vyagezwe, ni ho Imana
ibabwira ivy’migisha n’imivumo:
“Raba uyu musi mbashize imbere umugisha n’umuvumo : – uwo mugisha muzowuhabwa ni
mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, ivyo mbagera uno musi, uwo muvumo
muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakikama mugata
inzira mbagera uyu musi, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya” (Gusubira
mu Vyagezwe 11:26-28).
Imana yaragize ico ivuga ku nyambukira zizobagendera mur’ico gihugu. Yategetse
Abisirayeli gukunda inyambukira kuko nabw’ubwabo bigeze kuba inyambukira muri
Egiputa. Raba Gusubira mu Vyagezwe 10:19. N’aho nyene, inyambukira ntizategekwa
kwitondera ivyo vyagezwe. Ah’Imana yabuza Abisirayeli kurya ibitumvye, yavuze
ati, "ariko mushobora kugiha uwo mu nyambukira aba i wanyu, akaba ari we akirya,
canke mushobora kukigurisha n’umunyamahanga, ariko mweho mur’ihanga ryera
ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu” (Gusubira mu Vyagezwe 14:21).
Ivyagezwe vya Mose vyahawe Abisirayei gusa; ni bo bategerezwa kuvyitondera.
Ntawabatumwye kubibwira intekebwa (kiretse intakebwa zemeye kwinjira mw’idini
ry’Abayuda Yesu ataraza). Ivyagezwe vyagenewe ihanga rya Isirayeli gusa.
Imana yahaye Aburahumu icagezwe co gukeba abahungu nk’ikimenyetso c’isezerano
igiriye Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, kera cane itaraha Abisirayeli ivyagezwe.
Reka tubirabe :
Imana itakw’ibarira Aburahamu iti: “ Na we, uzushitse isezerano ryanje, wewe
n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw’ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda
bikurikirana. Iri ni ryo sezerano ryanje muzokwama mushitsa, riri hagati yanje
namwe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma. Uwumaze imisi umunani avutse az’akebwe,
izinamuhungu wese, ikw’ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana,
ar’uwuvukiye mu rugo rwawe, ar’uwo waguze n’umunyamahanga amahera, atakomotse mu
ruvyaro rwawe.
... kandi ni hagira izinamuhungu atakebwe ku munwa w’ico yambariye, azorandurswe
mu bwako bwabo : kukw’azoba yishe isezerano ryanje” (Itanguriro 17:9-12, 14).
Paulo yigishije Abigalatiya ati: “Mumenye rero yukw’abishimiye ukwizera ari bob
ana ba Aburahamu. Kandi ivyanditswe vyabimenye bitaraba yukw’Imana
izotsindanishiriza abanyamahanga kubw’ukwizera, bibarira Aburahamu ubutumwa
bw’ibitaraba, biti : ‘Muri wewe ni ho amahanga yose azoherwa umugisha’” (Ab’i
Galatiya 3:7-8).
Umuntu adasomye neza arashobora kwiyumvira yuko na bugingo n’ubu izinamuhungu
wese akomoka kuri Aburahamu ategerezwa gukebwa. Paulo yabwiye Abigalatiya yuko
n’intakebwa zizera zicika " abana ba Aburahamu". Bisigura rero yuko n’intakebwa
zizeye zitegerezwa gukebwa. Si vyo na gato.
Paulo yongera kwigisha ab’i Korinto ati, "Mbega har’umuntu yahamagawe yarakebwe
? Ntagacike nk’uwutakebwe. Har’umuntu yahamagawe atakebwe ? Ntagakebwe. Gukebwa
nta co kumaze, no kudakebwa nta co kumaze, arikw’ikigira ico kimaze
n’ukwitondera ivyagezwe n’Imana" (1 Ab’i Korinto 7:18-19). Paulo yakoresheje
amajambo akomeye aho yakankamira ab’i Galatiya:
“Umve, jewe Paulo ndababwira yuko ni mwakebwa, Kristo ata co azobamarira . . .
kuko muri Kristo Yesu, ar’ugukebwa, ar’ukudakebwa, bitagira ikimazi, ikigira
ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo” (Ab’i Galatiya 5:2, 6).
Ubwo Paulo ntiyari yataye umutwe? Kw’Imana yabwiye Aburahamu n’uruvyaro rwiwe
rwose ko bategerezwa gukebwa. Uwiyumvira ivyo azoba atatahuye iyo mirongo.
Gukebwa car’ikimenyetso c’isezerano hagati y’Imana na Aburahamu hamwe n’uruvyaro
rwiwe rwose. S’ikimenyetso c’isezerano hagati y’Imana n’abazokwizera Umwami Yesu
Kristo – canke abana ba Aburahamu. Abana ba Aburahamu ni abizera Kristo nk’uko
Aburahamu yizeye Imana abiharurwako ukugororoka.
Yesu yavuze kw’atazanywe no gukuraho ivyagezwe cank’ivyavugishijwe : "Ntimugire
ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje
kubisenyura, naje kubishitsa" (Matayo 5:17). Yongera kw’ati, "Ndababwire ukuri,
gushitsa aho ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa
bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoherahezwa" (Matayo 5:18). (“Guheraheza”
= “Gusozera.”) Wabonye akajambo gahereza Matayo 5:18 ? Yesu yemeza kw’ata kintu
na kimwe kizokurwa ku vyagezwe gushika aho vyose bizosozerwa.
Har’abavuga kw’ivyagezwe vyose vyaherahejwe imbere y’urupfu rwa Yesu ku musaraba
aho yavuga ko, "Vyose birangiye." (Yohana 19:30). Iryo jambo risigura ahubwo
yukw’ata kimazi c’ivyaha kizosubira gutangwa. Yesu yashikije igikorwa ciwe co
gucungura kuko yar’umwagazi w’Imana ukur abantu ibicumuro. Niko Paulo yavyumva
aho yandika mu Baroma yuko "Kristo ari we ivyagezwe bishikirako ..." (Abaroma
10:4). Bibiliya y’icongereza yitwa NIV ivuga ko ijambo "gushitsa" (telos)
rishobora gusigura (1) "gukuraho", "guhagarika", canke (2) "gushikira intumbero,"
"gusozera", canke "kurangiza" kandi kw’iryo jambo rya nyuma ari ryo ryiza cane.
Mu yindi Bibiliya y’icongereza yitwa ‘The Amplified Bible’ handitse ngo:
“Kuko ivyagezwe bigarukira kuri Kristo – we birangiriramwo, kuko vyashiriweho
gushikana abantu kuri Kristo, ari we iherezo – bisigura ko muri we ari ho
intumbero y’ivyagezwe ishikwa ko – kugira atsindanishirize abazomwizera bose,
bakaguma muri we” (Abaroma 10:4, The Amplified Bible).
Ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera vyosozerewe muri Kristo kandi bigarukira
kuri we nyene. Ivyagezwe si vyo biyobora abizera bo mw’Isezerano Rishasha. Paulo
avuga ati, “. . . kuko mutakinganzwa n’ivyagezwe . . .” (Abaroma 6:14).
Kugira yemeze ubugira kandi kw’abakristo bo mw’Isezerano Rishasha batikiganzwa
n’ivyagezwe, Paulo avuga ko Yesu yasozereye ivyagezwe mu gupfa ku musaraba:
Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika
co hagati cadutandukanya, ubwansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bwo
vya vyagezwe birimwo amabwirizwa ava mu vyashinzwe, kugira ngo muri we ya
macakubiri ayarememwo umuntu umwe musha, ngw’azane amahoro artyo, kandi ngw’ayo
macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n’Imana umusaraba,
awicishije bwa bwansi (Abanyefeso 2:14-16).
Turabonye rero ingene ivyagezwe vyosozerewe no gukurwaho. Igihe Yesu yaza
gushitsa ivyagezwe, yarayabisozereye birahera kugira ngo abizera babe umwe na we
bakurweko bwa buremere bw’ivyagezwe vyo mw’Isezerano Rishasha.
Har’abavuga ko hakuwe avyashinzwe gusa. Ariko ivyanditswe bivuga « ivyagezwe
n’ivyashinzwe vyose. »
Abaziririza umusi w’isabato bigisha yuko ya mabwirizwa cumi atari mu vyo Yesu
yashikije. Bavuga kw’ayo mabwirizwa ashingiye ku migenderanire hagati yabantu.
Ariko reka turabe umurongo ukurikira:
Ni yo yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha, yamara s’abakozi
b’ivyandikishijwe inyuguti, ariko n’ab’impwemu : kukw’ivyandikishijwe inyugutu
vyicisha, arikw’impwemu ihesha ubugingo. Yamar’ubwo bugabuzi bwandikishjijwe
inyuguti zikorogoshowe mu mabuye waganzwa n’urufu... (2 Ab’i Korinto 3:6-7).
Turazi yuko vya vyagezwe cumi Mosi yahabwa vyari bikorogoshowe mu mab. Nta kindi
cagezwe na kimwe Imana yigeze yandika ku bisata vya mabuye. Ivyagezwe bivugwa
ngaho rero bitegerezwa kuba ari ya mabwirizwa cumi. Paulo avuga kw’ari vyo
vyagezwe vyakuweho, avyita « ubusuku bw’ivyandikishijwe inyuguti. » Amabwirizwa
cumi ari « mu vyagezwe » Paulo yariko aravuga. Ariko nk’uko tumaze kubibona
kandi tugiye kubibona twikurikiranya, nta muntu yizera Kristo ashobora
kwitondera ivyagezwe vya Mose – Yesu yarabikurishijeho umubiri wiwe.
Ayo majambo nyene ni yo Paulo yabwiye ab’i Kolosayi: « Imana … ihanaguye n’icete
kitwagiriza, kirimw’amabwirizwa caduhama, igikura hagati yacu na yo, ikibamba ku
musaraba » (Ab’i Kolosayi 2:14). Ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera,
n’ivyashinzwe vyavyo vyarasozerewe, vyaraheze maze bibambwa ku musaraba.
Tuvuze kw’ata mukristo akiri musi y’ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera ntituba
tuvuze kw’Isezerano rya Kera ataco rimariye abakristo bo mw’Isezerano rya Kera.
Har’ibintu bitari bike bituma dutegerezwa kwiga ivyanditswe mw’Isezerano rya
Kera.
Ubwa mbere, har’ivyavugishijwe kuri Yesu Kristo birenga amajana mw’Isezerano rya
Kera. Imvo nyamukuru ituma dukurikira Yesu ni uko yashikije ivyavugishijwe kuri
we mu vyagezwe no mu vyabavugishijwe n’Imana. Ni we gusa yashoboye gushitsa
ivyavugishijwe kuri Mesiya Abayuda basezeraniwe. Yesu yarabishikije vyose,
ukuyemwo ivyo azoshitsa ku muzo wiwe wa kabiri.
Ubwa kabiri, Isezerano rya Kera ritwigisha ibintu vyinshi ku Mana. Ritwereka
ivy’Imana ikora, ububasha bwayo, ubushobozi bwayo rikatubwira n’amazina yayo.
Ritwigisha ingene ubushobozi bwayo buteye ubwoba, ingene yaremye isi
n’ibiyirimwo, ingene yitwararika ivyo yaremye n’ingene ikuza abubaha izina ryayo,
abiyizigira, abiyisenga, abayikunda n’abayumvira. Ivyo vyose birashobora
kutubako kukw’Imana idahinduka. Soma Abaheburayo 13:8.
Ubwa gatatu, Isezerano rya Kera ritwereka ingene Imana yitwararika abantu bayo,
ingene ibahana n’ingene ibakangira igihe cose bayivuyeko bagakurikira
ibigirwamana, ingene ibahezagira, ibazigama kand’ibarwanirira igihe bayizigiye
nk’Imana yabo. Mu cite candikiwe Abaheburayo, umwanditsi akura uturorero
kw’Isezerano rya Kera mu kwerekana ubugarariji bw’Abisirayeli bamaze kuva mu
gihugu ca Egiputa; ni co catumye Imana ibankira kwinjira mu uruhukiro bwayo –
Kanani, igihugu c’isezerano. Umwanditsi avuga aduhanura kugira ngo, « tugire
umwete wo gushika mur’ubwo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye
icitegerezo ca ba bandi co kutumvira Imana » (Abaheburayo 4:11). Petero aravuga
icatumye tubwira inkuru z’i Sodomu n’i Gomora dusanga mw’Isezerano rya Kera : «
kand’ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora, ko yabiciriyekw’iteka ryo gukomvomvorwa
ikabigira umunyota, ikabishiraho kuba akabarore k’abazogenda batubaha Imana" (2
Petero 2:6).
Ubwa kane, Isezerano rya Kera riduha ibishingantahe vy’abantu babayeho kugira
bidutere intege mu buzima bwacu bwo kugendana n’Imana. Turabona inkuru za Enoke
yagendanye n’Imana mu buryo budasanzwe, gushika aho Imana imurerurira mu bicu
kugira ntaze yumve ingoyi z’urupfu. Dusanga mu nkuru za Nowa akarorero keza ko
kwihangana imyaka 120 aho yabaza ubwato nk’ukw’Imana yabimutegetse. N’aho
yashinyaguriwe n’abantu bo murunganwe rwiwe rubi, yarabandanije arikiza be
n’umuryango wiwe igihe umwuzure watera abo kw'isi. Yosefu yabaye umwizigirwa ku
Mana, imugira kuba uwa kabiri mu bubasha mu gihugu ca Egiputa; Imana
yaramukoresheje akiza umuryango wiwe n’igihugu coce c’ Egiputa igihe amapfa
yatera abo kw’isi. Daniyeli yarubashe Imana ayisenga yo nsa ubuzima bwiwe bwose;
ico ni co catumye atererwa mu rwobo rw’ingwe ariko ntizagira ico zimugira, maze
akoreshwa n’Imana mu buryo budasanzwe mu ntwaro zikurikiranya. Shaduraka,
Meshaki na Abedinego ni icitegerezo ciza ku bantu bifuza kuguma ku Mana hagati
y’ibigeragezo vyinshi n’abantu b’intabarirwa. Imana yagaragaje ubushobozi bwayo
mu gukiza abo bantu itanure ryaka umuriro. Ibishingantahe vy’abagabo n’abagore
babaye abizigirwa canke batabaye abizigirwa bitwigisha ingene twoguma twumvira
inyigisho n’ivyagezwe vy’Umwami wacu Yesu.
N’aho har’ibintu vyinshi dushobora kwiga mw’Isezerano rya Kera, ivyo vyagezwe,
amabwirizwa n’ivyashinzwe dusangamwo ntidutegerezwa kubikurikiza. Paulo yaratiye
ab’i Galatiya basutswe ngo binjire mw’idini ry’Abayuda kandi bitondere ivyagezwe,
amabwirizwa n’imico y’abayuda itegeka abantu gukebwa. Abo banyedini b’abayuda
biyita Abakristo ariko bategeka abakristo b’intakebwa kwitondera ivyagezwe
vy’Abayuda. Mbega kwoba ur’ukudahuza gutoya mu vyo bizera? Cank’ukudahuza
ivyiyumviro, vyiza canke bibi ? Oya namba.
Paulo yarigushobora kubahanura. Ariko we yavyise « ubundi butumwa – s’uko
har’ubundi butumwa » (Ab’i Galatiya 1:6-7). Yarahambariye ubukwiza ubwo butumwa
bubi, « nihagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo mwemeye, arakavumwa.
» (Ab’i Galatiya 1:9).
Yesu yatuzaniye Isezerano Rishasha; Isezerano rya Kera ryaraheze. « … Ni co
gituma aba umuhuza, ahesha isezerano risha, kugira ngw’abahamagawe bahabwe
umwandu udashira w’isezerano…” (Abaheburayo 9:15). Ikimenyetso c’isezerano rya
kera, Gukebwa, si co kimenyetso c’isezerano risha. Ahubwo Paulo yababwiye ko
gusubira mu vy’ivyagezwe vyigisha nko gukebwa ar’ukwihakana Yesu Kristo – Kristo
nta ca yoba amaze. Vyasa n’aho amajambo ya Yesu, ukwitanga kwiwe ku musaraba
bidahagije – ni co gituma brondera ivyo bongera ko.
Imbere yuko Yesu aza, Imana yavugiye muri Yeremiya iti, « Eh’imisi igira ize, ni
jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango w’Abisirayeli
n’umuryango wa Yuda, ridahwanye n’isezerano nasezeranye ba sogokuruza, ku musi
nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Egiputa, kuko batagumye mw’isezerano
ryanje, nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho mbivuze » (Abaheburayo 8:8-9,
amajambo yo muri Yeremiya 31:31-32).
Igihe Yesu yasangira Pasika ya nyuma n’abigishwa biwe, yarafashe igikombe (igikombe
c’amaraso yahongewe ivyaha vyacu), agihereza abigishwa biwe aravuga, « at’iki
gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye » (Luka 22:20).
Ikimenyetso c’isezerano risha s’ugukebwa, nk’uko vyahora mw’Isezerano rya Kera,
ariko ni ic’abakristo bita ingaburo yera – aho basangira umutsima n’umuvinyu (cank’ibigereranywa
n’umuvinyu) bibuka umubiri n’amaraso ya Yesu yasesetse kubw’ivyaha vy’abantu,
rimwe rizima (Abaheburayo 9:26, 28; 10:10, 1 Petero 3:18).
Erega s’isezerano ryahindutse gusa, n’ubusuku bwarahindutse. Imana yavuze
ibikurikira kuri Yesu : « Ur’umuherezi ibihe bidashira, mu buryo bwa
Melikisedeki » (Abaheburayo 7:17, amajambo ya Zaburi 110 :4). Uwanditsi
ashishikara avuga uhereye ku vy’ivyagezwe vya kera ugashitsa kuvy’ubusuku bwa
Yesu:
Nuko rer’icagezwe ca mbere ca kuweho kubw’inkomezi nke zaco n’ikimazi gike, (kukw’ivyagezwe
bitigeze kugira ico bihingura rwose) hasubizwah’ivyizigiro bikiruta, biduhesha
kwegera Imana. Kand’ivyo ntivyabaye hatari h’indahiro. Abalewi bo bahawe
ubuherezi ata ndahiro, arikw’iyabubahaye yararahiye, imubwiye : « it’Uhoraho
ararahiye, ntazokwicuza, » at’ « Ur’Umuherezi ibihe bidashira. » Uko ni ko Yesu
yabaye umwishinzi w’isezerano riruta rya rindi. (Abaheburayo 7:18-22).
Imana yagize ibintu vyose kuba bisha icishirije muri Yesu. Yesu – umuherezi
mukuru mushasha wo mu buryo bwa Melekisedeki – niwe mwinshinzi w’isezerano risha.
Iryo sezerano si rishasha gusa, riruta rimwe rya mbere:
Ariko none igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk’ukw’ar’umuhuza
w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivyasezeranywe biruta ivy’iryabo (Abaheburayo
8:6).
Nimba Imana yarahinduye isezerano n’ubuherezi, mbega har’ikindi yahinduye?
Ego cane. Imana yarahinduye ivyagezwe. Abaheburayo 7:12 havuga ngo: «
Iy’ubuherezi buhindutse, ivyagezwe ntibibura guhinduka na vyo. »
Vy’ukuri har’ivyagezwe bishasha. Mu b’i Galatiya 6:2 Paulo yise isezerano risha
“ivyagezwe vya Kristo.” Ivyo n’ivyagezwe n’inyigisho za Yesu, zimwe yategeka
abigishwa biwe kwigisha umwigishwa mushasha wese, « … mubigishe kwitondera ivyo
nabageze vyose » (Matayo 28:20).
Paulo agereranya ivyagezwe vy’Imana n’ivyagezwe vya Kristo:
Ku bataganzwa n’ivyagezwe, nabaye nk’uwutaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke
abaganzwa n’ivyagezwe (1 Ab’i Korinto 9:21).
Paulo yabwiye ab’i Galatiya: « mwakirane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na
Kristo » (Ab’i Galatiya 6:2). Paulo yongera kuvuga ati, « Ijambo rya Kristo ribe
muri mwebwe rigwiriye, ririmwo ubwenge bwose, mwigishanye, muhanurane, muririmba
zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya mpwemu, muririmbire Imana mu mitima
yanyu » (Ab’i Kolosayi 3:16). Mw’Isezerano Rishasha, ivyagezwe vya Kristo ni vyo
bishimangirwa cane.
Yesu ntasaba kw’abamwizera bumwumvira, ahubwo yarategetse kw’abamwizera vy’ukuri
– bamukunda – bakamwumvira. Yavuze ati, « ni mwankunda muzo kwitondera ivyagezwe
vyanje » (Yohana 14:15). N’ubu kandi, tubona hashimangiwe ukwumvira ivyagezwe
vya Kristo. Ntaho bitandukaniye na 1 Yohana 5:3 : kuko gukunda Imana ari
ukwumvira ivyagezwe vyayo.
Petero yongerako avuga kw’abizera bahamagariwe kwumvira. Mu ntasho ziwe, yise
aboyandikiye abatoranijwe n’Imana, « batoranirijwe ukweza kwa Mpwemu
nk’ukw’Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo bumvire Imana,
bacucagiriwe amaraso ya Yesu Kristo » (1 Petero 1:2). Petero, yatumwe ku Bayuda,
ntiyavuze kw’abakristo bategerezwa kwumvira ivyagezwe vya Mose. Oya,
batoranirijwe « kwumvira ivyagezwe vya Yesu Kristo. »
Yesu yaratubwiye aho ubushobozi bwiwe bukomoka. « Uwo Imana yatumye ni we avuga
amajambo y’Imana » (Yohana 3:34). Yavuze ati, « Nta co nshobora gukora nigeneye
; uko numvise ni ko nca urubanza ; kand’urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera
ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba » (Yohana 5:30).
Kuvyerekeye intumbero afise, Yesu yavuze ati : « Kuko ntakuwe mw’ijuru no gukora
ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye agomba » (Yohana 6:38).
Muri Yohana 8:54-55, Yesu avuga ati : « Uwumpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo
n’Imana yanyu, yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ninavuga ngo
sindamuzi, nzoba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi nitondera ivyagezwe
vyiwe. »
Yesu yarerekanye aho akura inyigisho ziwe: « Aho muzomanikira Umwana w’umuntu,
ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw’ata co nkora nigeneye. Uko Data yanyigishije
ni ko mbivuga » (Yohana 8:28) ... « Kand’uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize
jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara » (Yohana 8:29).
Yesu yaremeje kw’ivyo yigisha n’ivyo yategeka abantu gukora vyava ku Mana:
Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw’ata co
nkora nigeneye. Uko Data yanyigishije ni ko mbivuga » (Yohana 8:28) « Kukw’ivyo
ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga
n’ivyo nkwiye gusigura . . . n’ukw’ivyo mvuga, mbivuga nk’uko Data yambariye » (Yohana
12:49-50).
« Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe ? Amajambo mbabwira
s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe » (Yohana
14:10).
« Kand’ijambo mwumva s’iryanje, ariko ni irya Data ya ntumye » (Yohana 14:24).
« Ariko n’ukugira ab’isi bamenye ko nkunda Data, kand’uko Data yangeze kw’ari ko
nkora » (Yohana 14:31).
Ijambo ryose Yesu yavuze n’ikintu cose yakoze vyar’ubugombe bw’Imana kukw’ari
Imana yamutegeka kubikora. Buri nyigisho, buri tegeko, buri gitangaza, vyose
vyakozwe na Yesu kuko yabitegetswe na Se. Ivyo Yesu yakoze vyose n’ivyo yavuze
vyose bwari ubugombe bw’Imana.
Yesu yabwiye abigishwa biwe yukw’abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba ari bo
bakwinjira mu bwami bw’Imana. Yari gushobora kuvuga ati, « abumvira ivyo
ndabigisha n’ivyo ndabagera ni bo bazokwinjira mu bwami bw’ijuru. Ni ubugombe
bw’Imana n’itegeko rya Yesu ko tugira abigishwa. Yaravuze ati : « mubigishe
kwitondera ivyo nabageze » (Matayo 28:20).
Muzokwinjira gute mur’ubwo bwami, ga bigisha n’abungere, nimba mudashaka
kwigisha no gukora ivyo Yesu yabageze? Mweho ga bashingantahe b’ishengero,
kw’Imana ibategeka kuragira intama zayo mu mpwemu?
Igice Ca 3
UBUGARARIJI NYEZINA
Yesu yaravuze kw’abakora ubugombe bw’Imana ari bo bazokwinjira mu bwami bw’ijuru.
Agakiza gashoboka iyo umuntu akoze ubugombe bw’Imana. Woca wibaza uti : « Mbega
ubugombe bw’Imana ni iki? »
Turamaze kumenya inyishu y’ico kibazo, ubugombe bw’Imana ni ijambo ryose Yesu
yigishije n’ikintu cose Yesu yadutegetse gukora – ni inyigisho ziwe n’ivyagezwe
vyiwe. Ubugarariji bwo mw’ishengero ry’Imana bushingiye kuri ka gatima
k’abungere, abigisha n’abandi barongozi gatuma banka canke batitaho kwumvira
ivyo Yesu yabageze nk’uko vyanditswe muri Matayo 28:19-20 :
« Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya
Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo
nabageze vyose. »
Imana ishaka, nk’uko Yesu abitegeka, kw’ishengero ryayo rigira abigishwa mu
kwigisha abizera bashasha kwumvira ibintu vyose Yesu yabageze. Mbega abungere
n’abigisha babikora mu mashengero yabo ni bangahe ? Ni bakeya cane. Ndamaze
kubaza abungere, incuro zitari nke, nti : « Mukora iki kugira mushobore kwigisha
imikuku yanyu kwitondera inyigisho n’ivyagezwe vya Yesu? » Kenshi, nta jambo
baronka ryo kwishura ico kibazo. Abungere benshi nta co bakora. Uramenya ko Yesu
avuga neza yukw’abakora ubugombe bw’Imana ari bo bazokwinjira mu bwami bw’ijuru
kandi inyigisho n’ivyagezwe vya Kristo ni bwo bugombe bw’Imana. Itegeko rya Yesu
ryo kwigisha abakristo bashasha kwitondera ivyo yatugeze ni bwo bugombe bw’Imana.
Mbega abungere n’abigisha biyumvira ko bazi vyinshi gusumba Kristo
bakiyigishiriza ivyo bagomba batitwararika ivy’umutwe w’ishengero utegeka? Mbega
s’abashumba babi?
Ko haheze imyaka 2000 Yesu yarahaye ishengero ryiwe iryo tegeko, hategerezwa
kuba ibitabo n’inyigisho zitari nke zifasha abantu : « kwitondera ivyo Yesu yatu
vyose ». Ariko siko bimeze. Ubushakashatsi bwagizwe kuri Internet kubijanye
n’inzandiko zigisha ivyagezwe vya Kristo bwerekanye kw’inyigisho za Bibiliya–
www.bereanpublishers.com |Inyigisho za Bibiliya | Inyigisho n’Amabwirizwa ya
Yesu - arizo ziza ubwa mbere. Hari ho amajambo cank’imigani ya Yesu, ariko nta
cigwa gikwiye kuri mwo. Ariko sinashoboye gusoma impapuro umuliyoni n’igice
zivuga ivya Yesu.
Umwami Yesu ubwiwe ni we yabwiye abigishwa biwe kugira abigishwa. Ntiyatubwiye
kuja kugira abanyedini, n’aho ari vyo amadini menshi agira. Amashengero menshi
yingingira abantu « kwizera Kristo gusa ». ari kw’ivyo si vyo Yesu yatugeze.
Ubwo ni ubugarariji.
Igitabo citwa Wikipédia gisobanura « umwigishwa » mu vy’ubukristo ugukurikira:
Umwigishwa ni umuntu akurikira kandi yemera inyigisho z’umurongozi wiwe,
cank’umwigisha wiwe, cank’ uwo wese afise ico amwigisha: Uyo ni we mwigishwa wa
Yesu Kristo.
Mbega ni kuki dutegerezwa kugira abigishwa ? Yesu yavuze ati, « umwigishwa
biramubereye kumera nk’umwigisha wiwe, n’umushumba nka shebuja » (Matayo 10:25).
Muri Luka 6:40, Yesu avuga ati, « umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe,
arik’umwigishwa wese arangije azomera nk’umwigisha wiwe. »
Mbeg’uwo mwigisha ariko aravuga ni nde ? Muri Matayo 23:10, Yesu avuga ati : «
Kandi ntimukiyite umuranzi, kuk’umuranzi wanyu ar’umwe, ari Kristo. » Yesu
yavuze k’umwigishwa wese arangije azosa n’umwigisha wiwe - nka Yesu. Mbega ni
ngombwa ? Intumwa Yohana ivuga kw’ari vyo. Muri 1 Yohana 2:6, Yohana avuga ati,
« Uwuvuga kw’ahora muri we, akwiye na we kugenda nk’uk’uwo agenda. » Mu Baroma
8:29, Paulo avuga yukw’aho ari ho agakiza kenena igihe yavuga ati, « Kukw’abo
yamenye kera, yabatoranije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira
ngw’abe imfura muri bene Se benshi. » Neza cane, har’icagezwe Imana yashiriyeho
abo yatoranije kera: bategerezwa gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo.
Dushobora gute kwigisha abantu no kubashikana k’ugushushanywa n’ishusho ya Yesu
? Yesu arabitwigisha – dutegerezwa kubigisha kwitondera inyigishisho ziwe
n’amategeko yiwe. Yesu ubwiwe yaritondeye ayo mategeko adutegeka kwitondera. Uko
dushishikara kwitondera ivyo yatugeze, ni ko turushiriza gushushanywa na We –
ivyo ni vyo dutegerezwa gukora nimba tugomba gushushanywa na Yesu, dutegerezwa
kugenda uko yagenze tugakora ivyo yakoze. Igihe twitondeye inyigisho n’ivyagezwe
vya Kristo ni ho tuba turiko turakora ubugombe bw’Imana – ivyo ni vyo tubwirizwa
gukora nimba tugomba kuzokwinjira mu bwami bw’Imana.
Ivyo ni vyo agakiza kenenako. Har’itegeko Imana yashiriyeho abagomba gukizwa
bose : bategerezwa gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, ari we Mwami Yesu.
Mbega ikintu nyamukuru kiranga Yesu ni ikihe ? Yumvira Se muri vyose, yavuga
agakora ivyo Se yamutegeka gusa. Natwe, nk’uko nyene, dutegerezwa gukora
ubogombe bwa Data no gushushanywa n’ishusho ya Kristo kugira dushobora kwinjira
mu bwami bwo mw’ijuru – ni kwo kwiga no kwitondera inyigisho n’ivyagezwe vya
Yesu.
Dufatiye kur’ivyo bintu bibiri gusa agakiza kenenako, turashobora kuvuga yuko
har’amasinzi y’abantu batazokwinjira mw’ijuru kandi bitwa abakristo
kukw’abarongozi n’abigishwa babo bagararije Umwami Yesu, ntibigisha abantu
ivyagezwe vya Kristo ngo bavyitondere. Vyongeye, kubera yukw’ayo masinzi
y’abantu atigishijwe kwitondera inyigisho n’ivyagezwe vya Kristo, ntibazoshobora
kumenya ubugombe bw’Imana canke ngo binjire mu bwami bwo mw’ijuru.
Nitwibaze ibibazo bikurikira. Mbega ko Paulo atwigisha, « Ba ari mwebwe
mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebwe mwiraba » (2 Ab’i
Korinto 13:5), ishengero ryawe ryoba ryigisha kwitondera ivyo Yesu yatugeze?
Woba warigishijwe kwitondera inyigisho n’ivyagezwe vya Kristo ? Woba umaze
gufata ingingo yo kuvyitondera ? Woba usa n’ishusho rya Yesu ? Woba ukora
ubugombe bw’Imana mu kwitondera ivyo Yesu yagishije n’ivyo yatugeze ?
Mbega s’ibara kubona ubo kijijwe bateshwa agakiza n’abungere, n’abigisha,
cank’abarongozi babo. Arikw’abirondereye ku giti cabo kumenya ukuri kw’ijambo
ry’Imana kandi bafashe ingingo yo kwumvira Umwami Yesu no gukora ubugombe
bw’Imana, ni bo bazokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru.
Inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu ni yo atwigisha uko twoba mur’ubu bwami bushasha
– aho Yesu Kristo ari we Mwami. Iyo duhisemwo kuba abigishwa ba Yesu tukemera
kumwumvira, ni ho tuba ivyaremwe bishasha tugashobora kuba mur’ubwo bwami (Yohana
14:15-17; hamwe n’Ivyakozwe n’intumwa 5:32) n’Imana ikaba Data (Yohana 1:12-13;
hamwe na Matayo 23:9). Aho tuba tubaye ba kavantara mur’iyi si. Jewe
n’umushingantahe Dar turatahura neza ico ivyo bisigura. Igihe twashika mu gihugu
citwa Nouvelle-Zélande, twari ba kavantara mur’ico gihugu. Aho twahabwa ubwene
gihugu ntitwari tucitwa ba kavantara. Nk’uko nyene, umuntu wese atizera Yesu ni
uw’iyi si. Igihe twizera Umwami Yesu ni ho tuba abenegihugu mu bwami bwiwe na
kavantara mw’isi. Petero ni we abivuga neza muri 1 Petero 2:11 : « Abo nkunda,
ndabinginga, ko mur’inyambukira n’ingezi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya
ubugingo. » Mu Baheburayo 11 dusanga mwo abantu babeshejweho n’ukwizera. Mu
Baheburayo 11:13 handitswe ngo : « Abo bose bapfuye bacizeye … bakemera kw’ari
kavantara n’ingenzi kw’isi. »
Har’abavuga kw’Imana idutegeka gukunda iyi si no kwiryohera n’ivy’iyi si turimwo.
Mbega nikw’ijambo ry’Imana rivuga ? Yakobo atanga inyishu ikurikira, « Yemwe
basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ukwankana n’Imana ? N’uk’umuntu wese
agomba gucudika n’isi aba yigize umwansi w’Imana » (Yakobo 4:4). Intumwa Yohana
yongera kw’ivuga iti, « Ntimugakunde isi cank’ibiri mw’isi. Umuntu niyakunda isi,
ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we » (1 Yohana 2:15).
Yohana aratubwira igituma tudakwiriye gukunda isi : « kukw’ikiri mw’isi cose
ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubwibone bw’ubu bugingo,
bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw’isi. Kand’isi iriko
irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’uwukora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira
» (1 Yohana 2:16-17).
Mwungere, mwigisha, wigisha iki ishengero ryawe ? Mbega witwararika gute agakiza
k’abantu Imana yakuragije ? Mbega amajambo C. H. Spurgeon yavuze haraheze imyaka
100 yoba akubwira iki ?
"... Mur’iki gihe cacu, nta tandukaniro riri hagati y’ivyigishirizwa mu ngoro
z’abagatolika n’ivyigishirizwa mu ngoro z’abakizwa, kukw’ata nyigisho zitsinda
canke zirwanya ubwibone bw’abantu zihavugirwa. Usanga n’abakizwa bigisha
ivy’idini zabo gusa. Mbere n’ivyigishwa mu bitabo vyinshi vy’abiyita abakristo,
usanga ari shano ribi. Abavyandika ntibagishobora gutandukanya ukuri n’ibinyoma;
aho simvuze ivyo twigisha; twemeza k’umuntu akijijwe adashobora kwihenda canke
gukosha. »
"... Ese iyo tuba tugifise ba bavugabutumwa b’ahitwa Ecosse. Abo bavugabutumwa
baranyiganyije abami; ntibakora ngo banezereze abantu; bar’intwari koko, aho
baca hose, bavuga ngo, « Ndafise iganuke ry’Uhoraho, nta muntu nshobora gutinya,
ic’Imana imbwira ni co mvuga. » bavuga nk’umukozi w’Imana Hoseya, « Ndahiye
uguhoraho kw’Imana yanje, nzovuga ivy’Imana igomba gusa. »
Har’abakozi b’Imana bama inyuma y’umukozi w’Imana yitwa Bill Hybel arongoye
ishengero ryotwa: Willow Creek Church cank’uwitwa Rick Warren arongoye ishengero
ryitwa: Saddleback Community Church kugira babigishe ubuhinga bugezweho
bubashoboza kugira ishengero amahero, bakibagira gushitsa ic’Imana yabashiriye
ho mw’ishengero.
Ntidushobora kuguma ku bakozi b’Imana bagarariza Umwami wabo kuko banse «
kwitondera ivyo yatugeze. » nimba ur’umwungere, umwigisha, cank’umurongozi
mw’ishengero ry’Imana, ndakwinginze wishure ikibazo gikurikira : Woba ugira
abigishwa ukabigisha kwitondera ivyo Yesu yatugeze vyose? Kubera iki none?
Urashobora kwiyumvira ko ndiko ndacoza abungere, abigisha cank’abarongozi
b’amashengero. Namba na gato. Ndiko ndasubiramwo gusa ivy’umwami Yesu yigishije
n’ivyo yadutegetse gukora. Woba uzi ayo mabwirizwa ? Ukaba uyuza, ni kuki
utayakora ? Mbega ntiwibuka ko Yesu yavuze ati, « Munyitira iki Mwami, Mwami,
ntimukore ivyo mvuga? » (Luka 6:46).
Yesu yaravuze umugani w’umukozi mwiza n’uwimbura-kimazi, ariko bompi bari
abakozi b’Umwami:
« None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge shebuja yosigarana abo mu rugo
rwiwe. Ngw’abagaburire igihe kigeze? Hahirwa umushumba shebuja agarutse azosanga
agira artyo. Ndababwira ukuri yukw’azomuha kugaba ivy’afise vyose.
Arik’umushumba mubi niyibwira mu mutima, ati ‘Databuja aracatevye :
maz’agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa’,
shebuja w’uyo mushumba azoza ku musi atamwitweze no mu gihe atazi : azomucamwo
kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya : ni ho hazoba amarira no kuryanya
insya z’amenyo » (Matayo 24:45-51).
Mur’uyu mugani, umushumba mubi n’umushumba w’umwizigirwa barahawe, umwe wese,
kuyobora abandi bakozi. Umushumba w’umwizigirwa yahawe ingero nziza n’umwami
wiwe kuko yagaburiye abakozi igihe kigeze.
Arik’umukozi mubi yaradendebukiwe ntiyakora ivyo shebuja yamutegetse gukora.
Ahubwo yaciye atangura gukubita abakozi, aborerwa kandi asangira n’imborerwa.
Yesu avuga kw’igihe shebuja yagarutse, yaciye umucamwo kubiri amuha umugabane
wiwe n’indyarya, ahozoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. Igihano uyo
mushumba mubi yahawe kiruta ibindi vyose Yesu yigeze kuvuga mu yindi migani
cank’inyigisho ziwe. Ngw’ « azomucamwo kubiri. »
Mbega har’isano uwo mushumba mubi afitaniye n’abungere babi, abigisha
n’abarongozi b’amashengero bahisemwo kugarariza Umwami Yesu n’ijambo ryiwe?
Cank’umukozi mwiza ntagereranywa n’abungere beza, abigisha n’abarongozi
b’ishengero bagaburira imikuku yabo igihe kigeze – bakayigaburira amajambo,
inyigisho n’amabwirizwa y’Umwami wabo Yesu ?
Mwungere, mwigisha, na we murongozi w’ishengero, iki gice kirashobora
kutakwinjiramwo neza kuk’umaze guhabwa ishano n’inyigisho mbi n’idini ryawe
gushika aho udatahura ingene ubugarariji bwawe bungana. Inyigisho mbi
zarakwiragiye hose kubera abantu batazi canke biyobagije inyigisho n’amabwirizwa
ya Yesu bakigisha kw’ata tegeko na rimwe abakristo bashobora kwitondera. Mbega
abungere, abigisha n’abandi barongozi b’amashengero bazotsindwa n’urubanza
kubera ubugarariji bwabo? Ni vyo tugiye kwihweza.
Igice Ca 4
MBEGA HAR’URUBANZA ABARONGOZI B’AMASHENGERO BAZOCIRWA?
Abungere, abigisha hamwe n’abashingantahe b’amashengero bafise igikorwa
kitoroshe. Benshi muri bo bakuriye mu mico n’imigenzo rukristo itabafasha na
gato kwubaha Yesu nk’Umwami wabo. Amashure ya Bibiliya abungere benshi baciyemwo
ntiyabigishije ubukuru bwa Yesu cank’ico bisigura kuba – umushumba mwiza wo
kwizigirwa yumvira azi kandi yitondera inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu.
Har’abungere batazi yukw’abantu bose batumvira ar’abakozi babi mu nyonga z’Imana.
Naho bigoye gutahura, ufatiye ku majambo nakoresheje mur’iki gitabo,
ndakumenyesheje k’urukundo mfitiye abungere b’amashengero rudaseswa. Benshi mur
ibo ni abagenzi n’aho dufise ibintu tudahurizako mu vyo twizera. Abenshi muri bo
bananijwe n’amabanga menshi bafise gushika aho badashobora kuronka akanya ko
gusoma no kwiga ijambo ry’Imana canke gusenga nk’uko biri mu banyeshengero
benshi.
Naho bimeze gurtyo, ivyo bituma ntibifadika. Usanga abungere ari abantu baciye
mu mashure ya Bibiliya aho bize ijambo ry’Imana mu ndimi ryanditswemwo zose.
Iryo bakwe ni ryo rizobatsinda kuko bamenye ukuri, mur’uko kwiga ijambo ry’Imana,
ariko ntibakugumbira kubw’imvo zibavuyeko canke zivuye ku mashengero bakoreramwo.
Ni co gituma benshi barahira bakarengwa ngo Yesu s’ Umwami. Nta ho batandukaniye
na SAtani. Ni akaga kubona har’abarongozi b’amashengero bakingira ikibaba abantu
nk’abo mu gishingo co kubahagurukira kugira Umwami wabo ari we yamamara gusa.
N’aho wofatira k’umurongo umwe gusa wa Bibiliya urashobora kuvuga udakekeranya
iherezo ry’abarongozi benshi b’amashengero. Uramenya kw’abungere n’abigisha
bazocirwa iziruta iz’abandi (Yakobo 3:1). Ni co gituma umukristo ategerezwa
kwumviriza no kwumvira umwungere cank’umwigisha wiwe igihe ahagaze mw’ijambo
ry’Imana gusa. Kanatsinda, abungere benshi berekana ko batahura cane ijambo
ry’Imana kuko bazi cane ikigiriki n’igiheburayo.
Haraheze imyaka cumi n’itanu nitegereza ingene abakristo bakoresha cane ijambo
Umwami kuri Yesu ariko ntibagire umwete mu kwigisha ico iryo jambo risigura mu
buzima bw’umukristo, canke k’umuntu ategerezwa kwemera Yesu nk’Umwani wiwe
kugira aronke agakiza.
Yesu yavuze ko ni tutizera uwo ari we, tuzopfa mu vyaha vyacu (Yohana 8:24).
Yesu ni nde? Yivugiye ati : « Munyita ‘Mwigisha’ na ‘Shobuja’, kandi mubivuga ko,
kukw’ari ko ndi » (Yohana 13:13).
Tuvuze ko Yesu ari « Umwami », tuba tuvuze kw’ari Umwami w’abami n’Uwuganza
abaganza (Ivyahishuriwe 19:16), kw’ari we afise ubushobozi bwose kw’isi no
mw’ijuru (Matayo 28:18). Ico umuntu wese ategerezwa kugira imbere y’Umwami Yesu,
ni ukumwumvira. Ntivyumvikana kuvuga ko Yesu ar’Umwami wawe, igihe utamwumvira.
Umwami Yesu agomba kw’abigishwa biwe bose bamwumvira cane-cane abasigura
n’abigisha mw’izina ryiwe.
Mbega Yesu yagomba kw’abigishwa biwe bamwumvira? Neza cane. Muri Luka 6:46, Yesu
yavuze ati, « Kandi munyitira iki ‘Mwami’, ‘Mwami’ ; ntimukore ivyo mvuga? »
n’igihe Yesu yar’akiri kw’isi, har’abantu bahimbarirwa kumwita Umwami ariko
batagomba kumwizera nk’Umwami w’ubugingo bwabo.
Mbega kwumvira Yesu nk’Umwami wawe ni ho agakiza kenena ? Ego cane.
Reka dusubire muri Matayo 7:21 aho Yesu avuga ati, « Umuntu wese amvumereza ati
‘Mwami’, ‘Mwami’ si we azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru ; atari uwukora ivyo
Data wo mw’ijuru agomba. » Har’abungere bavumereza Yesu nk’Umwami wabo, ariko
ntibazokwinjira mw’ijuru, gushika aho bazohitamwo gukora ivyo Data wo mw’ijuru
agomba.
Mbega Imana igoma iki ku bakristo bo mw’Isezerano Rishasha ? Yesu yavuze kw’ivyo
yavuga n’ivyo yakora vyose yabitegekwa na Se wo mw’ijuru (Yohana 8:28, 12:49-50,
14:10, 14:24, 14:31). Bisigura kw’ivyo Yesu yavuze n’ivyo yakoze vyose ari bwo
bugombe bw’Imana. Biratangaje kubona Yesu ar’isoko ry’agakiza k’abamwumvira?
(Soma Abaheburayo 5:9.)
Ngomba ndabereke irindi tegeko ryUmwami Yesu ryasubiriwe n’imigenzo y’idini.
N’itegeko Yesu yahaye abigishwa biwe. Muri Matayo 28:19-20, Yesu yavuze ati : «
Nuko ni mugenge, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data
wa twese, n’iry’Umwana, n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo nabageze
vyose. »
Har’amabwirizwa n’amategeko atari make Yesu yaduhaye – har’ibice 382 mu nyigisho
za Bibiliya nateguye ku nyigisho n’amabwirizwa ya Yesu. N’amajambo Yesu yavuze
abitegetswe na Se. Buri nyigisho n’itegeko ni bwo bugombe bw’Imana. Igice ca
Matayo 7:21 cemeza kw’ata muntu n’umwe ashobora kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru
adakoze ivy’Imana igomba.
Umuntu wese yinjiye mw’ishengero yategerezwa kumenyeshwa inyigisho n’amabwirizwa
ya Yesu maze akayumvira. Kandi inyigisho n’amabwirizwa yiwe yose ategerezwa
kwigishwa canke gusigurwa neza. Niko bimeze mu mashengero ya none? Woba
ur’umwungere cank’umwigisha? Ivyo urabikora ? Mbega ni vyo wisunga mu vyo
wigisha vyose nk’uko tubitegekwa na Yesu ? Waruzi yukw’abantu bose batazi canke
batubaha amabwirizwa ya Yesu batazoja mw’ijuru?
Ukaba ur’umunyeshengero asanzwe, woba warigishijwe inyigisho n’amabwirizwa ya
Yesu ? Woba uzi amabwirizwa ya Yesu kugira ngo ushobore kumugomorera ivyiyumviro
vyose ? (Soma 2 Ab’i Korinto 10:5.) N’aho utoba uravyigishwa mw’ishengero ryawe,
utegerezwa kumenya ukwo kuri ukakugendera. Ni vyo dusanga mu bitabo bini
vy’injili. Inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu atwigisha ingene dutegerezwa kwigenza
mu bwami bwa Yesu, kugira dushobore kuba mu bwami bwo mw’ijuru. Iyo ni yo nkuru
nziza – iduhishurira ubugombe bw’Imana, tubishobojwe na Yesu yaduhuje n’Imana
yongera aduha icete kitwinjiza mw’ijuru. Soma Ab’i Kolosayi 1:21-23.
Mbega bizogenda gute ko hari abantu batamwumvira kuko batigishijwe ? Paulo avuga
mu 2 Ab’i Tesalonika 1:8-9 : « hagati mu muriro waka, yishure guhora abatamenye
Imana n’abatumvira ubutumwa bwiza bw’Umwami wacu Yesu. Bazohanwa ni kwo guhona
kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bwiza bw’ubushobozi bwiwe … »
Nta gufyina kand’ingaruka zavyo ni iz’ibihe bidashira.
None ko har’abungere n’abigisha banka n’ibigirankana kwigisha amasho yabo
kwitondera ivyo Yesu yatugeze ? Uwuzi ciza ntagikore abiharurwakw’icaha.
Ivyanditswe mu Baheburayo 10:26 birahagije kugira ngw’imitima y’abanka (cank’abirengagiza
itegeko ryo) kwumvira amabwirizwa ya Yesu ikanguke: « Kuko namba dukora ivyaha
n’ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri, ntihaba hagisigaye
ikimazi c’ivyaha, ariko haba hasigaye kwitegana ubwoba gucirwakw’iteka, no
kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana. » Kwanka canke kwirengagiza
kugira abigishwa ni icaha, « ni mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose » (Matayo
28:20).
Abungere benshi bakunda kwihutira kuvuga « kw’atari abagarariji »
Guharira ntaho vyogushikana. Ico gufasha ni uko womenya ico Imana ikwiyumvira ko.
Matayo 7:22-23 iravyerura: « benshi bazombwira bati, ' Mwami, Mwami,
ntitwavugishijwe mw’izina ryawe? Ntitwirukanye abadayimoni mw’izina ryawe? Kandi
ntitwagize ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe? Ni ho nzobajinjibura nti: 'sinigeze
ndabamenya, ni mumvireho mwabakora ibizira mwe!
Mbega Yesu yoba arikw avuga abungere n’abarongozi b’amashengero ? Uko bimeze
kwose, abo bantu bari bafise amavuta adasanzwe; baravugishwa n’Imana, barasenda
abadayimoni bagakora ibitangaza vyinshi. Mbega vyaratumye Umwami Yesu abemera ?
Oya, ahubwo yavuze kw’atigeze abamenya kuko bakora ibizira (abayobe).
Mbega har’umwungere cank’umwigisha yovuga kw’atazi amabwirizwa ya Yesu ?
Batsindwa n’uko bayazi ariko ntibaruhe bigisha imikuku yabo kuyumvira nk’uko
Yesu yabitegetse abigishwa biwe? Wumva batandukaniye he n’abavugwa mu Baheburayo
10:26 ?
Abungere b’iki gihe batandukaniye he n’Abafarisayo n’Abanyabwenge b’ivyanditswe
bo mu gihe ca Yesu? Yesu Jésus les avertis : « Muzobona ibara, mwebwe
abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu
kiyaga no ku misozi ngo muhindure n’umwe abe uw’idini yanyu, iy’ahindutse,
mutuma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu. » Abafarisayo barusha abandi
bose gukunda ivyagezwe – vya Mose. Yesu yabise abana ba Gehinomu bo n’abigishwa
babo.
Mbega uko kwoba ar’ukunegura abungere b’amashengero? Abigisha inyigisho
z’ibinyoma n’abatumvira inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu nabo?
Uwitwa Roger Oakland yanditse mu gitabo ciwe : « Uruganda rwo guhanahana
ivyiyumviro », yanditse yisunga ivyabereye mur’urwo ruganda rwitiriwe :
ivyiyumviro bishasha vyo kwigarurira isi, rwabaye itariki 17 gushika itariki 19
Nzero 2008, rwateguwe n’uwitwa Erwin Mc Manus hamwe na Robert Schuller. Ivyo
mwobisanga kuri : www.understandthetimes.org. Roger avuga yukw’abigishije bose
bemeje k’ubukristo butegerezwa kwiyumvirwa no gutunganywa bushasha nimba twifuza
kw’izina rya Yesu Kristo rishishikara kwamamara mur’iki kinjana ca 21. Roger
avuga yuko Robert Schuller yaciye ku masonga ivyo yaranguye mu gushimikira ku
barongozi bakomakomeye yagiye arafasha muri kahise, nk’umwungere Bill Hybels
ayobora umuhari w’imboneza z’ahitwa Willow Creek, nka musenyeri Charles Blake
w’ishengero ry’Imana muri Kristo (Church of God in Christ) rifise imiriyoni
zitandatu z’abanywanyi, nka Rick Warren yanditse Ishengero rifise intego hamwe
n’ubuzima bufise intego (Purpose Driven Church et Purpose Driven Life).
Yesu ni we yavuze ku bizoba ati : « Arik’Umwana w’umuntu ni yaza, mbega azosanga
ukwizera mw’isi ? » (Luka 18:8). Uk’ushishikara gusoma ivyabaye mur’urwo ruganda
rwo guhanahana ivyiyumviro no kubice bikurikira, nik’ugenda utahura yuk’ukwizera
gukiza gufise bake.
Yesu avuga ati : « N’ukuri, n’ukuri ndababwire : umushumba ntaruta shebuja,
kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye. Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni
mwabikora » (Yohana 13:16-17). Mbega nta bungere barengera Umwami ? Nimba
abungere ari abakozi b’ubutumwa bwiza, ni kuki har’abagerageza kuhinyanyura
ubutumwa bwiza bakabuvugisha ivyo biyumvira n’ivyo bashaka?
N’aho Yesu yavuze ati : « Ndababwire ukuri, uwutazokwakira ubwami bw’Imana
nk’umwana muto, ntazobwinjiramwo na gatoya » (Mariko 10:15), har’abarongozi
benshi b’amashengero bamamaza ubutumwa bw’ibinyoma ataco binona, nk’aho umengo
bafise ubumenyi busumba ubw’Umwami Yesu. Barahinyanyuye ubutumwa bwiza gushika
aho « bishingira ubwabo. »
Reka turabe ico kizira c’ubuyobe mw’ishengero.
Igice Ca 5
KUGARARIZA ITEGEKO RYA KRISTO
Tuvuye muri Nouvelle-Zélande, jewe na Dar twaciye dushikira mw’ishengero rinini
riri ahitwa Scottsdale, muri Arizona. Buno nyene twaciye tubona ko muri ya myaka
itandatu twamaze muri Nouvelle-Zélande hari ihinduka rinini ryabaye mu nyigisho
zitangirwa mur’iryo shengero. Tutaraja muri Nouvelle-Zélande, nari nsanzwe nzi
yuk’umwungere w’iryo shengero yizera inyigisho mbi zivuga k’umuntu akijijwe
adashobora gutakaza agakiza, n’aho atabivugira hejuru. Tuganutse, ku wamungu
umwe, tuza twumva umwungere mukuru abwira abari bakoraniye ngaho kw’ataho
agakiza kabo gahuriye n’ivyo bakora. Ca kizira c’ubuyobe cari kimaze gushinga
imizi mw’ishengero no mu nyigisho zihatangirwa.
Nk’uko tuzobibona, ca kizira c’ubuyobe caramamaye kandi kiramaze kugira n’abana
mw’ishengero ry’Imana – izo ni inyigisho z’ibinyoma zizotuma amasinzi y’abantu
ataja mw’ijuru, agaherera mu muriro. Tuzobana zimwe mu nyigisho z’ibinyoma
ziharawe muri kino gihe.
Ikizira c’ubuyobe n’iki ? Gisobanurwa n’amajambo abiri yo mu kigiriki, « anti »
na « nomos ». Anti ni igihushane. Nomos ni amabwirizwa, ubutegetsi, ivyagezwe,
ingeso cank’imico. Dushize hamwe ayo majambo abiri dusanga ari: akajagari;
umuntu atagira ico yibanga, umugarariji, uwukora ibizira cank’umurwanyi.
Inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu ni yo adutoza indero. Paulo yayise « icagezwe ca
Kristo. » (Soma 1 Ab’i Korinto 9:21 hamwe n’Ab’i Galatiya 6:2.) Inyigisho
n’amabwirizwa menshi ya Yesu ni yo agakiza kenenako, bisigura ngo, kugira umuntu
ashobore kuronka agakiza, ategerezwa kwitondera, canke kuzibukira ivyo bintu.
Biragaragara yukw’abakora ibizira badashobora kuvuga canke kwemera ayo
mabwirizwa. Kuko bigisha yukw’ayo mabwirizwa ya Yesu atabwirwa ab’iki gihe, ko
yabwirwa Abayuda gusa, canke kw’ab’iki gihe bari mu gihe c’ubuntu gusa,
batakiganzwa n’ivyagezwe.
Irwirirana ry’abo bakora ibizira ryerekana yukw’abarongozi benshi b’amashengero,
abungere n’abigisha, batazi canke birengagiza inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu.
Ivyo bizera n’aho bisa bisana n’amategeko ya Yesu. None wumva bokwiruhiriza iki
bigisha inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu? Canke ngo bigishe abigishwa babo
kwitondera inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu ? Ahubwo, babigisha yuko bakijijwe ku
buntu kandi kw’ata sano riri hagati y’ivyo bakora n’agakiza bakiriye.
Igihe nabibwira umwungere yigisha mw’ishule rya Bibiliya ry’ahitwa Pasadena,
muri Californie, yanyishuye ati : « Ugomba kuvuga yuko witondera inyigisho
n’amabwirizwa ya Yesu ? » Ndavuga nti : « Ego cane » Na we arasubira ati, « ivyo
vyabwirwa Abayahudi gusa, s’ivy’Abanyamahanga » Nanje nti : « Ndakwingize usome
rya tegeko rikuru rya Yesu », ridutegeka kugira amahanga yose abigishwa,
s’Abayahudi gusa, tubigisha kwitondera ivyo Yesu yatugeze. » Wa mwungere
ntiyagira ico yishura.
Ijambo ikizira c’ubuyobe rikoreshwa mu bice bitari bike mu vyanditswe vyera. Ni
ryo ryasobanuwe « abakora ibizira », « abagabitanya », « ababi » cank’ «
intabarirwa » muri Bibiliya y’Ikirundi. Ni ryo Yesu yakoresheje muri Matayo 7:23
: « Nta ho nigize mbamenya ; mviraho, mwa bakora ibizira mwe »
Uyo murongo urateye ubwoba kuko werekana ibizoba kuri wa musi w’iherezo.
Har’abazobwira Yesu bati, « Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw’izina ryawe,
ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina
ryawe? » Abo bantu biyumvira ko bar’agahambaye kuko bavugishwa, basenda
abadayimoni, canke kuko bakora ibitangaza vyinshi. Ivyo ni vyo vyabemeza ko
bakijijwe kandi ko bazoja mw’ijuru, naho shwi. Ni kuki batsinzwe n’urubanza ?
Yesu araduha inyishu muri Matayo 7:21 : « Umuntu wese amvumereza, ati ‘Mwami,
Mwami,’ si we azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ivyo Data wo
mw’ijuru agomba. » turamaze kubona yukw’ivyo Yesu yigishije n’ivyo yategetse
vyose ari bwo bugombe bw’Imana. Abo biyumvira « kw’ar’agahambaye » kuko
batakiganzwa n’icagezwe na kimwe kuko bari mu gihe c’ubuntu, bazoherukira ivyo
bitangaza no gusenda abadayimoni gusa. Uko bashishikara kwigisha abanywanyi babo
ivyo binyoma ni ko bamamaza ca kizira c’ubuyobe.
Mu gitabo ciwe, Inzira zijana mu Bushobozi (Paths to Power), A.W. Tozer avuga
kw’ikizira c’ubuyobe ari « we mwansi kama w’ivy’ukugororoka yigaruruye abakristo
ba kino gihe. Icivugo ciwe ni iki : twakijijwe ku buntu gusa; ivyo dukora ntaco
bisa bisana n’agakiza twakiriye; kugira ingeso nziza kwoba ar’ukwiyumvira ko
dushobora gukizwa kubw’ibikorwa dukora ; ni co gituma ingeso nziza ataco zimaze
; igihe cose tuzoba dushinzwe neza mu kwizera, ingeso nziza ni ubusa. Bavuga
yukw’ivyaha vyacu vyahongewe ku musaraba; ngw’ingeso nziza ntaho zihuriye
n’ukwizera kandi ntizishobora gutsindanishiriza uwizera imbere y’Imana yiwe.
Ivyo ni vyo vyizerwa vy’abakora ibizira.
« Izo nyigisho ni wo muswa wariye urufatiro ngenderwako rw’ubukristo bwizera
n’amadini menshi akazitiranya n’ukuri kuva ku Mana. Ubwo buyobe ni inyigisho
zigisha ukutariko ivy’ubuntu bw’Imana. Bugoreka inyigisho z’ugutsindanishirizwa
n’Imana bukazisubiriza n’ibinyoma. »
Umukozi w’Imana Tozer avuga yuko kwemera ico kizira c’ubuyobe ar’ukugira
ukwizera kutagira ibikorwa. Kuvyerekeye amateka y’Imana, Bibiliya ntivuga gusa
ku vyizerwa. Mu Vyahishuriwe 20:12-13, Yohana avuga ivyo yabonye ku vy’amateka
azobera imbere ya ya ntebe y’inganji yera: « mbona abapfuye, abahambaye
n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe ; ibitabo birazingurwa. Kand’ikindi
gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza
z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze, zikwiranye n’ivyo
bakoze. Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’ikuzimu bigarukana
abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivyo umuntu wese yakoze. »
Ku vy’ibihe vy’iherezo, Yesu yavuze ati, « Kuk’Umwana w’umuntu azohava aza afise
ubwiza bwa Se, azananye n’abamarayika biwe ; ni ho azoca yishura umuntu wese
ibikwiranye n’ivyo yakoze » (Matayo 16:27). Vyongeye, yaravuze ati, « Ehe ndaza
vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze »
(Ivyahishuriwe Yohana 22:12).
Paulo na we yarabivuze mu Baroma 2:5-6 : « ariko kuk’ufise umutima ukomantaye
utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’amateka abereye
y’Imana azohishurwa, izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze. » mu
Baroma 14:12, Paulo yanditse ati: « Nuko rero umuntu wese muri twebwe azobazwa
n’Imana ivyo yakoze. » Yongera kwandikira ab’i Korinto ati : « Kuko twese
tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu
wese ahabwe ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi » (2 Kor.
5:10).
Turabona yukw’ivyo vyose bitandukanye n’ivyigishwa n’abakora ibizira, si vyo ?
Ntituzocirwa imanza hisunzwe ivyo twizeye, tuzozicibwa hisunzww ivyo twakoze.
Har’ivyanditswe vyinshi vyemeza ivyo duhejeje gusoma. Yesu avuga, muri Yohana
15:1-2, ati : « Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo. Ishami ryose
ryo muri jewe ritama, arikuraho ; kand’iryama ryose ararituturira, ngo
rirushirize kwama. » Uyo murongo uratwemeza yukw’abakora ibizira bose bacacurwa
bakurwe mu bwami bw’Imana kuko batama ivyamwa.
Umugani w’impene n’intama Yesu yaciye muri Matayo 25:31-46 uravyemeza. Uvuga
ivy’amateka. Yesu yavuze ati : « Arik’Umwana w’umuntu aho azozira afise ubwiza
bwiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubwiza.
Amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura nk’uk’umwungere
arobanura intama mu mpene. Intama azoziherereza i buryo bwiwe, impene na zo i
bumoso. »
Yesu aratwereka ingene urubanza ruzocirwa. Avuga ati : « maz’Umwami azobwira
abari i buryo bwiwe : ' Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubwami mwateguriwe,
uhereye ku kuremwa kw’isi. Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa
ico nnywa, nar’ingezi, mump’indaro; nagenda gusa, muranyambika, nari ndwaye muza
kuraba uko mmeze; nari mw’ibohero, muza kundaba.’ »
Maz’abagororotsi bazomubaza (bur’i buryo) : « ‘ bati Mwami, twakubonye ryari
ushonje, tukakugaburira, cank’ufise inyota tuguha ico kunywa? Twakubonye ryari
ur’ingenzi, tuguha indaro, cank’ugenda gusa tukakwambika? Twakubonye ryari
urwaye, cank’uri mw’ibohera, tukakuraba?’ »
Yesu aratubwira ikizokwisungwa mu guca imanza : « Umwami na we azobishura ati: '
Ndababwire ukuri, ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi,
ni jewe mwabigiriye. ' »
Kubazoba i bumoso bwiwe – ari zo mpene, azobabwira ati : « Mva i ruhande, mwa
bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe Umurwanizi n’abamarayika biwe. ' »
Yesu yongerakw’avuga kw’ata ciza bigize kumugirira, canke ngo bakigirire bamwe
muri bene Se, akarangiza avuga ati : « Abo bazoja mu gihano kidashira,
arikw’abagororotsi bazoja mu bugingo budashira. »
Kubwawe wiyumvira yukw’abatakoze iciza ari bande? Ni ba bakora ibizira bumira ku
vyo bizeye gusa ; bavuga kw’ingeso zacu nziza ataco zimaze na gato. Bishinga
kuvuga yukw’abagendera mu bikorwa vyiza (kuko bumvira Umwami) bagerageza guca
agakiza kubw’ibikorwa vyiza bakora. No ngaha nta gihinduka. Ivyo twizera si vyo
bizodukiza kuri wa musi w’amateka. Tuzocibwa imanza zikwiranye n’ivyo tuzoba
twarakoze.
Yesu yerekana yukw’ingeso zacu ari rwo rufatiro rw’imigenderanire yacu na we.
Muri Matayo 12:50, Yesu avuga ati : « Kuk’umuntu wese akora ivyo Data wo
mw’ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama. » Muri Yohana 15:14,
Yesu yongera kuvuga ati, « Mur’abakunzi banje ni mwakora ivyo mbagera. » Ivyo
dukora ni vyo vyerekana ivyo twizera vy’ukuri. Har’uwushobora kuronka agakiza
kandi atari umugenzi wa Yesu, murumunawe, mushikiwe canke nyina? Yesu avuga yuko
gukora ubugombe bw’Imana ar’ugukora ivyo yatugeze.
Abakora ibizira biyita abigishwa ba Paulo bakiyobagiza ivyo Paulo avuga ku ngeso
zacu. Mu b’i Galatiya 5:19-21, Paulo avuga ati : « Kand’ibikorwa vy’akameremere
kacu biramenyekana, n’ibi : ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga
ibigirwamana, uburozi, ubwansi, intonganya, ishari, uburake, ikeba,
kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi bene ivyo. Ivyo
nabibaburiye kera, yukw’abakora ibisi birtyo batazoragwa ubwami bw’Imana. »
Paulo aremeza neza yukw’ingeso mbi zizobuza abatari bake agakiza.
Vyongeye, mu b’i Korinto ba 1 igice ca 6:9-11, Paulo avuga ati : « Ntimuzi
yukw’abagabitanya batazobona ubwami bw’Imana? Nti muzimire : abashakanyi,
cank’abasenga ibigirwamana, cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo
bendana, cank’ibisuma, cank’abifuza, cank’imborerwa, cank’abatukana,
cank’abanyazi ntibazoragwa ubwami bw’Imana. » Wabonye kw’ibintu vyose Paulo
yadondaguye bishingiye ku ngeso? Non’abo bakora ibizira bemeza gute yukw’ingeso
cank’ibikorwa ar’ubusa? Paulo avuga yikurikiranya yukw’ingeso mbi zizotuma
abatari bake bahusha ubwami bw’Imana. Soma ab’i Kolosayi 3:5-8, hamwe na 1 Ab’i
Tesalonika 4:3-8.
Mu Vyahishuriwe Yohana 21:8, Yohana arasubiramwo amajambo ya Yesu : «
Arikw’ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi,
n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba
mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri. » Yesu acira imanza
abanyangeso mbi, harimwo n’abatizera. Ivyanditswe vyemeza kw’ingeso ari kirumara
kandi kw’abanyangeso mbi bazotsindwa n’urubanza.
Ivyaha bitera birwirirana. Ico kizira c’ubuyobe carigaruriye ivyizerwa bigezweho
mu bihugu vya Buraya. Reka tubice ku masonga.
Igice Ca 6
IKIZIRA C’UBUYOBE:
Umuntu Akijijwe Ntashobora Gutakaza Agakiza Kiwe
Paulo yarahishuriwe ivy’iki igihe aho yavuga: « Kukw’igihe kizoza, batazokwemera
kwumva ukwigisha kuzima ; ariko kukw’amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza,
bazokwirundaniriza abigisha bahuje n’ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi,
ngo ntibumvire ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma » (2 Timoteyo
4:3-4).
Mbega har’inyigisho ishobora gukwega abantu nko kubabwira yuko bafise ubugingo
bushira kuko bizeye gusa, n’aho batorinda guhindura ingeso zabo mbi ? Kubabwira
yuko bazokwigenza uko bashaka, ariko bagume bizera ko bariko baja mw’ijuru. Izo
ni zo nyigisho za ca kizira c’ubuyobe.
Satani we soko ry’izo nyigisho « nshasha » zivuga yuko : Iyo umuntu akijijwe,
ntazokwigera atakaza agakiza, azoguma akijijwe ibihe bidashira. Inyigisho z’ico
kizira c’ubuyobe zashiriwe abatizera canke abadohotse k’ukwizera. Zemeza
abazizera yukw’ata sano riri hagati y’agakiza bakiriye n’ivyo bakora.
Vyongeye, abizera izo nyigisho zipfuye bavuga yukw’ar’abigishwa ba Paulo.
Bisanzwe, bigisha yuko bakijijwe ku buntu gusa, kandi gukora igikorwa ciza
bigereranywa n’ukuronderera agakiza mu bikorwa. Biyumvira yuko kwumvira ataho
bitandukaniye no kuronderera agakiza mu bikorwa.
Kugira ubitahure neza, reka ndakubwire ivyavuzwe na muganga Charles Stanley,
umwe mu bizera k’umukristo adashobora gutakaza agakiza kiwe. Ni we yanditse
igitabo citwa, Waruzi yuk’Umukristo Adashobora gutakaza Agakiza? Muganga Stanley
avuga ati : « agakiza ni ingabire Imana itanga, kand’umuntu amaze kuyakira,
ntashobora kuyitakaza. »
Turamaze kubona yuko Paulo na Yesu batunze urutoke ku vyaha kanaka, baravuga
yukw’abakora bene ivyo batazokwinjira mu bwami bw’Imana kandi bazotererwa mu
kiyaga caka umuriro n’ibizuku. Ariko muganga Stanley yubahutse kuvuga yuko:
« Mu bisanzwe, ububeshi, ubusuma, ubushakanyi, ubwicanyi cank’ubujora atari vyo
bituma abantu baja mu muriro. »
Birasiga ubwenge? Ivyanditswe vyose twabonye siko bivuga. Uwandikiye Abaheburayo
avuga yuko Imana izocira imanza abashakanyi. Ibi vyanditswe ntibihishira
abiyumvira yukw’agakiza ar’ukwizera kwirebanga. Na Paulo arabivuga mu vyo
yandikiye Abanyefeso:
Arik’ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa,
mube nk’uko bibereye abera, cank’ibeteye isoni, cank’amajambo y’ubupfu,
cank’ibitwenza bibi, kukw’ivyo bitabereye ; ikibereye ni ugushima Imana.
Kukw’ibi mubizi neza, yukw’ata mushakanyi, cank’igihumane, cank’uwifuza (ni we
asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.
Ntihakagire umuntu abahendesha amajambo y’ubusa ; kukw’ivyo ari vyo bizanira
uburake bw’Imana abantu b’intabarirwa (Abanyefeso 5:3-6).
Raba ingene Paulo arangiza atugabisha. Ntihakagire umuntu abahendesha amajambo
y’ubusa. Paulo avuga yuko ivyaha – vy’ubushakanyi, ibihumanya, cank’ukwifuza –
ari vyo bizanira uburake bw’Imana abantu b’intabarirwa. Muganga Stanley ari mu
bantu Paulo yarikw’aravuga ko bahendesha abantu inyigisho z’ibinyoma. Ivyo
Muganga Stanley yigishije ni igihushanye c’ivyo dusanga mu vyanditswe.
Nimba abavuga yuko umuntu akijijwe adashobora gutakaza agakiza, Yesu yoba
yavugiye iki amajambo akurikira?
Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure : vyokubera vyiza
gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’umubiri wawe wose wotabwa muri Gehinomu. N’ukuboka
kwawe kw’i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure : vyokubera vyiza
gupfa urugingo rwawe rumwe, hak’umubiri wawe wose woja muri Gehinomu (Matayo
5:29-30).
Yesu avuga yukw’igitsitaza – ari co caha – kizanwa n’ijisho cank’ukuboko
gishobora gutuma umubiri wose uja mu muriro. Yesu avuga ko vyokubera vyiza
ucacuye canke uhimbuye urugingo rw’umubiri wawe rwohava rukujana mu muriro.
Ariko Muganga Stanley we yivuga ati:
Iyo umuntu akijijwe, ivyaha vyiwe bigahirwa, ntikiba kikimutera ubwoba. Ivyaha
vyiwe vyose bimaze guharirwa, biba birangiye. Ntiyemerewe kwicura ko yoba
ataraharirwa. Uyo muntu aba amaze gukira umuriro. [Amajambo y’umwanditsi]
Nk’uko tumaze kubibona, abizera yuk’umuntu akijijwe adashobora gutakaza agakiza,
bemeza yukw’ata kintu na kimwe umuntu ashobora gukora cotuma atakaza agakiza,
nimba yarizeye koko. Muganga Stanley yemeza kw’ata caha cotuma umuntu atakaza
agakiza, ariko si kw’ivyanditswe bivuga. Impanuro za Paulo ku Banyefeso n’Ab’i
Galatiya, zemeza yukw’ivyaha bibuza abantu kwinjira mu bwami bw’Imana. Yesu na
we yabwiye Yohana yukw’abagendera mu vyaha batazobona ubwami bw’Imana, ahubwo
bazotererwa mu muriro. Kubwa Muganga Stanley, nta canditswe na kimwe mur’ivyo
kibwirwa abizera yuko badashobora gutakaza agakiza bakiriye n’iyo bogendera mu
vyaha, kuko bizeye Yesu aharira ivyaha kand’atanga agakiza nk’ingabire y’ubuntu.
Ingorane Muganga Stanley afise n’uko yemeza kw’umuntu yihanye agaharirwa ivyaha
vyiwe, aba ahariwe n’ivyaha azokora ubuzima bwiwe bwose. Petero avuga yuko: « …
twahariwe ivyaha vyacu vya kera » gusa (2 Petero 1:9).
Muganga Stanley yaranyomoje aho yavuga ati :
« Bibiliya ivuga ivyeruye yuk’urukundo Imana ifitiye abayo ruhebuje gushika
n’aho ata muntu n’umwe yizera Imana ashobora kunyerera ave mu kiganza cayo n’aho
yoyicumurako. » Har’ahandi yavuze yuko « n’aho uwizera yodohoka ku Mana abishaka
cank’atabishaka, agakiza kiwe ntaho kaja » kandi « ... n’aho umuntu yova mu
kwizera agumana agakiza kiwe.... » [Amajambo y’umwanditsi.]
Wabonye ingene ico gice gitangura ? Muganga Stanley avuga ati, « Bibiliya ivuga
ivyeruye ... » Nta muntu ashobora kwemera iryo jambo kiretse abadafise
cank’abadasoma Bibiliya zabo. Iryo jambo ryo kwemerwa n’abatungu bizigira
abigisha babo, nka Muganga Stanley, ngo babone gukura mu mpwemu. Birababaje
kubona ingene bahendwa n’abo bizera, nka Muganga Stanley, ntibamenye
kw’ar’abagarariji imbere y’Imana n’Umwami Yesu hamwe n’amajambo n’inyigisho ziwe.
Mbega none abizera ko badashobora gutakaza agakiza n’aho bagendera mu vyaha
biyumvira iki? Ubushakanyi ni icaha? Oya namba. Ibindi vyaha navyo ? Nta ngorane?
Muganga Stanley atwigisha yuk’umuntu amaze kwakira ingabire y’agakiza, aharirwa
ivyaha vyose yakoze n’ivyo azokora vyose kandi ntashobora gutakaza agakiza.
Ntibitangaje kubona yuk’ukwahukana kwagwiriranye mu mashengero yigisha kw’ata
mukristo ashobora gutakaza agakiza n’aho yoguma mu vyaha. Birumvikana
yukw’abizera ivyo badashobora kwizera canke kwumviriza amajambo n’inyigisho za
Yesu ku vyo kwahukana, kuko bizera kw’ata caha cojana mu muriro uwizera Yesu. Ku
bwabo, gusambana si icaha. Bashishikara bavuga yukw’ivyanditswe vyose bivuga
yuk’umuntu ashobora guhusha ubwami bwo mw’ijuru no gutabwa mu muriro ataho bisa
bisana n’ivyaha vy’umuntu.
Muganga Stanley yongera kuvuga ati:
"...Imana ntidutegeka kuguma mu kwizera kugira ngw’idukize – iraba ko tuba
twarigeze kwizera gusa. » Ashishikara ati : « [Ukwizera gukiza] cank’ingabire
y’Imana tuyihabwa rimwe rizima. » Ati : « Umuntu yigeze kugira ukwizera gukiza,
aguma ar’urugingo rw’umubiri wa Kristo, n’aho atoba akigendera mur’ukwo kwizera.
»
Ariko sikw’ivyanditswe vyera bivuga. Bivuga yuko kwizera no kuguma
ur’umwizigirwa ari vyo kirumara. Kuvuga yuk’umuntu yizera rimwe gusa, akaguma
ar’urugingo rwa Kristo, n’aho atoguma mu kwizera, ni ikinyoma. Raba ivyo Paulo
yaburiye Ab’i Korinto:
Bene Data ndabamenyesha ubutumwa bwiza, ubwo nababariye, namwe mukabwakira,
kandi mukabuhagararamwo, kandi mugakizwa na bwo, asangwa mukibufashe nk’uko
nabubabwiye; shiti, mwoba mwizereye ubusa (1 Ab’i Korinto 15:1-2).
Iyo mirongo irakomeye cane. Paulo avuga yukw’Ab’i Korinto bakiriye ubutumwa
bwiza, barabuhagararamwo, kandi ni bwo bubakiza asangwa bakibufashe. Asangwa
batakibufashe nka nkama naho ? Paulo avuga yuko boba bizereye ubusa.
Ni co kimwe n’ivyo Paulo yandikiye Ab’i Kolosayi:
Namwe abari baratandukanijwe n’Imana kera mugahindurwa abansi bayo mu mitima
yanyu n’ivyo mwakoze bibi, none yabuzurije na yo mu mubiri wiwe w’umuntu
kubw’urupfu yapfuye, ngw’abashikane imbere yayo mur’abera, mudafise agasembwa,
mutagira ico mwogawa ; asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga,
mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bwavuzwe mu baremwe bose
bo musi y’ijuru, ubwo jewe Paulo nacikiye umukozi wabwo (Ab’i Kolosayi 1:21-23.
Soma na Yakobo 1:12).
Ukwo ni kwo Paulo atahura ubutumwa bwiza, yahamagariwe kuvuga. Inkuru nziza
y’ubutumwa ihagaze ngaho – asangwa – muhora mwizeye, mushinzwe neza
mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise.
Har’ibintu bitari bike Imana igomba kur’abo bose yakuye mu bwami bw’umwiza
ibimurira mu bwami bw’umuco. Bazoragwa ubwami bw’Imana, ntibazotererwa mu kiyaga
c’umuriro n’ibizuku.
Na Yesu yaravuze ku nyungu yo kwihangana: « Muzoba mwanswe na bose babahora
izina ryanje, arik’uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira » (Matayo 10:22)
maze « kuk’ubugarariji buzogwira urukundo rw’abenshi ruzotimba. Arik’uwihangana
agashitsa kw’iherezo, ni we azokira» (Matayo 24:12-13).
Muganga Stanley ati : « ... Har’umukristo nzi atagira icamwa na kimwe,
arikw’afise agakiza kuzuye » , co kimwe « n’abakristu b’isinzi batagira icamwa
na kimwe kigaragaza ubukristo bwabo. »
Ivyo Yesu arabihakana mu majambo yiwe dusanga muri Yohana 15:1-6:
« Jewe nd’Umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni we nyene wo. Ishami ryose ryo muri
jewe ritama, arikuraho ; kand’iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama....
Ni jewe muzabibu, namwe mur’amashami ; uwuguma muri jewe, nanje nka guma muri
we, uwo ni we yama cane, kukw’ataco mubasha gukora mutamfise. Umuntu n’ataguma
muri jewe atabwa nk’ukw’ishame ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma ; maze
bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha. » (Yohana 15:1-2, 5-6. Soma
na Luka 13:6-7.)
Mbega iryo shami ryaciwe ryari risanzwe riri hehe ? Ryari ku muzabibu – ari we
Yesu! Abo ni bo bantu batanguriye muri Kristo, arikw’ata camwa na kimwe bamye.
Imana ica amashami atama ivyamwa muri Kristo. None ayo mashami atama ivyamwa
aciwe aja he ? Atererwa inyuma, akuma, agatororokanywa agatererwa mu muriro,
agasha.
Aho sih’inyigisho za Yesu ku vyo kwama ivyamwa zigarukira. Muri Matayo 7:17-19,
Yesu ni we yavuze ati, « Nukw’igiti ciza cose cama ivyiza, arikw’igiti kibi cama
ibibi. Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’igiti kibi ntigishobora kwama
ivyiza. Igiti cose kitama ivyiza kiracibwa, kigatererwa mu muriro. » No ngaha
tubona yuk’uwudashaka gutererwa mu muriro, ategerezwa kwama ivyiza.
Yesu akoresha uwundi mugani ngw’ashimangire iyo nyigisho: « Kand’abacira uyu
mugani, ati habaye umuntu yar’afise umusukoni watewe mu ruzabibu rwiwe, araza
awuronderakw’insukoni arazibura. Abwira umukozi w’uruzabibu, ati : ‘Raba, none
n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’uyu musukoni, sinzibone ; uwuce :
ugasarira iki aha hantu?’
Na we aramwishura at’ : ‘Enda mugenzi, ureke uyu mwaka na wo, ndaworohereze,
ndawutabirire. Hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza, ariko n’utama uzowuca’
» (Luka 13:6-9).
No ngaha, havugwa ivyo kwama ivyamwa. Mur’uyu mugani, Imana ibwira Yesu ace
igiti kitama ivyamwa. Yesu aratakamba, asaba ko cokwongerwa uwundi mwanya,
agituturire arabe ko cokwama ivyamwa, atar’uko kize gicebwe umwaka ukurikira.
Yesu atanga inyigisho nk’iyo nyene mu mugani w’italanto (Matayo 25:14-30).
Umushumba wese yari yarahawe italanto zo kudadaza igihe shebuja yafata urugendo
aja mu gihugu ca kure. Abazidandaje bose bungutse incuro zibiri.
Uwa nyuma muri bo ariraramira. Yari yahawe italanto imwe ariko ntiyayidandaza,
arondera aho ayimbira ariyibika ngw’azoyisubize nyene yo agarutse. Mu mugani
w’umuzabibu n’amashami, amashami (abakristo) yanunuza amazi ava mu ruzabibu,
ariko ntiyama ivyamwa. Mur’iyo migani yompi, uyo mukozi mubi ntiyashoboye
gukoresha neza ingabire yahawe.
Iherezo ni rimwe mur’iyo migani yompi. Yesu abwira umukozi yakoresheje nabi
italanto yahawe: « n’uyo muntu wanje w’imburakimazi, ni mumute hanze mu mwiza,
ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo » (Matayo 25:30).
Ayo majambo yerekana akaga n’igihano cabikiwe imburakimazi zose, zidakoresha
neza ingabire zahawe n’Imana kubw’inyungu y’ubwami bw’Imana. Mbega iyo ni yo
yari intumbero ya Paulo igihe yavuga ati, « Kuko tur’ibiremwa vyayo, twaremewe
muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivy’Imana yateguye kera ngo
tubigenderemwo » (Abanyefeso 2:10) ? Ko bimeze gurtyo, kudakora ivyo bikorwa
vyiza Imana yateguye ko tugenderamwo, ni ubugarariji.
Ivyo tubisanga no mu mugani w’umubivyi (Matayo 13:3-8, Mariko 4:3-8, na Luka
8:5-8). Imbuto yatewe mw’ivu ry’ubwoko bune butandukanye. Ubwoko bumwe gusa ni
bwo bwavyaye ivyamwa. Ubwo bwoko bw’ivu ni bwo Yesu yavuze kw’ati : « Uwabibwe
mw’ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto,
umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo »
(Matayo 13:23). Umukristo nya we arihangana kandi yama imbuto nk’ukw’Imana
imutegeka gukora.
Bwa bwoko butatu bw’ivu busigaye? Tuzakwihweza bubiri gusa. Ubwa mbere nta co
tubuvugako kuko Yesu avuga kw’imbuto zaguye mu nzira zigereranywa n’umuntu yumva
ijambo, ntaritahure ; wa mubi akaza gusahura icabibwe mu mutima wiwe (Matayo
13:19). Ivu rya kabiri. Uwabibwe ku rutare, ni we yumva ijambo, akaryakirana
umunezero ; agacika umukristo mushasha. Ariko ntagira imizi muri we, ahagarara
umwanya muto ; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo,
bica bimutsitaza. (Matayo 13:20-21). Uyo ntashobora gushishikara mu gakiza. Ivu
rigira gatatu, ni uwabibwe mu mahwa. Ni we yumva iryo jambo, arik’umwitwarariko
w’ivy’isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane (Matayo
13:22).
Mur’ubwo bwoko bune bwose bw’ivu, rimwe gusa ni ryo ryabibwemwo, imbuto
irahangama, iravyara ivyamwa. Irya kabiri n’irya gatatu ryarabibwemwo – ni
abantu bumvise ijambo bararyakira – ariko ntibashobora kurigumamwo.
Ivyo vyanditswe vyose vyatweretse yuko kwama ivyamwa mu bwami bw’Imana ari
kirumara. Turashobora gutakaza agakiza iyo twirengagije cank’iyo twanse gukora
ibikorwa vyiza Imana yateguye ko tugenderamwo kuva kera cane. Ubwo ni ubundi
bwoko bw’ubugarariji ku Mana.
Muganga Stanley avuga ati, « Turazi umukristo atagira icamwa ciza na kimwe mu
buzima bwiwe bwose. Arikw’ivyo ntivyamubujije kugumana agakiza kiwe. » Mbega
ivyo har’aho wabisomye mu vyanditswe duhejeje gusoma ? mu vyanditswe VYOSE
twabonye, twasanzwe yuko kutama imbuto nziza (canke kwama imbuto zirumvye, canke
guhamba italanto wahawe), vyatumye igiti gicibwa cank’ishami ricibwa no
kujugunyirwa mu muriro, canke gutsindwa n’urubanza, nk’uko vyashikiye wa
mushumba w’imburakimazi. Utwo turorero twose twerekana yukw’abatagomba kwama
imbuto nziza bazotsindwa n’urubanza.
Abigisha yuk’umuntu akijijwe adashobora gutakaza agakiza kiwe n’aho yoguma mu
vyaha bavuga yuko ivyaha bakoze n’ivyo bazokora vyose bimaze guharirwa kuko
bizeye Kristo. Arikw’ivyanditswe bivuga ngo :
« Kandi [Yesu] amaze guhingurwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko
y’agakiza kadashira » (Abaheburayo 5:9).
Mbega Yesu ni inyanduruko y’agakiza no kubatamwumvira? Ivyanditswe vyera si ko
bivuga ? Ni vyiza gutahura yukw’ijambo « kwumvira » mu Baheburayo 5:9 risigura
gushishikara – bisigura yukw’ari abantu bashishikara kumwumvira.
Wiyumvira yuk’umuntu ashishikara kugarariza afise agakiza? Itegereze ivyo
intumwa Yohana yavuze :
Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we. Uwuvuga ngo «
ndamuzi », ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, ni umubeshi, ukuri ntikuri muri we (1
Yohana 2:3-4).
Vyongeye, irivuga « kwumvira » ryakoreshejwe mu gihe ca kubu (ibandanya),
bisigura ngo, « nitwabandanya kumwumvira ivyagezwe vyiwe. »
Reka dusubiremwo. Yesu ni we yavuze ati, « Umuntu wese amvumereza, ati : ‘Mwami,
Mwami’ ; si we azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atar’uwukora ivyo Data wo
mw’ijuru agomba » (Matayo 7:21). Yesu avuga yukw’ivyo yakoze vyose n’ivyo yavuze
vyose ari vyo Se yamugenye kuvuga no gukora (Yohana 8:28, 12:49-50, 14:10,
14:24, 14:31). Bisigura yukw’ivyo Yesu yavuze n’ivyo yakoze vyose ari bwo
bugombe bw’Imana. Wumva bitangaje abaye inyanduruko y’agakiza k’abamwumvira bose?
(Abaheburayo 5:9). Canke ko yasozereye itegeko ryiwe rikuru ategeka abigishwa
biwe kwigisha abigishwa babo kwitondera ivyo yabageze vyose? (Matayo 28:20).
Ivyanditswe vyerekana yukw’abantu bose biyumvira ko bakijijwe ariko bagendera mu
vyaha biruhiriza ubusa. N’intumwa Yohana yarabivuze:
Umuntu wese aguma muri we ntakora icaha ; … uwukora ivyaha n’uwa wa Murwanizi,
kuko uhereye ubwa mbere na mbere uwo murwanizi yamwe akora ivyaha … umuntu wese
yavyawe n’Imana ntakora ivyaha … (1 Yohana 3:6, 8, 9).
Nk’uko tumaze kubibona mu vyanditswe bitari bike, kwumvira inyigisho
n’amabwirizwa ya Yesu vyama biherekeranye n’ukwizera hamwe n’agakiza. None ko
har’abantu bagendera mu vyaha kuko bizera yukw’ata sano riri hagati y’ingeso
zabo n’agakiza bakiriye? Dusanga mu Baheburayo 10:26-27, ibi bikurikira :
Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri,
ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha, ariko haba hasigaye kwitegana ubwoba
gucirwakw’iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.
Abigisha yukw’igihe umuntu ahirwa ivyaha vyiwe aba ahariwe n’ivyaha azokora muri
kazoza kandi yuk’umuntu amaze kwakira ingabire y’agakiza adashobora kuyitakaza
ukundi, bigisha ubutumwa bw’ibinyoma buhushanye n’ivyanditswe vyera.
Turabona Petero abwira abera ingeso bategerezwa kugira vyanka vyakunda
zishigikire ukwizera kwabo. Avuga ati:
Kuk’uwutagira ivyo ari impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro
w’ivyaha vyiwe vya kera (2 Petero 1:9).
Ivyaha vya kera? Neza cane. Iyo umuntu afise ukwizera gukiza, akihana ivyaha
vyiwe, aharirwa ivyaha vyose yakoze atarakizwa. Mu vyete vyiwe ku mashengero
ndwi dusanga mu vyahishuriwe Yohana 2 na 3, Yesu abwira amashengero atanu
mur’ayo ndwi ngo yihane. Wumva barikwihana gute nimba ivyaha vyabo vyose vyari
bimaze guharirwa? Ntibishoboka. Ubutumwa bw’ibinyoma ni bwo bwigisha yukw’ivyaha
umuntu azokora bimaze guharirwa kandi ivyanditswe vyemeza yukw’ivyaha umuntu
yakoze kera atarihana ari vyo biharirwa gusa.
Waruzi kw’ivyanditswe bidutegeka « gushitsa agakiza kacu, dutinya, duhinda
agashitsi » (Ab’i Filipi 2:12) no « kuba ari twebwe twisuzuma, tumenye yuko
duhagaze mu kwizera ; abe ari twebwe twiraba. Ngo mbega ntitwiyizi, ntituzi yuko
Yesu Kristo ari muri twebwe—shiti kumbure tur’abahinyuwe? » (2 Ab’i Korinto
13:5). Ariko twebwe dufise ivyiyumviro vya Kristo (1 Ab’i Korinto 2:16).
Imana ni rukundo, ni nziza kandi ni nyabuntu. Vyongoye irera kandi iragororoka.
Dutegerezwa kuyitinyira amateka yayo agororotse n’uburake bwayo buziriringa
kubatayumvira – abashishikara kuyirwanya.
Twerekanye mu gice ca mbere yuk’ubugarariji butangura igihe umuntu avuze ko Yesu
atar’Umwami. Mu vyo Muganga Stanley yanditse vyose ntavuga ko Yesu ar’ « Umwami
», avuga gusa yuko Yesu ar’Umukiza. Abigisha k’umuntu adashobora gutakaza
agakiza birabagora kuvuga yuko Yesu ar’Umwami kuko boca bamwumvira. Kwakira Yesu
nk’Umwami, no kwumvira amategeko yiwe, ni vyo bisangangura izo nyigisho
z’ibinyoma na ca kizira c’ubuyobe. Kwumvira Yesu nk’Umwami nta ho bisa bisana
n’inyigisho z’ibinyoma.
Petero yaragize ic’avuga ku bigisha yuk’umukristo adashobora gutakaza agakiza.
Ivyo tubisanga muri Petero wa 2 igice ca 2:20-22:
Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka,
bakava mu vy’isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo
hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi. Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze
kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata
icagezwe cera bahawe. Ivyabashitseko ni ivy’uyu mugani w’ukuri ngw’Imbwa isubiye
ku vy’idashwe ; kandi ngw’Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo »
Aho Petero yarikw’avuga abantu bizeye Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wabo.
Arikw’abo bantu basubiye kwivanga n’ivy’iyi si bata agakiza kabo. Petero avuga
yukw’ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi. Mbega ivya mbere vyabo ni
biki? N’uko bari gutererwa mu muriro kukw’ata kwizera gukiza bari bafise. None
ni kuki ivyo hanyuma vyabo birushiriza kuba bibi ? Yesu atubwira ati: « Kand’uwo
mushumba yar’azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivy’agomba,
azokubitwa nyinshi. Arik’uwutar’abizi, agakora ibwikwiye kumukubitisha,
azokubitwa nkeya. Uwuhawe vyinshi wese, azobazwa vyinshi ; uwabikijwe vyinshi,
ni we bazorushiriza kwaka vyinshi » (Luka 12:47-48). Iyo dusubiye kwivayanga mu
vy’isi kandi tumaze kumenya ukuri, igihano cacu ni kinini.
Petero arasubira kutugabisha ngo tuzinukwe abigisha yuk’umukristo adashobora
gutakaza agakiza kiwe.
Muri 2 Petero 3:17, arangiza icete ciwe atanga iyindi mpanuro:
« None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe
n’ubuzimire bw’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu. »
Petero aremeza yukw’icicaro dufise muri Kristo kitanyiganyiga. N’aho bimeze
gurtyo yerekana neza yuk’umuntu ashobora guta ukwo gushikama, nk’uko twabibonye
mu vyanditswe twahereyeko. Aratugabisha. Arazi yuko dushobora gutwarwa «
n’ubuzimire bw’abatirinda. » Uramenya ko Petero yakoresheje izina : « abatirinda
» risigura ikizira c’ubuyobe. Nk’uko tumaze kubibona, uwigisha ubwo buzimire ni
we kizira c’ubuyobe - umugarariji.
Umwanditsi w’icite c’Abaheburayo yanditse ibitari bike k’ugushikama mu kwizera.
Mu Baheburayo 6:4-6, aravuga k’umukristo yariye ku vy’Imana itanga vyose:
Kukw’abamaze kwakirwa n’umuco, bagatamira ingabire iva mw’ijuru, bagasangira
Mpwemu Yera, bagatamira ijambo ryiza ry’Imana, n’ububasha bwo mu gihe kizoza,
maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane :
kuko bongera kwibambira Umwana w’Imana, bakamutetereza ahibonekeza.
Ijambo ry’urufatiro rw’abigisha yukw’ata mukristo ashobora gutakaza agikiza kiwe
n’uk’umuntu amaze guharirwa ivyaha adashobora gucirwakw’iteka n’aho yokora
ibindi vyaha. Arikw’ivyanditswe duhejeje gusoma si ko bivuga. Abavugwa ngaho
n’abantu batamiye ku ngabire z’Imana. Uyo mwanditsi aratubwira ibishikira umuntu
nk’uyo igihe aguye. Vyemeza yukw’igihe uyo muntu aguye, adashobora gusubira mu
ku murongo. Yesu yavyemeje igihe yavuga yuk’uwuzorogota kuri Mpwemu Yera
atazobiharirwa (Matayo 12:31). Uyo muntu ntashobora gukizwa.
Uyo mwanditsi araduha iyindi mpanuro mu Baheburayo 10:26-27:
Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri,
ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha, ariko haba hasigaye kwitegana ubwoba
gucirwakw’iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.
Mu Baheburayo 6:4-6 umwanditsi avuga ibindi. Biragaragara yukw’avuga abantu
bamaze kwizera. Avuga umuntu yahawe kumenya ivy’ukuri, s’umuntu yumvise
ivy’ukuri. Ni umuntu yahawe kubimenya — uyo ni umukristo.
Umwanditsi yemeza yukw’abakriso bategerezwa kugira ubuzima bushasha –
bategerezwa kuba baritandukanye n’ivyaha bakagendera mu kwezwa. Iyo bahisemwo
kugendera mu vyaha, nta kiba gisigaye atar’ukurindirana ubwoba gucirwakw’iteka,
no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.
Umwanditsi aratandukanya ayo mateka n’amateka avuga mu gice ca 12 c’ico cete
yandikiye Abaheburayo. Si nk’igihano umuvyeyi aha umwana wiwe – ni amateka
n’umuriro w’inkazi uzorigata abarwanya Imana. Bibwirwa abakristo bose aho bava
bakagera, kandi turazi kw’ata mukristo yorwanya Imana.
Mbega ivyo ntibihushanye koko n’ivyo Muganga Stanley yanditse? Ko we yemeza yuko,
« umuntu amaze guharirwa ivyaha vyiwe, ata ngorane n’imwe aba agifise. Ivyaha
vyiwe vyahariwe 100 kw’ijana, nta caha na kimwe yokora kidashobora guharirwa
n’aho atocihana. Ngo nta bwoba. Nta muriro ukimurindiriye. »
Wumva ari vyo? Uyo muntu Muganga Stanley avuga yigenza ukw’ashaka. Ng’uyo muntu
arishira akizana (arashobora no gukora ivyaha nta vyihana) akaguma ar’umukristo.
Umwanditsi w’Abaheburayo avuga yuk’umuntu wese – na we nyene arimwo – akora
ivyaha ibigirankana, aroreranye ubwoba umuriro w’inkazi uzorigata abansi b’Imana.
Ashishikara gushimangira iyo nyigisho yiwe mu kurangiza ico gice :
« Arik’umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera; na ho niyiyonjorora
ntazohimbara umutima wanje
Ariko tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera,
ubugingo bwabo bugakizwa. »
Avuga ibintu tuzi twese yukw’ar’ukuri. Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera. Na
ho niyiyonjorora? Umwanditsi aratwereka inyishu Imana itanga : « na ho
niyiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. »
Umwanditse agereranya abizera n’abiyonjorora. Abiyonjorora barahona; abizera
bakiza ubugingo bwabo.
Uwiyonjorora ntaba acizera, arikw’Imana imwita « umugororotsi wayo. » Uramenya
yuko n’umugororotsi yiyonjorora azorandurwa. Turabona kandi yuko ari igihushane
c’ivyigishwa na ba bigisha b’ibinyoma.
Turabe isano bifitaniye n’inyigisho za Yesu dusanga muri Matayo 24:45-51, aho
Yesu agereranya abakozi babiri, umukozi mwiza n’umukozi mubi :
« None ni nde mushumba wo kwizigirirwa w’ubwenge shebuja yosigarana abo mu rugo
rwiwe, ngw’abagaburire igihe kigeze? Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse
azosanga akora artyo. Ndababwire ukuri, yukw’azomuha kugaba ivy’afise vyose.
« Arik’umushumba mubi ni yibwira mu mutima wiwe, ati ‘Data buja aracatevye,’
maze agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa ;
shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi : azomucamwo
kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya : ni ho hazoba amarira no kuryanya
insya z’amenyo. »
Abo bashumba bompi bar’abakozi b’Umwami. Bompi baribarahawe kuyobora abandi
bakozi.
Yesu arashima umushumba wa mbere no kumubwira yukw’azohemberwa ubwizigirwa bwiwe.
Arik’umukozi wa kabiri ntiyashimwe. Shebuja ntiyibutse ubwizigirwa uyo mukozi
yoba yarigeze kugira. Shebuja yamuciriye urubanza ruhwanye n’ivyo yasanze ariko
arakora. Ntiyakoze ibidahwanye n’inshingano ziwe, akabangamira abo yashinzwe
kugaburira igihe gikwiye.
Itegereze igihano yahawe. Yahawe igihano kirengeye ivyo dusanga mu yindi migani
yose ya Yesu. Mbega n’uko yar’umurongozi w’abandi bakozi? « Yaciwemwo kubiri »
atererwa mu muriro wateguriwe indyarya.
Ntihobitandukaniye n’utundi turorero twose tumaze kubona ku bantu batanguye neza,
barangiza nabi. Yaterewe mu muriro, igihano kiruta ibindi vyose tumaze kubona mu
migani yose.
Reka tuvuge yukw’ « indya » yategerezwa kugaburira abo mu rugo rwa shebuja zari
inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu, nk’uko tuyasanga muri Matayo 28:20. Wumva
atandukaniye he n’abarongozi b’amashengero banka kugaburira imikuku yabo –
inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu atanga ubugingo budashira. Mbega abo barongozi
b’amashengero s’imburakimazi n’abagarariji bagerageza kurwanya umutwe
w’ishengero, ari wo Mwami Yesu?
Agakiza karafise ivyo kenenako. Umuntu adafise ukwizera gukiza, ntashobora
kuronka agakiza. Itegeko rigenga agakiza (ari na ryo ayandi yose yenena ko) ni
ukugira ukwizera gukiza. Ugumbo kumenya vyinshi k’ukwizera gukiza, soma igitabo
canje citiriwe Ukwizera Gukiza [Saving Faith] kiboneka kuri
www.bereanpublishers.com | Igitabo : Ukwizera Gukiza [Book: Saving Faith].
Har’ibindi vyanditswe dusangamwo iryo tegeko rigenga agakiza. Yohana 15:10: Ni
mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye
ivya Data, nka guma mu rukundo rwiwe; Yohana 15:14: Mur’abakunzi banje, ni
mwakora ivyo mbagera; Abaheburayo 3:14: Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba
tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw’iherezo.
Mu vyanditswe tumaze kwihweza, Paulo yerekana kw’agakiza kenena k’ukuramiriza: «
kandi mugakizwa na bwo, asangwa mukibufashe nk’uko nabubabwiye, shiti mwoba
mwizereye ubusa » (1 Ab’i Korinto 15:2). « None yabuzurije na yo mu mubiri wiwe
w’umuntu kubw’urupfu yapfuye, ngw’abashikane imbere yayo mur’abera mudafise
agasembwa cank’amarabaga, — asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza
mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise… » (Ab’i
Kolosayi 1:22-23).
Har’ibintu vyinshi twovuga kur’izo nyigisho z’ibinyoma zigisha yuk’umukristo
adashobora gutakaza agakiza. Muzosanga inyishu zirwanya izo nyigisho z’ibinyoma
kuri www.bereanpublishers.com |Inyigisho z’ibinyoma| Umukristo ntashobora
gutakaza agakiza? |
Igice Ca 7
IKINDI KIZIRA C’UBUYOBE
KUVUGA UBUTUMWA BWIZA MU
BUGUNGE
Abakora ibizira n’abigisha yuk’umukristo adashobora gutakaza agakiza, bagoreka
ivyanditswe, bakabisobanura uko bishakiye kuko babitahura ukutarikwo.
Birumvikana yuko bashikiriza “ubutumwa” butari bwo, bwuzuyemwo ubumara buva ku
bugunge n’ikinyoma.
Ubugunge ni ukugoreka n’ibigirankana (canke kwiyobagiza) ukuri usanzwe uzi ku
ntumbero yo guhenda umuntu ngo yizere ikinyoma. Nk’umucamanza, ndemeza yukw’iyo
nsiguro ari yo.
N’aho bimeze gurtyo, har’abantu batari bake bavuga ubutumwa mu bugunge
bakagoreka ukuri kw’ijambo ry’Imana mu kutamenya; Usanga babigira kuko
badatahura ukuri kw’ijambo ry’Imana.
Mu gice ca 1, nerekanye yuk’ubugarariji bwa mbere bushingiye k’uguhakana yuko
Yesu Kristo atar’Umwami w’abakijijwe bose. Ubu rero, tugomba turabe ingene
ubugunge bushingiye k’ukugene abarongozi b’amashengero bigisha imikuku yabo ivya
Kristo.
Biragaragara yukw’amashengero yo mur’iki kinjana ashimikira cane kuri Yesu
Kristo nk’Umukiza gusa. Yishinga kuvuga ngo: « ni wakira Yesu nk’Umukiza
w’ubugingo bwawe uzohabwa ubugingo budashira.» Har’abandi bavuga ngo : « ni
wizera ko Yesu yabambwe ku musaraba kubera ivyaha vyawe uzoronka ubugingo
budashira. » Mbega ni ko Bibiliya ivuga ?
Nta hantu na hamwe muri Bibiliya havuga yuko kwakira canke kwemera Yesu
nk’Umukiza gusa bishobora gukiza umuntu. Ivyanditswe bitwereka neza yuko Yesu
ar’Umukiza : « kuk’Umukiza atuvukiye » (Luka 2:11). Ico ni co catumye haba
abakristo bavuga yuko bihagije kwakira canke kwemera Yesu nk’Umukiza.
Vyongeye, nta canditswe na kimwe kivuga yuko kwizera ivyo Yesu yakoze bizana
ubugingo budashira. Ivyanditswe vyose bivuga ivy’agakiza, bidutegeka kwizera
umuntu yitwa Yesu (raba muri Yohana 2:11, 3:15, 16,18, 6:40, 7:39, 8:30, no mu
Baroma 4:24, 1 Petero 1:8).
Nimba kwizera canke kwakira Yesu nk’Umukiza gusa (canke kwizera ivyo yakoze)
bidashobora guhesha umuntu ubugingo budashira, dukore iki none ? Kugira
dushobore gutanga inyishu nziza y’ico kibazo reka dusubiremwo ibice bimwe-bimwe
tumaze kwihweza.
Mbega Yesu avuga iki ? Yesu yabwiye abigishwa biwe ati : « Munyita ‘Mwigisha’ na
‘Shobuja’, kandi mubivuga ko, kukw’ari kwo ndi » (Yohana 13:13). Yesu avuga ati
: « Ico ni co gitumye mbabwira yuko muzopfira mu vyaha vyanyu : Kuko ni mutizera
uwo ndi we muzopfira mu vyaha vyanyu » (Yohana 8:24). Aravuga kandi yukw’ari
Umwami : « Jewe narahawe ububasha bwose mw’isi no mw’ijuru » (Matayo 28:18).
Ivyanditswe bivuga ahubwo ko dutegerezwa kwizera no kwakira Yesu nk’UMWAMI wacu.
Icanditswe kivuga cane ku vy’agakiza ni Abaroma 10:9 : « Kuko ni waturisha
akanwa yuko ‘Yesu ar’Umwami’, ukizera mu mutima yukw’Imana yamuzuye imukura mu
bapfuye, uzokizwa. »
Nk’uko Paulo yabibwiye wa murinzi w’igereza : « Izere Umwami Yesu, urakira, mwe
n’abo mu nzu yawe » (Ivyakozwe n’Intumwa 16:31). Ni bwo bwari ubutumwa
bw’ishengero rya mbere – ishengero ryakujijwe n’ihamwa! Bari abantu bakiriye
Yesu nk’Umwami wabo koko (Ab’i Kolosayi 2:6). Paulo yaravuze ati: « Kuko
tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya ‘Kristo Yesu kw’ari we Mwami’,
natwe ko tur’abashumba banyu kubwa Yesu » (2 Cor. 4:5). Ivyanditswe vyemeza cane
ivyo mpejeje kuvuga n’amajambo Paul yavuze ashingira intahe igikorwa ciwe : «
Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana,
n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo » (Ivyakozwe n’Intumwa 20:21). Ni vyo yabwiye
ab’i Tesalonika, « Kukw’Imana itadushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho
guheshwa agakiza n’Umwami wacu Yesu Kristo » (1 Tes. 5:9) n’Abaroma : «
Kukw’ingero y’icaha ar’urupfu ; arikw’ingero y’Imana ni ubugingo muri Yesu
Kristo Umwami wacu » (Abaroma 6:23 –soma na 5:21).
Petero yarashingiye intahe inyigisho za Paulo. Ku musi wa Pentekote, yabwirije
ati : « Kand’umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa » (Ivyakozwe
n’Intumwa 2:21). Maze asozera ubutumwa bwiwe avuga ati : « Imana yamugize Umwami
na Kristo, Yesu umwe mwabamba » (Ivyakozwe n’Intumwa 2:36). Har’ahandi yigishije
ati : « ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw’ari we Mwami » (1 Petero 3:15).
None kugira Yesu Umwami wawe bifise iyihe nsiguro? Ategerezwa kuba shobuja,
Umutware wawe, kibirengeye, nyen’ijambo rya nyuma mu buzima bwawe. Nk’uko
nabibwiye umwuzukuru wanje nti : « Ategerezwa kukubera Umukoresha. »
Umuntu yumvirije ivyigishirizwa mu mashengero yacu kenshi, yosanga bose bigisha
yuko Yesu ar’Umukiza gusa. Mbega ubwo ni bwo butumwa Bibiliya idutegeka kuvuga?
Oya namba. Mw’Isezerano Rishasha, Yesu avugwa kw’ar’Umukiza incuro 15. Imana
data ivugwa kw’ari Umukiza incuro 9 gusa. Yesu avugwa kw ar’Umwami incuro 618.
Ndatahura neza cane igituma ica kabiri – ibitabo 18 – c’ibitabo vy’Isezerano
Rishasha bidakoresha izina Umukiza. Injili zibiri muri zine, Abaroma, Ab’i
Kolosayi, Ab’i Korinto 1 na 2, ab’i Tesalonika 1 na 2, 2Timoteyo, Ab’i Galatiya,
Filemoni, Abaheburayo, Yakobo, 1 Petero, Yohana wa 2 na 3, Yuda, n’Ivyahishuriwe
Yohana.
Mbega hari itandukaniro rinini hagati y’Umwami n’Umukiza? Ubwo birakenewe ko
twizera Yesu nk’Umwami wacu? Aho ni h’ubugingo budashira bwenena. Paulo yaravuze
amajambo adasanzwe igihe yavuga ati:
« Kukw’icatumye Kristo apfa, akazuka, ar’ukugira ngw’abe Umwami w’abapfuye kandi
n’uw’abakiriho » (Abaroma 14:9).
Bishoboka gute ? Ivyanditswe ntibivuga yuko Yesu yapfuye arazuka kugira
ngw’ahongere ivyaha vyacu, aducungure, adutsindanishirize mu nyonga z’Imana,
kugira ngw’aduhuze n’Imana adushikane imbere yayo tur’abera, tutagira agasembwa
cank’amarabaga? Ni vyo. Mbega Abaroma 14:9 ntihavuga yukw’ari co vyatumye Yesu
apfa, akazuka? Ego, arik’uramenya yukw’ivyo vyose ari vyo ku bamaze kwakira Yesu
nk’Umwami wabo gusa. Yesu yapfuye arazuka kugira abe Umwami wa bose, n’Umukiza
wabazokwemera bose yukw’ababera Umwami.
Mubisanzwe ubukristo ni imigenderanire iba hagati y’uwizera n’Imana, s’idini.
Iyo migenderanire ni yo ituma bamwe bizera Yesu nk’Umukiza abandi bamwizera
nk’Umwami. Abaye Umukiza gusa, vyumvikana yukw’imigenderanire iba hagati yiwe
n’umuntu ari agakiza gusa. Yesu abaye Umwami wacu, imigenderanire irahinduka :
umukozi na shebuja.
Mbega none Isezerano Rishasha ribivuga kw’iki ? Rivuga yuk’uwizera ar’umushumba,
cank’umuja w’Umwami Yesu. Ivyanditswe bivuga biti : « Si mwe muganza, kuko
mwaguzwe igiciro. Nuko rero mushimishe Imana mu mibiri yanyu » (1 Kor.
6:19b-20). Uyo muntu yoba nde atari umuja – imbohe iganzwa na shebuja ?
Bibiliya y’icongereza yitwa [New American Standard Version] ivuga ko
tur’abagurano b’u Mwami ibihe bidashira. Ubwo bwoko bw’abagurano yar’abagurano
bategerezwa kurekurwa inyuma y’imyaka indwi ariko bakihitiramwo ubwabo kuguma
ar’abagurano. Ivyo tubisanga mu gitabo co Kuvayo 21:5-6: « arik’uwo mugurano ni
yavuga amaramaje, ati ‘ Nkunda databuja, n’umugore wanje n’abana banje, singomba
kurekurwa ngo nje mu mwidegemvyo’ : shebuja amuzane aho ndi, jewe Imana, aheze
amuhagarike ku rugi canke ku gishimaryango, amutoboze ugutwi umugera, uwo
az’arinde apfa akimujakariye. » Ivyo vyagirwa n’umugurano agomba kuronka utwo
yoriha umwenda, cank’umuntu yumva amerewe neza mu buzima bw’umuja kuruta ubuzima
bw’uwidegemvya. Kenshi shebuja yamwambika umuringa w’inzahabu nk’iteka amuteye
kuko yahisemwo kuba umugurano ubuzima bwiwe bwose.
Ivyaranga umugurano w’ibihe vyose : (1) guhitamwo ata gahato, (2) kwerekana ku
mugaragaro uguhitamwo kwiwe, (3) urukundo akunda shebuja, (4) ubuja – guheba
vyose (5) ibihe bidashira. Ivyo ni vyo bitegerezwa kuranga umuntu wese ahisemwo
kwizera no gukurikira Yesu nk’Umwami wiwe.
Abanditsei b’Isezerano Rishasha biswe abagurano b’ibihe bidashira: Paulo (Abaroma
1:1), Yakobo (Yakobo 1:1), Petero, (2 Petero 1:1), Yuda (Yuda 1:1) na Yohana (Ivyah.
1:1). Ivyanditswe bivuga yukw’abizera bose ar’abagurano b’ibihe bidashira : «
Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe
b’ibihe bidashira ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha
umugurano wiwe w’ibihe bidashira Yohana » (Ivyahishuriwe 1:1 – amajambo yo muri
Bibiliya y’icongereza yitwa : NAS).
Igihe twizeye Yesu nk’Umwami wacu, imigenderanire yqcu na we irahinduka cane.
Tumwizeye nk’Umukiza wacu gusa naho, urumva yukw’ata kindi twokora
atar’ukumushimira ku gakiza yaduhaye kuko yadukijije uburake bw’Imana. Yesu
abaye Umwami wacu, natwe tukamubera abagurano ubuzima bwacu bwose, nta kindi
dukora atari kumukunda no kumwumvira.
Duce ku masonga imirongo yemeza yuko dutegerezwa kwumvira Yesu nk’Umwami wacu.
Muri 1 Yohana 5:3 tubwirwa yuk’urukundo dukunda Imana rugaragazwa n’ingene
twumvira amabwirizwa yayo. Yesu avuga ati : « Ni mwankunda muzokwitondera ivyo
mbagera » (Yohana 14:15). Uwandikiye Abaheburayo avuga kw’agakiza kadashobora
gutandukanywa n’ukwumvira : « kandi (Yesu) amaze guhingurwa rwose, abera
abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira » (Abaheburayo 5:9). Yesu
yategetse abigishwa biwe kumwumvira. Yabwiye abavuga bose kw’ar’Umwami
batamwumvira ati : « Kandi munyitira iki ‘Mwami, Mwami’ ; ntimukore ivyo mvuga?
» (Luka 6:46). Yesu avuga kw’ata gakiza kubatumvira : « umuntu wese amvumereza,
ati ‘Mwami, Mwami’ ; si we azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atar’uwukora ivyo
Data wo mw’ijuru agomba »" (Matayo 7:21).
Nimba twitwa abakozi ba Yesu, nta nkeka ko dutegerezwa kumwumvira nk’Umwami wacu.
Ico ni co cerekana vy’ukuri yuko Yesu ar’Umwami wacu. Ntibitangaje kubona Yesu
ategeka abiwe kumwumvira igihe yagomba kuja mw’ijuru. Yatanguye ati : « Narahawe
ububasha bwose mw’isi no mw’ijuru » (Matayo 28:18). Maze abwira abigishwa biwe
ivyo bazokora atakiri kumwe na bo. « Ni mugende muhindure amahanga yose
abigishwa» (Matayo 28:19). Yarababwiye ibintu bibiri nyamukuru bategerezwa
kwitondera mu kugira abigishwa : « mubabatiza mw’izina rya Data n’irya Mwana
n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose » (Matayo
28:19-20).
Iyomba njejwe gucira ishengero urubanza kuko rivuga ubutumwa mu bugunge, ndazi
kw’abarongozi b’amashengero menshi botsindwa n’urubanza. Mbega ishengero ryanyu
ryoba rivuga Yesu nk’Umwami? Mbega woba ubwira abantu yukw’ata gakiza shiti
bizeye Yesu nk’Umwami? Mbega woba wigisha ishengero ryawe yuko kwitondera
ivyagezwe vya Yesu ari vyo vyereka Imana yuko mwizera ko Yesu ar’Umwami wanyu?
Mwoba mwumvira icagezwe ca Yesu ca nyuma kivuga yuko mutegerezwa kwigisha
abizera bashasha kwumvira ivyo Yesu yatugeze?
Abigisha yuko kwizera Yesu nk’Umukiza ari vyo bizana agakiza, bazobibazwa kuko
banka n’ibigirankana kwigisha yukw’agakiza kenena k’ukwumvira inyigisho
n’amabwirizwa ya Yesu. Har’abizera ivyo bintazi kukw’ari vyo biharawe mu
bakristo. Abakora ibizira n’abigisha yukw’ata mukristo ashobora gutakaza agakiza
ntibabwirwa kwumvira ivyagezwe vya Kristo kuko biyumvira ko batakiri musi
y’icagezwe na kimwe, kuko bakijijwe ku buntu, kandi ngo nta sano riri hagati
y’agakiza n’ingeso z’umuntu.
Ico kinyoma gituma abantu benshi bakekeranya igikorwa ca Mpwemu w’Imana mu
gakiza.
Dusanzwe tuzi yuko Mpwemu Yera aba mu muntu wese afise ukwizera gukiza.
Ivyanditswe bivuga neza yuk’umuntu wese agomba gukizwa akeneye Mpwemu Yera : «
Arikw iy’umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’uwiwe » (Abaroma 8:9). Turazi
yuko dutegerezwa kuba aba Kristo kugira dushobore gukizwa kuko Yesu yacuze ati :
« Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo ; ntawushika kuri Data ntamujanye » (Yohana
14:6). Abakristo baguzwe igiciro kinini – n’abagurano b’ibihe vyose. N’ishamvu
ryiwe. Raba 1 Ab’i Korinto 6:20 na 7:23.
Abarongozi benshi b’amashengero bizera yuko Mpwemu Yera yinjira mu muntu « buno
nyene yize acizera Yesu nk’Umukiza ». Mbega ivyanditswe bivuga iki ?
Yesu aravuga igihe n’ingene Mpwemu Yera yinjira mu muntu: « Ni mwankunda
muzokwitondera ivyagezwe vyanje, nanje nzosaba Data, azobaha uwundi Mwitsa,
ngw’azabane na mwe ibihe bidashira — ni we Mpwemu w’ukuri » (Yohana 14:15-17).
Itegeko n’uko duhitamwo kwitondera ivyagezwe vya Yesu mu rukundo. Aho ni ho
azosaba Data adutehe Mpwemu Yera. Ivyanditswe biremeza ukwo kuri mu Vyakozwe
n’intumwa 5:32 aho Petero avugira abigishwa imbere y’abaherezi bakuru ati : « …
Mpwemu Yera, uwo Imana yahaye abayumvira. »
Yesu yaravuze ubucuti afitaniye n’uwumvira wese amabwirizwa yiwe :
« Uwuri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda; kand’uwunkunda,
azokundwa na Data, kandi nzomukunda, ndamwihishurire » (Yohana 14:21).
Yesu aramwishura ati : « Ni hagira uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi
Data azomukunda, maze tuzoza kuri we tubane na we. Uwutankunda ntiyitondera
amajambo yanje, kand’ijambo mwumva s’iryanje, ariko ni irya Data ya ntumye » (Yohana
14:22-23).
Abakunda Yesu bakitondera amajambo yiwe ni bo bakundwa n’Imana Data na Yesu.
Yesu na Data bazoza babe mu muntu wese akunda kandi yumvira Yesu.
Abatigishijwe kwizera no kwakira Yesu nk’Umwami wabo, ntibigishijwe kumwumvira.
Abatarahitamwo kwumvira Yesu ntibashobora guhabwa ingabire ya Mpwemu Yera.
Abadafise Mpwemu Yera ntibafise Yesu Kristo. Ni co gituma ukuvuga ubutumwa
ukutari kwo – kwigisha ko Yesu ar’Umukiza gusa atar’Umwami – bituma abantu
bahusha agakiza ku mvo zitatu.
Duhere ku majambo ahindisha agashitsi Yesu yakoresheje ku murongo ukurikira: «
benshi bazombwira kuri wa musi, ngo ‘Mwami, Mwami’, ntitwavugishwa n’Imana
mw’izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza
vyinshi mw’izina ryawe?’ Ni ho nzobajinjibura, nti ‘Nta ho nigeze mbamenya ;
mviraho, mwa bakora ibizira mwe’ » (Matayo 7:22-23). Abo bantu Yesu atigeze
amenya ni bande? Ni abo bantu bose batamwakiriye nk’Umwami, batamwumviye,
batahawe Mpwemu Yera. Mbega ntibavugishijwe mw’izina ryiwe, ntibasenda
abadayimoni mw’izina ryiwe, ntabakoze ibitangaza vyinshi mw’izina ryiwe ? Ego
cane. Aho nyene ni ho bwa bubeshe buhagaze, kandi ni ho n’ishengero rya none
ryazimiriye. Yesu ntiyavuze yuko : « hazokwaduka abigira Kristo n’abigira
abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo
bazimize benshi n’abatoranijwe ni vyashoboka. » (Matayo 24:24). Ivyo ni vyo
bazohendesha benshi mw’izina rya Yesu.
Ishengero ritigisha kwumvira amabwirizwa ya Yesu, nta Mpwemu Yera rifise, kandi
ryizera ubutumwa bw’ibinyoma. Bene ayo mashengero agira abantu kuba abanyedini
gusa. Ntagira ubushobozi bw’Imana n’ugutahura. Ar’akazuyaze ;
kand’abanyeshengero babo ntaho batandukaniye n’abo mw’isi kukw’atagihagaze ku
vyizerwa vy’ukuri. Haraho bishika bagakekeranya ukuri kwa Bibiliya, ubumana bwa
Yesu n’izuka ryiwe. Har’aho bishika bagahishira icaha mw’ishengero,
bagashigikira ubusambanyi, ubushakanyi mu gusengera no guha ibikorwa abungere
basambanya abo basangiye ibitsina. Ayo ni yo mashengero ahurumbira ibimenyetso
n’ibitangaza, batarinze gusuzuma yuko biva kuri Mpwemu Yera.
Mbega har’amashengero yoba ameze gurtyo ? Amashengero menshi yo mur’iki gihe
yigisha idini gusa. Ntiyigisha urutare nya rwo, rutanyiganyiga – ari rw’Umwami
Yesu n’amajambo yiwe.
Muri sentare, ikinyoma kirahanwa n’amategeko. Amasezerano arashobora guhagarikwa
canke gusubiramwo iyo habaye uwubesha uwundi kugira ayashireko umukono
gihutihuti. Abarongozi benshi b’amashengero ntibavuga ukuri kwose ku
vy’ubukristo kugira abantu bihutire gufata ingingo yo kwegurira Yesu ubugingo
bwabo. Ivyo bigirwa mu buryo butandukanye. Har’abafata ingingo kuko bagomba
gukizwa, bakiyumvira ko bagize ibikenewe vyose ngo baronke ubugingo budashira,
ntibamenye ko bahenzwe. Abo ni bo batanga amafranga mu mashengero yabo, bagakora
ibikorwa bitandukanye mw’ishengero. Ivyo nyene ni vyo bizana ingorane zitovugwa
mw’ishengero ry’Imana kukw’abantu bigishwa gukorera Imana kandi badakijijwe. Abo
bantu ntibashobora kwemera ubutumwa bukiza canke ngo bagire ukwizera gukiza kuko
bigishwa ko baronse agakiza ku buntu, kandi ko kwitondera ivyagezwe vya Kristo
ar’ukorenderera agakiza mu bikorwa vy’umubiri.
Har’igihe nigeze kwiyumvira yukw’icerekana kw’abantu bizera ubutumwa butari bwo
ar’igitiri c’abashinguka mu gakiza « buno nyene bahejeje gukizwa. »
Rayon comfort umwanditsi w’igitabo : Inzira y’Umwami [The Way of the Master (Brige-logos)]
ni we yankuriye inkoni ku gishitsi. Avuga ibiharuro vyavuye mu bushakashatsi
bwagizwe kw’ishengero rinini ryo muri Amerika. Ivyo biharuro vyerekanye ko mu
1990 iryo shengero ryaronse abantu 294.784 bahisemwo kwizera Kristo. Ariko mu
1991, ryari risigaranye abakristo 14.337. Abashika 280.447 ntibakurikiranywe
neza. Abarongozi ntibashoboye kumenya ico vyavuyeko, n’aho babona yuko « hari
ikitagenda neza.» Ivyo ntivyagarukiye aho. Muri Myandagaro 1996, har’iri dini
rinini muri Amerika ryavuze ko mu 1995 ryaronse abantu 384.057 bahisemwo gukizwa,
ariko bisanga basigaranye 22.983 gusa. Ntiryashoboye kwitwararika 361.074. Ray
aravuga ku rindi koraniro rya ronse abantu 600 bahitamwo gukizwa, haba umunezero
ntangere. Ariko haheze imisi 90, abajejwe gukurikirana abakizwa basanzwe ata
muntu n’umwe mur’abo yashoboye kubandanya mu gakiza. Mu 1991 ahitwa Cleveland,
muri Ohio, hakijijwe abantu 400 mu ruganda rw’ivugabutumwa, n’aha nyene, nta
muntu n’umwe mur’abo yashishikaye mu kwizera.
Ray avuga nk’umukozi w’Imana Charles E. Hackett, umuyobozi w’igitasa kijejwe
ivugabutumwa mu mihana muri Amerika, ati : « har’abantu kw’isi batakinezerezwa
no kwumva ko har’abantu bakijijwe kuko bazi yukw’ibice 95 vy’abakizwa
badashishikara mu gakiza. Abenshi ntibasubira guhonyoza ikirenge mw’ishengero. »
Ivyo ntibiba muri Amerika gusa. Ray yavuze yuko har’umupastori ahitwa Rocher,
muri Colorado, yarungitse umurwi w’abantu mu Burusiya mu 1991 hakizwa abantu
2.500. Umwaka uheze, basanga 30 gusa ari bo bakiri mu gakiza. Ahitwa Leeds, mu
Bwongereza, umukozi w’Imana ava muri Amerika yabwirije abantu 400 biyongera
mw’ishengero. Ariko haheze indwi zitandatu hasigara abantu babiri gusa mu gakiza,
ariko nabo nyene ntibatevye. Umukozi w’Imana yagiye gukorera mu Buhindi kuva mu
1980 yabwiye Ray ko yabonye udukarata twanditse kw’abakijijwe bababa 80.000 mu
bikorane vy’ivugabutumwa vyabereye ahitwa Rajamundry. Agahebuza n’ukw’ata
abakristo 80 wosanga mur’ico gisagara cose. Ni ica cumi c’igice kimwe kw’ijana.
Ray aravuga yukw’itahoza ryagizwe n’igisata c’ubushakashatsi cahitwa Barna
ryerekana yukw’ibice 62 kw’ijana vy’Abanyamerika bavuga ko bafise imigenderanire
myiza na Yesu Kristo. Arikw’itohoza ryakozwe n’uwitwa Gallup mur’ico gihe nyene,
ryerekanye yukw’ibice 6 canke 10 vy’Abanyamerika bose biyita Abakristo.
Umushingantahe Gallup avuga ati :
« Aba bantu ntibasanzwe na gato ... bihanganira abantu badasangiye imico.
Ntibahara mu bikorwa vy’abagiraneza. Bakora ivyo bategekwa n’imico y’ubukristo
bwa none. Barakunda amasengesho. »
Uwitwa Neil Anderson yanditse Gusambura Ingoyi z’Ubuja [Bondage Breaker], ku
rupapuro rwa 107, avuga ibisa n’ivyo, ati : « Niyumvira kw’ibice 15 kw’ijana
vy’abakristo gusa ari bo batakiri mu ngoyi za Satani. » N’aho Neil avuga
kw’ibice bisigaye ar’abakristo, ivyo abavuga ko ntaho bitandukaniye n’ibivugwa
mu b’i Galatiya, mu Banyefeso n’abavugwa mu Vyahishuriwe Yohana, kukw’ar’abantu
badafise umugabane mu bwami bwo mw’ijuru.
Rayon Comfort avuga ashimika yukw’ab’iki gihe batavuga ukuri – buzuye ububeshi
n’ubugunge – igihe batumira abantu kuza kuri Kristo. Ivyo bisa n’ugutera imbuto
mw’ivu ry’urucekeri. Uwubwiwe iryo jambo aryakirana urweze, ariko ntibimubuza
kurwa iyo agize ingorane kubw’iryo jambo.
Imbere yo kudoma urutoke ku binyoma bikunda gukoreshwa mw’ivugabutumwa, reka
dufate akarorero k’ubugunge.
Agikiza ni ingabire. Abaroma 6:23: « ingero y’icaha ni urupfu, arikw’ingabire
y’Imana ni ubugingo budashira muri Yesu Kristo Umwami wacu. » (Raba n’Abanyefeso
2:8-10). Ubugunge buhagaze k’ukugene basobanura iyo ngabire. Abungere, abigisha,
n’abavugabutumwa benshi bavuga bati : « agakiza ni ingabire twahawe KU BUNTU!
Ntaco twatanze kandi ntaco dusabwa gukora! »
Ubwo ntaco dusabwa gukora? Tahura ko har’ikiguzi dutegerezwa gutanga. Yesu
abwira umuntu wese yifuza kumukurikira ko yobanza guharura ikiguzi. Bitabaye uko,
umuntu yohava atangura ivyo adashobora guheraheza, agashinyagurirwa n’abahita
bose. Soma Luka 14:28-30.
Urashobora kwibwira uti : « nari nzi kw’agakiza ari ku buntu kuko Yesu yatanze
ikiguzi cose ku musaraba. » Iyo nyishu ni yo, kandi si yo. Har’ivyo dusabwa
gukora ngo dukizwe, n’aho Yesu yatanze ikiguzi cose c’ivyaha vyacu. Yesu
yasheshe amaraso yiwe, arapfa ngo turonke agakiza. Amaraso yiwe ni yo atuma
duharirwa ivyaha vyacu; yazize ivyaha vyacu, aduhuza n’Imana. Iyo ngabire
twayihawe tutarayisaba. N’aho bimeze gurtyo, turashobora kuvuga yuko : « agakiza
ar’ingabire izimvye kuruta izindi zose umuntu ashobora kuronka. Irusha igiciro
ivy’utunze vyose! »
Ntaco twotanga cank’ico twokora ngo turonke agakiza no guharirwa kw’ivyaha vyacu.
Ariko Yesu aratubwira ikiguzi umuntu yotanga (cank’ivyo yo kwitondera)
ngw’aronke agakiza n’ubugingo budashira. Nkunda kuvuga yukw’ivyo ari vyo «
agakiza kenenako. »
Reka mvuge kur’ayo mategeko agakiza kenenako nkoresheje akarorero gakurikira.
Nk’ubu uguze imodoka nshasha maze uwo wayiguzeko akakubwira yukw’umuntu wese
aguze imodoka y’ubwo bwoko kur’uyo mwaka afise uburenganzira bwo guhindurirwa
amavuta y’imodoka ku buntu rimwe gusa. Urumva yukw’iyo ngabire ihawe ubwoko
bumwe bw’abantu – abakwije ibisabwa n’uyo mudandaji. Ibisabwa ni : kuba waraguze
imodoka y’ubwo bwoko kur’uyo mwaka kur’uyo mudandaji. Umuntu wese aja gusaba
guhindurirwa amavuta y’imodoka kur’uyo mudandaji, imodoka yiwe idakwije ibisabwa,
ntashobora guhabwa iyo ngabire. Imodoka yawe irengeje cank’idakwije imyaka
yasabwe na wa mudandaji, ntushobora guhindurirwa amavuta y’imodoka. Wogura ubwo
bwoko nyene bw’imodoka kur’uyo mwaka ku wundi mudandaji, ntiwohindurirwa amavuta
y’imodoka. Utegerezwa gukwiza ibisabwa vyose, hatavuyemwo na kimwe. Wokwiza
ibisabwa vyose, wohindurirwa amavuta y’imodoka ku buntu. Ni ku buntu ku bakwije
ibisabwa.
N’ingabire y’agakiza ni ku buntu ku muntu wese akwije ibisabwa n’Imana.
Turabe ivyo bintu bisabwa umuntu yifuza gukizwa. Umuntu wese yifuza gukizwa –
kuba umwigishwa w’Umwami Yesu – ategerezwa kumenya ivyo bintu atarahitamwo
gukurikira Yesu. Ivyo bintu tubisanga mu nyigisho no mu mategeko ya Yesu. Umuntu
wese yitondera inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu arashobora gukizwa.
Igice Ca 8
IKINDI KIZIRA C’UBUYOBE
KUVUGA UBUTUMWA BWIZA MU
BUBESHI
Turabe itandukaniro riri hagati y’ubugunge n’ububeshi. Ubugunge ni ukwizeza
umuntu ibitari vyo. Kubesha ni ugutanga inkuru itari yo n’ibigirankana. Izo
nsobanuro zose zihuriza k’ukwiyibagiza ukuri. Ukuri tugusanga mw’ijambo ry’Imana.
Igihe havuzwe « ubundi butumwa », atari ijambo ry’Imana, vyitwa ubugunge kuko
hatanzwe inkuru itari yo, cank’ububeshi kuko hatanzwe inkuru itari yo
n’ibigirankana ikazanira uwuyizera guhona. Inyigisho z’abakora ibizira
n’iz’abizera kw’ata mukristo ashobora gutakaza agakiza zuzuyemwo ubugunge
n’ububeshi.
Igituma ibice 95 kw’ijana canke birenga vy’ « abahitamwo » gukizwa basubirama mu
kwizera ni ubugunge n’ububeshi. Nta nkeka ivyo ni vyo vyabujije ijuru amasinzi
y’abantu n’ubu bikiriko. Abungere benshi n’abigisha bagarariza Umwami Yesu
n’amajambo yiwe babizi canke batabizi. Babimenya canke batabimenya, ivyo bigisha
biva mu vy’ubwenge bw’abantu bigisha, ntibigisha inyigisho n’amabwirizwa
y’Umwami Yesu. Bahurumbira bakongera bagakwiragiza inyigisho z’ibinyoma. Ivyo ni
vyo tuja kwihweza mur’iki gice.
Reka ndaguhe akarorero gatoya kagufasha gutahura ic’ari co ububeshi. Nk’ubu woja
kugura imodoka imaze gukora, maze Leta ikaba itegeka yuk’uwudandaza ben’izo
modoka abwira uwugomba kugura wese utunenge ifise atara yigura – cane cane
ibintu umukiriya adashobora gushoka abona. Iyumvire rero uronse iyo modoka ku
giciro ciza, nyene kuyigurisha ntakubwire utunenge yoba ifise.
Ariko haheze imisi mikeya umaze kuyigura, amafire akanka gufata. Ugiye
kuyikoresha, bakakubwira kw’atashizweho neza. Bukeye kabiri, umwota ugatangura
gufumba wakije imodoka. Umufundi amaze kuyisuzuma akakubwira kw’imoteri imaze
gupfa utegerezwa kuyisubirishamwo yose. Ugomba kuyikoresha, bakakubwira kw’ayo
kuyikoresha angana cank’asumba ayo kugura iyindi modoka igikomeye.
Haba habaye iki ? Ubona ivyo twovyita ubugunge ? Oya, ingorane ihagaze ku vyo
nyene ku gurisha atavuze – n’ububeshi. Ntiyavuze utunenge yar’asanzwe azi (kandi
yategerezwa kuvuga) kur’iyo modoka n’ah’ amategeko abibuza. Ivyo biguha
uburenganzira bwo gutaka ubutungane guhagarika amasezerano no gusubizwa
amafranga yawe.
None ivyo bihuriye hehe n’ivyo kuvuga ubutumwa kw’aba kristo b’iki gihe? Yesu
adutegeka kubwira abatizera ikiguzi co gukirikira Yesu n’ingaruka z’ukwo
guhitamwo. Har’umugani Yesu yaciriye abantu ababwira ko bategerezwa guharura
neza ikiguzi imbere yo gufata ingingo yo kumukurikira :
« Ni nde muri mwebwe agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, ntiyobanza
kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw’amenye yukw’afise
ayowunonosora ? Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’itanguriro,
ntashobore kuwuzuza, ababibonye bose bagatangura kumutwenga, ‘bat’uyu yatanguye
kwubaka, ntashobora kwuzuza’ » (Luka 14:28-30).
Ibitigiri vyerekana yukw’ibice 95 kw’ijana vy’abahitamwo gukurikira Yesu Kristo
batabandanya mu kwizera. Ni kubera iki none? Kimwe ni ukw’igihe umuntu abwiwe
kw’agakiza ari ku buntu – ataco umuntu asabwa gukora – maze agasanga ubwiwe ko
har’ikiguzi kinini ategerezwa gutanga, aca abona ko yahenzwe, akabivamwo.
Cank’iy’umuntu abwiwe kw’amaze gukizwa adashobora gutakaza agakiza n’iyo
yokwigenza ukw’ashaka, wumva yokwiruhiriza iki aja mw’ishengero ? Ko wumva aba
amaze kuronka murekarengane yo kwinjira mw’ijuru.
Umuntu wese yifuza gukurikira Yesu ategerezwa gutanga ikiguzi. Ico « kiguzi » ni
« ibisabwa » cank’ « amategeko ategerezwa kwitondera » - kugira ashobore kuronka
agakiza. Ayo majambo yose asigura ikintu kimwe. Turaza kubona ibintu
bitandukanye dusabwa gukora kugira turonke agakiza.
Mbega har’ububeshi ishengero ryoba rikoresha mu gutumira abantu gukurikira Yesu
? Wokwishura neza ico kibazo umaze kumenya ikiguzi cank’ivyo umuntu yifuza
gukurikira Yesu asabwa.
Igisabwa ca mbere abantu benshi bazi canditswe muri Yohana 3:16 :
Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo
w’ikinege, ng’uwumwizera wese ntazapfe rubi arikw’ahabwe ubugingo budashira.
Wumva uyo murongo uvuga kw’abantu bose bazokizwa? Oya. Isezerano (n’ico dusabwa)
ni : « ng’uwumwizera wese ntazapfe rubi arikw’ahabwe ubugingo budashira. » None
abatizera ? Yesu atanga inyishu muri Yohana 3 :18, « Uwumwizeye ntazotsindwa
n’urubanza, arik’ uwutamwi-zeye aramaze gutsindwa, kukw’atizeye izina ry’Umwana
w’Imana w’ikinege ». Yesu avyemeza muri Yohana 3:36 : « Uwizeye Umwana arafise
ubugingo budashira, arik’uwutumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’uburake
bw’Imana buguma kuri we. »
Uratahuye rero ico « kiguzi » icari co. Ingabire y’ubugingo budashira yahawe
bose. Kugira umuntu aronke ubwo bugingo budashira ategerezwa « kwizera Yesu » –
kugira ukwizera gukiza. Aho ni ho amashengero atari make yihendera. Ntasobanura
neza ic’umuntu ategerezwa gukora ngw’aronke ukwizera gukiza. Ntishobora no
gusigura ic’ari co kwizera Yesu. Murashobora kuronka inkuru y’imvaho kuri
www.bereanpublishers.com | Igitabo : Ukwizera gukiza| Igice Ca 1 : Kwizera Yesu
[Book: Saving Faith | Chapter 1: Believe in Him.]
Abantu benshi bakunda gusobanura ukwizera mu nzira imwe gusa, nk’ah’umengo ni
ukwemera kwo mu bwenge gusa. Ukwizera gukiza, nk’uko Yesu agusobanura,
kugereranywa n’akabuye k’igiciro gafise amabara menshi. Ukitegereje uri kure,
umengo gafise ibara rimwe, co kimwe n’ukwizera; ariko uko ushishikara
kukitegereza ni k’ugenda ubona amabara yako atandukanye – ibara ryose rica
ibibatsi. N’ukwizera gukiza ni nkuko nyene.
Kugira dutahure neza ibice bitandukanye bigize ukwizera reka twisunge amategeko.
Amategeko avuga yukw’igisuma rusenyanzugi ari umuntu yinjira mu nzu y’uwundi
mw’ijoro ku nguvu agamiye kwiba canke gukora ikibi. Ivyo bintu vyose bitegerezwa
kubaho kugira umucamanza yemeze yuk’uwuregwa ar’igizuma rusenyanzugi. Ivyo
bigizwe ku mutaga, uwo muntu ntashobora kwitwa rusenyanzugi. Ico gisuma civye mu
nzu umuntu atabamwo, si rusenyanzugi.
Atinjiye mu nzu ku nguvu, si rusenyanzugi. N’aho yo kwinjira ku nguvu ariko
atagamiye kwiba canke gukora ikibi, si rusenyanzugi. Ikintu cose kigize iyo
nsobanuro gitegerezwa kwitonderwa.
Ni co kimwe n’ukwizera, hagize ikintu na kimwe ngenderwako kibuze mu bigize
ukwizera, ntikuba kukiri ukwizera gukiza, kandi nta we gushobora kuronsa
ubugingo budashira. Tudatahuye k’ukwizera gukiza kugizwe n’ibintu bitandukanye,
twogusobanura nabi tukagendera mu bintazi tukigisha ibinyoma tutabizi. Ikintu
cose Yesu yavuze ko dutegerezwa gukora turonke ubugingo budashira ni ngenderwako
kandi ni co kigize ukwizera gukiza. Ivyo ni vy’agakiza kenena ko. Akarorero :
ntimushobora kuba abigishwa banje…, ntimushobora kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru…,
ntimuzoharirwa ivyaha vyanyu…, nawe azobagirira isoni imbere ya Se…, muzotererwa
mu kiyaga caka umuriro…, canke muzoba mwarizereye ubusa.
Muganga John R. Armstrong yanditse ati : « Ehe raba ijambo ribuze mu nyigisho
n’ubutumwa bw’ab’iki gihe. Twafashe ukwizera nk’ukwemeranya n’ubwenge bwacu,
gufata ingingo, canke kwemera ikintu kanaka. Arik’ukwizera, ntaho gutandukaniye
n’ukwumvira. »
Kwumvira ni kimwe mu bintu ngenderwako bigize ukwizera gukiza. Ni ho ibindi
bintu vyose vyugaraniwe. Ivyo tubisanga mu majambo ya Yesu yanditswe muri Matayo
7:21:
« Umuntu wese amvumereza, ati ‘Mwami, Mwami’ si we azokwinjira mu bwami bwo
mw’ijuru, atar’uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba » (Matayo 7:21).
Uwukora – uwumvira “ivyo Data wo mw’ijuru agomba » – ni we azokwinjira mu bwami
bwo mw’ijuru. Tubonye k’ukwumvira canke gukora ivyo Data agomba ari kirumara mu
kwizera gukiza. Bitabaye uko nta muntu ashobora gukizwa canke kuja mw’ijuru.
Uwandikiye Abaheburayo avyemeza avuga ati : « [Yesu] yabereye abamwumvira bose
inyanduruko y’agakiza kadashira » (Abaheburayo 5:9).
Yesu yemeza kw’ivyo yavuze n’ivyo yakoze vyose akiri kw’isi yabitegekwa na Se (Yohana
8:28, 12:49-50, 14:10, 14:24 na 14:31). Bisigura yukw’ivyo Yesu yavuze n’ivyo
yakoze vyose ari vyo bugombe bw’Imana. None wumva bitangaje ko Yesu yabereye
abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza? Canke ko yasozereye itegeko ryiwe rikuru
yahaye abigishwa biwe ko bigisha abigishwa babo kwumvira ivyo yabageze vyose? (Matayo
28:20).
Kwumvira inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu ni ngombwa k’uwifuza gukizwa wese. Muca
mutahura yukw’inyigisho z’abakora ibizira n’abigisha yukw’ata mukristo ashobora
gutakaza agakiza zidashobora kwemeranya n’iyi nsobanuro y’ukwizera gukiza.
Inyigisho yose ya Yesu cank’ « itegeko ryiwe ryose » riri mu bigira ukwizera
gukiza. Inyigisho zibinyoma zigisha yuko kwumvira icagezwe ca Kristo ataho
bihuriye n’agakiza k’umuntu; bigisha yukw’agakiza kenena ku vyo twizera gusa,
ibikorwa n’ingeso zacu ntaho bihuriye n’agakiza.
Turihweza ibigize ukwizera gukiza tubikura mu nyigisho n’amabwirizwa ya Yesu.
Usanga bitandukanye n’ivyigishwa n’abakora ibizira n’abizera k’umukristo
adashobora gutakaza agakiza n’iyo yagendera mu caha. Usanga amategeko yose ya
Yesu, avuga ko tudashobora gukizwa (canke kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru)
tudakoze ico adutegeka. Tahura yuko har’imanga nini hagati y’ukwizera kwa
Bibiliya n’ukwizera kw’ibinyoma kwigishwa n’abakora ibizira n’abigisha
k’umukristo adashobora gutakaza agakiza.
Ngomba nkoreshe akajambo : « Yesu ati » kuri buri tegeko/nyigisho kugira utahure
neza yukw’ayo mategeko n’izo nyigisho ziva kuri Yesu, n’Imana. Nshimikira cane
cane ku kibanza c’ukwumvira inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu, nkukw’avyigisha
ubwiwe.
Dutegerezwa kwihana. Yesu ati : « Ariko ni mutihana, na mwe, muzohona murtyo
mwese » (Luka 13:3, 5). Itegeko rya mbere Yesu yatanze ni : « Mwihane,
kuk’ubwami bwo mw’ijuru bui hafi » (Matayo 4:17). Ukwo guhona Yesu
yarikw’aravuga ngaho s’urupfu rw’umubiri (kukw’abantu bose bazopfa),
yarikw’avuga kw’abadashaka kwihana impwemu zabo zizopfa ibihe bidashira.
Dutegerezwa kuvuka ubugira kabiri. Yesu yabwiye Nikodemu ati : « Ni ukuri, ni
ukuri, ndakubwire, Iy’umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami
bw’Imana » (Yohana 3:3). Abafise ukwizera gukiza ni bo bashobora kuvuka ubwa
kabiri. Ukwizera gukiza (no kuvuka ubwa kabiri) ni ugufata ingingo yo kwumvira
amabwirizwa ya Yesu (Yohana 14:15-17). Har’umuntu ashobora kwinjira mu bwami bwo
mw’ijuru ataravuka ubwa kabiri? Nta n’umwe. Yesu avuga kw’ari tegeko ntabanduka.
Dutegerezwa kuba intore kuruta Abafarisayo. Yesu ati: « ukugororoka kwanyu ni
kutaruta ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe, n’ukw’Abafarisayo, mutazoruha mw’injira
mu bwami bwo mw’ijuru » (Matayo 5:20). Kubijanye n’abanyabwenge b’ivyanditswe
n’Abafarisayo, Yesu avuga ati : « Ntimukore ivyo bakora, kuko badakora ivyo
bigisha. » Nk’abigishwa ba Yesu, dutegerezwa gukora ivyo twigishwa,
atar’ukwumviriza gusa. Nk’uko Yakobo avyigisha: « Kandi mube abakora ivy’iryo
jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha » (Yakobo 1:22).
Ntwirinde ibizira. Yesu ati : « Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo
bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikure mu bwami bwiwe. »
Soma Matayo 13:41-43.
Ntwirinde ikibi. Yesu ati : « uko ni ko bizomera k’umuhero w’isi. Abamarayika
bazoza, barobanure ababi mu bagororotsi, babaterere mw’itanure ry’umuriro, ni ho
hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. » Soma Matayo 13:47-50.
Dutegerezwa gutanga imbabazi. Yesu ati : « kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo,
na So wo mw’ijuru azobaharira na mwe » (Matayo 6:14-15). Yesu abisigura neza mu
mugani yaciye muri Matayo 18:21-35. Umwami yahariye umushumba wiwe umwenda
munini arik’uwo mushumba yanka guharira umwenda umushumba mugenzi we
yar’amufitiye. Yesu ati: « Shebuja araraka, amuhereza abasoda, gushika
ah’azokwishurira ivy’amufitiye vyose » (Matayo 18:34). Umurongo ukurikira ni wo
utera ubwoba cane. Yesu ati: « Na Data wo mw’ijuru ni kw’azobagirira, ni
mutaharirana, umuntu wese ngw’aharire mugenzi we bivuye mu mutima » (Matayo
18:35). Abakristo banka guharira abandi, bazohabwa igihano categuriwe abatizera
– umuriro udashira – kukw’atawushobora kuriha umwenda w’ivyaha vyiwe.
Dutegerezwa gukunda Yesu tukamurutisha abantu bose, n’amagara yacu na yo. Yesu
ati : « Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana
biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora
kuba umwigishwa wanje » (Luka 14:26). Dusanzwe tuzi ko twahawe itegeko ryo «
guhindura amahanga yose abigishwa » (Matayo 28:19). Nta muntu ashobora kuvuga ko
har’umuntu ashobora gukizwa atar’umwigishwa wa Yesu.
Dutegerezwa kwiyanka, kwikorera umusaraba wacu, tugakurikira Yesu. Yesu ati : «
Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire »
(Matayo 16:24). Tudakurikiye Yesu nta bugingo budashira twoba dufise.
Ntitugatetereze Yesu canke ngo tumwihakane. Yesu ati : « umuntu wese
azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw’ijuru.
Arik umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya
Data wo mw’ijuru » (Matayo 10:32-33).
Dutegerezwa kuguma mu kwizera. Yesu ati : « Muzoba mwanswe na bose babahora
izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa kw’iherezo ni we azokira » (Matayo
10:22). Paulo yarabishingiye intahe ati: « Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa
bwiza, ubwo nababariye, namwe mukabwakira, kandi mukabuhagararamwo, kandi
mugakizwa na bwo, asangwa mukibufashe nk’uko nabubabwiye, shiti mwoba mwizereye
ubusa » (1 Korinto 15:1-2).
Dutegerezwa kwama ivyamwa. Yesu ati: « Ishami ryose ryo muri jewe ritama, [Data]
arikuraho ; kandi iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama » (Yohana
15:2). Ishami ricibwa kuko ritamye ivyamwa.
Dutegerezwa kuguma muri Yesu. Yesu ati « Umuntu n’ataguma muri jewe, atabwa
nk’ukw’ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma ; maze bakayatororokanya,
bakayaterera mu muriro agasha » (Yohana 15:6). Dutegerezwa kuguma muri Yesu
nimba tugomba gukizwa.
Dutegerezwa guca bugufi nk’abana bato. Yesu ati: « Ndababwire ukuri,
uwutazokwakira ubwami bw’Imana nk’umwana muto, ntazobwinjiramwo na gatoya » (Luka
18:17). Soma Matayo 18:3 : « … Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato,
ntimuzoruha mw’injira mu bwami bwo mw’ijuru. »
Dutegerezwa gukora ivy’Imana igomba. Yesu ati: « Abamvumereza bose ngo : ‘Mwami,
Mwami’ si bo bazokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, ariko urya wese akora ivyo Data
wo mw’ijuru agomba. » aha ni ho inyigisho n’amategeko yose ya Yesu yenena.
Ikintu cose Yesu yavuze, n’ico yakoze cose ni bwo bugombe bw’Imana.
Ntitukagire uwo dutsitaza. Yesu ati : « arik’ uwuzotsitaza n’umwe mur’abo bato
banyizera, icoroshe n’uko yahambirwa urusyo ruremereye kw’izosi, akadobezwa i
bwina mu kiyaga. Isi izobona ibara kubera ibitsitaza, kukw’ivyo bitsitaza
bitazobura kuza, arik’uyo muntu azozana igitsitaza azobona ibara » (Matayo
18:6-7).
Ntitukivayange mu vyaha. Yesu ati : « Ukuboko kwawe cank’ikirenge cawe ni hagira
ikigutsitaza muri vyo, ugice, ugite kure ;vyo kubera vyiza w’injiye mu bugingo
ucitse igikonjo cank’ikirenge, hak’utererwa mu muriro utazima ufise amaboko
yompi n’ibirenge vyompi. Kand’ijisho ryawe ni rya gutsitaza, urinogore urite
kure ; vyokubera vyiza winjiye mu bugingo upfuye ijisho, hak’utererwa muri
Gehinomu y’umuriro ufise amaso yompi. » (Matayo 18:8-9). Yesu arwanya icaha.
Ntitugasambane. Yesu ati : « Mwarumvise ko vyavuzwe ngo ‘ntugasambane.’ Ariko
jeho ndababwira yuk’ umuntu wese araba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana
na we mu mutima wiwe » (Matayo 5:27-28). Abayuda bari basanzwe bazi k’uwusambana
wese akwiye igihano – kwicishwa amabuye. Paulo ni we avuga neza ivy’ubusambanyi
n’igihano c’Imana : « Ntimuzimire: abashakanyi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’
abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana, cank’ibisuma,
cank’abifuza, cank’imborerwa, cank’abatukana, cank’abanyazi, ntibazoragwa ubwami
bw’Imana » (1 Korinto 6:9-10). Ivyo vyose bivugwa ku ngeso z’abantu.
Ntitukahukane, atari kubw’ubusambanyi bw’uwo mwubakanye. Yesu ati : « Ariko jeho
ndababwira yuk’ umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba
amusambanishije : kand’uwabira uwahukanye azoba asambanye » (Matayo 5:31-32).
Ntidukwiye gusubira kurongora nimba twarahukanye ku mvo zitari zo. Yesu ati : «
ariko ndababwire : umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi,
akabira uwundi, aba asambanye » (Matayo 19:9).
Ntitugakore ibizira (abagabitanya). Yesu ati : « Benshi bazombwira kuri wa musi,
ngo : ‘Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw’izina ryawe, ntitwasenda
abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe?’ Ni ho
nzobajinjiburira nti : ‘Nta ho nigeze mbamenya ; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.’
» (Matayo 7:22-23). Ijambo « abakora ibizira » risobanurwa ikizira c’ubuyobe
cank’abagabitanya – abagarariza Yesu n’amajambo yiwe.
Twitondere amajambo y’akanwa kacu. Yesu aratubuza kuvuga ivyo twishakiye vyose.
Avuga ati : « ni ukuri ndababwire, umuntu wese azobazwa ijambo ryose yavuze
akiri kw’isi. Muzotsindwa canke mutsindanishirizwe n’amajambo yavuye mu kanwa
kanyu. Turacari ku ngeso.
Ntitukarondere gukiza ubugingo bwacu. Yesu ati : « Kuk’uwugomba gukiza ubugingo
bwiwe azobubura, arik’uwuzoheba ubugingo bwiwe ku bwanje azoburonka » (Matayo
16:25).
Dutegerezwa kwigenza nk’ukw’Imana igomba. Yesu avuga ku muntu yatumiwe mu bukwe
ntiyambara imyambaro y’ubukwe : « Maz’umwami abwira abakozi biwe, ati
‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira
n’ukuryanya insya z’amenyo’ » (Matayo 22:13). Uyo muntu yazize ingendo yiwe mbi
– ukutambara impuzu z’ubukwe – bigereranywa n’ukutumvira inyigisho n’amabwirizwa
ya Yesu – icagezwe ca Kristo – kw’abiyita ko bakijijwe. Hamwe n’ivyo, abakora
ibizira n’abizera kw’ata mukristo ashobora gutakaza agakiza bigisha kw’ata sano
riri hagati y’ivy’umuntu akora n’agakiza kiwe.
Dutegerezwa kuba abakozi beza bokwizigirwa. Yesu atangura avuga inkuru z’umukozi
mwiza wo kwizigirwa yashimiwe na shebuja. Arangiza avuga uwundi ati : «
Arik’umushumba mubi ni yibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja aracatevye,’ maze
agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa, shebuja
w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi, azomucamwo kubiri,
amusangize umugabane wiwe n’indyarya : ni ho hazoba kurira no kuryanya insya
z’amenyo. » Soma Matayo 24:45-51. Mur’uyo mugani, shebuja ntiyaravye
ivy’umushumba yizeye. Yaravye ivy’umushumba yakoze kuko yari yaramuhaye igikorwa.
Umwe yabaye uwo kwizigirwa uwundi ntiyaba umwizigirwa. Har’amategeko n’amabanga
uyo mukozi yategerezwa gukora. Umushumba mubi ntaco yakoze, yikwegerako umuvumo
n’ugutsindwa n’urubanza.
Dutegerezwa kwitegurira ukugaruka kw’Umwami wacu. Mu mugani w’inkumi cumi,
har’abari bizigurije amavuta y’amatara yabo; abandi ntibagira amavuta akwiye.
Umukwe aje, abari bafise amavuta akwiye binjirana na we, abandi bagiye kurondera
amavuta. Yesu ati : « Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti: ‘Mupfasoni,
Mupfasoni, n’utwugururire. Na we arabishura : ‘ati Ndababwire ukuri : simbazi.
N’uko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha.’ » Soma Matayo 25:10-13.
Dutegerezwa gukoresha neza ingabire twahawe. Mu mugani w’italanto, umwami yahaye
abakozi biwe batatu italanto z’ibiciro bitandukanye. Agarutse, asanga babiri mur
ibo barazidandaje bunguka incuro zibiri; uwundi umwe ntiyayidandaje, ayisubiza
shebuja ashitse. Yesu ati : « … ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira
no kuryanya insya z’amenyo » (Soma Matayo 25:26-30). N’ubu hisungwa ingeso
n’ibikorwa vy’umuntu. Uyo mushumba yatsinzwe n’urubanza ntiyarazi ko azocirwa
urubanza hisunzwe ivyo yakoze.
Tuzocirwa imanza hisunzwe ivyo twakoze. Ivyo tubisanga mu mugani wa Yesu ku
ntama n’impene. Yesu azorobanura intama mu mpene, ashire intama i buryo bwiwe,
intama i bumoso. Azoshimira intama kuko zitwararitsi bene Se. Yesu ati : «
Maz’azobwira n’abari i bumoso, ati ‘Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu
muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe. Nari nshonje,
ntiwangaburira; nari mfise inyota, ntimwampa inco nnywa; nar’ingezi ntimwampa
indaro; ngenda gusa ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw’ibohero ntimwaza
kundaba’... « Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw’abagororotsi bazoja mu
bugingo budashira. » Soma Matayo 25:41-43, 46.
Uwo mugani ni nk’icumu ricumita abakora ibizira n’abizera kw’ata mukristo
ashobora gutakaza agakiza n’aho yogendera mu vyaha. Bigisha kw’ata sano riri
hagati y’ingeso z’umuntu n’agakiza kiwe, mu gihe uyo mugani wigisha ko tuzocirwa
imanza hisunzwe ivyo twakoze tukiri kw’isi. Birababaje kukw’abo bavuga kw’ata
sano riri hagati y’agakiza n’ibikorwa vy’umuntu bagereranywa n’impene «
sizotererwa mu muriro udashira. »
Ntitukagirire isoni Yesu n’amajambo yiwe. Yesu ati : kuk’umuntu wese bizotera
isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’iki gihe c’ubusambanyi kandi
c’ikinyavyaha, n’umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’azozira afise
ubwiza bwa Se, azananye n’abamarayika bera » (Mariko 8:38). Nta gakiza kubatewe
isoni ni vya Yesu. Abanka kwamamaza Yesu nk’Umwami kuko batinya abantu? Ukwo
n’ukugirira isoni Yesu? Abanka cank’abiyobagiza kwigisha amabwirizwa ya Yesu na
bo? Ntibaterwa isoni na Yesu n’amajambo yiwe?
Dutegerezwa kwizera. Yesu ati : « Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe
bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’uwutizera azotsindwa
n’urubanza » (Mariko 16:15-16). Mbega Yesu yifuza kuzosanga ukwizera mu b’isi
aho azogarukira? Yarabajije ati : « Arik’umwana w’umuntu ni yaza, mbega azosanga
ukwizera mw’isi? » (Luka 18:8). « Kwizera » ni irivuga arikw’ « ukwizera » ni
izina. Iri rivuga « kwizera » rifice insiguro zingana n’iz’ « ukwizera » gukiza.
Ntitukifuze kudibama. Yesu ati : « Ariko muzobona ibara, mwebwe abatunzi ; kuko
muhejeje gutunganirwa. Muzobona ibara mwebwe muhaze none ; kuko muzosonza.
Muzobona ibara mwebwe mutwenga none ; kuko muzoboroga murira. Muzobona ibara
ah’abantu bose bazobashemagiza ; kukw’ari ko ba sekuruza babo bashemagije
abigira abavugishwa n’Imana » (Luka 6:24-26). Yesu ntiyaduhamagariye ubuzima bwo
kwiryohera, arik’ubuzima bwo kumukorera no kwitanga.
Dutegerezwa kwumvira Yesu nk’Umwami. Yesu arabaza : « Kandi munyitira iki 'Mwami,
Mwami ;' ntimukore ivyo mvuga? » (Luka 6:46). Vy’ukuri Yesu agomba ko tumwumvira.
Dusomye ivyo Paulo yavuze mu 2 Tesalonika 1:8-10 ni ho twotahura ingaruka
y’ukwumvira Yesu : hagati mu muriro waka, yishure guhorwa abatamenye Imana
n’abatumvira ubutumwa bwiza bw’Umwami wacu Yesu…
Abatumvira n’ibigirankana bazohanwa gusumba abandi. Yesu ati: « Kand’uwo
mushumba yar’azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivy’agomba,
azokubitwa nyinshi » (Luka 12:47). Abazi ko Yesu yategetse abigishwa biwe
kwigisha abigishwa babo kwitondera ivyo yabageze vyose, ariko ntibavyigishe
n’ibigirankana? None kw’abakora ibizira n’abizera kw’ata mukristo ashobora
gutakaza agakiza banka kandi birengagiza inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu? None
aya majambo ababwira iki ? Soma n’Abaheburayo 10:26: « kuko namba dukora ivyaha
ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi
c’ivyaha, ariko haba hasigaye kwitegana ubwoba gucirwakw’iteka, no kwitega
umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana. »
Dutegerezwa kwiyuzuza n’Imana. Yesu avuga ati : « Niwajana n’uwukurega muja ku
mushingantahe, mukiri mu nzira, ushishikare kwikiranura na we, ngo ntagukwegere
ku mucamanza akaguha umusoda, akagushira mw’ibohero. Ndakubwire, ntuzohava na
gatoya, utishuye n’isenge ry’imperera » (Luka 12:58-59). Ayo majambo asa n’amwe
Yesu yavuga kubijanye n’ugutanga imbabazi, Matayo 18:34-35: « Shebuja araraka,
amuhereza abasoda, gushitsa ah’azomwishurira ivy’amufitiye vyose. Na Data wo
mw’ijuru ni kw’azobagirira, ni mutaharirana, umuntu wese ngw’aharire mugenzi we
bivuye mu mutima. » Turazi kw’ataco tworonka ngo dushobore kuriha umwenda
w’ivyaha vyacu; dutegerezwa kwiyuzuza n’Imana duciye ku Mwami Yesu. Soma ab’i
Kolosayi 1:21-23.
Dushishikare guca mw’irembo ripfunganye. Yesu ati : « Mushishikare guca
mw’irembo ripfunganye : ndababwira yuko benshi bazogomba kuricamwo,
ntibabishobore. » Nyen’inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura
gukomanga muhagaze hanze, mukavuga muti : « Mupfasoni, n’utwugururire » : ni ho
azobishura ati : « simbazi, sinzi n’iyo muvuye. » Ni ho muzotangura kuvuga,
mut’erega twarira, twanywera imbere yawe, kandi wigishiriza mu nzira z’i wacu.
Azobabwira, ati ndababwire, sinzi iyo muvuye mviraho mwa bakora ibizira mwese
mwe. » Soma muri Luka 13:22-27. Nongaha hashimikiwe ku ngeso z’umuntu si ku vyo
yizeye. Abita abakora ibizira. Batsinzwe n’ingeso zabo.
Dutegerezwa guheba vyose kugira tube abigishwa ba Yesu. Yesu ati : « Ni ko biri,
umuntu wese muri mwebwe, adaheba ivy’afise vyose ntashobora kuba umwigishwa
wanje » (Luka 14:31-33). Ubona bitangaje kwumva abakora ibizira banka inyigisho
za Yesu? Ubona izo nyigisho n’ayo mabwirizwa agoye cane gushika aho adashobora
kwigishwa mu mashengero yabo? None wumva badaterwa isoni na Yesu n’amajambo yiwe?
Dutegerezwa kuba abantu bo kwizigirwa. Yesu yavuze ati : « Uwukora ivyo
yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no kugikomeye : uwugabitanya ku coroshe
cane, agabitanya no kugikomeye. Namba mutabaye abizigirwa kw’itunga ribi
mwabikijwe, ni nde azobabitsa itunga nyaryo? Kandi namba mudakora ivyo
mwizigiweko ku vy’abandi mwabikijwe, ni nde azobaha ivyo mwokwiganzira? » (Luka
16:10-12). Nongaha hashimikiwe ku ngeso. Ivyo ni vyo agakiza kenenako. Ba
bashumba babiri babaye abizigirwa kuri shebuja baciye bashingwa amabanga manini.
Ariko wa mushumba mubi, yahamvye italanto yiwe, yatawe mu mwiza wo hanze, mu
marira no kuryanya insya z’amenyo. Soma Matayo 25:14-30. Raba n’uwundi mugani
w’imina cumi muri Luka 19:12-26. Wa mushumba yimbiye mina yiwe ntayayidandaza,
yiswe umukozi mubi.
Dutegerezwa kwirinda uruhendo rw’ubutunzi. Mu mugani w’umutunzi mubi n’umukene
Lazaro, Yesu avuga ati: « Habaye umuntu w’umuntu yambara impuzu z’inyambarabami
n’izera nziza, yama idibamye mu vyiza imisi yose. Kandi hariho n’umworo yitwa
Lazaro, yatembagara kw’irembo ryiwe yatonyanga ibisebe. Yifuza guhazwa
n’udukorokera musi musi y’ameza y’uno mutunzi, kand’imbwa na zo zaraza
zikamurigata ibisebe. Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu
gikiriza ca Aburahamu : na nya mutunzi arapfa, arahambwa… Aburahamu aramubwira
ati : « Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiri ukiriho, Lazaro na we
yahawe ibibi; non’amariwe imibabaro hano; nawe uraseserezwa. » Muri Luka
6:24-26, Yesu avuga ati, « Muzobona ibara mwebwe, abatunzi ; kuko muhejeje
gutunganirwa. » Yesu yaravuze kandi ati : « abandi ni bo babibwe mu mahwa; abo
ni bo bumva iryo jambo, maz’umwitwarariko w’ivy’isi n’uruhendo rw’ubutunzi no
kwifuza ibindi, iyo bibinjiyemwo binyoha iryo jambo, rikaba ikirumbirane »
(Mariko 4:18-19). Soma n’Ivyahishuriwe Yohana 3:15-18. Nongaha hashimikiwe ku
ngeso.
Dutegerezwa kwirinda – tukama tugavye.
Yesu yavuze ati : « Ariko mwirinde, kugira ngw’imitima yanyu ntiremerwe no
kudandahirwa no kubererwa n’umwitwarariko w’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko
giturumbuka, nk’umutego : kukw’ari kw’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw’isi
yose. Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga
ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu » (Luka
21:34-36).
Dutegerezwa kumwizera. Yesu yavuze ati : « Kuk’urukundo Imana yakunze abari
mw’isi, ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’uwumwizera wese
ntaz’apfe rubi, arikw’ahabwe ubugingo budashira. Kukw’Imana itatumye Umwana wayo
gucira abari mw’isi urubanza, ariko ng’abari mw’isi bakizwe na we. Uwumwizeye
ntazotsindwa n’urubanza; arik’uwutamwizeye aramaze gutsindwa, kukw’atizeye izina
ry’Umwana w’Imana w’ikinege » (Yohana 3:16-18).
Dutegerzwa kwizera Imana Data. Yesu ati : « N’ukuri, n’ukuri ndababwire, uwumva
ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi
ntazoshirwa mu rukinja, arikw’aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo » (Yohana
5:24). Kwizera Imana Data ni ukwizera amajambo ya Yesu, kuko yavuga ivyo Se
amugeze gusa (Yohana 8:28, 12:49-50, 14:10, 14:24 na 14:31). Kwizera Imana Data
ni ukwumvira Umwana.
Dutegerezwa kwizera Umwana – Umwami Yesu. Yesu avuga ati : « Ariko jewe mfise
ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw’ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze,
ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.
Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi
ntimurabona ishusho yiwe, bitayeko ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebwe,
kuk’uwo yantumye mutamwizeye. Mwebwe murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo
muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ari vyo bishingira intahe, ariko
mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo. » (Yohana 5:36-40). Ni ko bimeze no
mur’iki gihe. Abungere n’abigisha bo mu mashengero yose bigisha ivyo bakuye muri
Bibiliya, ariko ntibubahuka kwigisha amajambo ya Yesu yategerezwa guha
ababumviriza ubugingo budashira.
Dutegerezwa kwizera ico Yesu ari co. Yesu avuga ati : « ico ni co gitumye
mbabwira yuko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira
mu vyaha vyanyu » (Yohana 8:24). Muri Yohana 13:13, Yesu avuga ati : « Munyita
‘Mwigisha’ na ‘Shobuja,’ kandi mubivuga ko kukw’ari ko ndi. » Aho Yesu yafatwa
n’Abayahudi, umuherezi mukuru yamubwiye ati: « Ndakurahiye Imana nzima, tubarire
kw’ari wewe Kristo, Umwana w’Imana. » Yesu aamwishura at’ « Urarivuze ». Yamara
ndababwira yuk’uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bw’Ububasha,
aje mu bicu vyo mw’ijuru. » (Soma Matayo 26:63-64.) Mur’iyo mirongo, tubona Yesu
yitwa Mwigisha, Databuja, Kristo, Umwana w’Imana n’Umwana w’umuntu.
Dutegerezwa kuguma mu nyigisho za Yesu. Yesu yabwiye Abayuda bamwizera, ati : «
Ni mwaguma mw’ijambo ryanje, mur’abigishwa banje vy’ukuri. Kandi muzomenya ukuri,
kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya » (Yohana 8:31-32). Akarongo ka 32 kabangikana
n’aka 31. Ni twagomba kuba abigishwa b’Umwami Yesu, tuzokwitondera amajambo yiwe
kandi tugume muri yo. Abigishwa b’Umwami Yesu ni bo bazokizwa gusa.
Dutegerezwa kugumya ijambo rya Yesu. Yesu avuga ati : « N’ukuri, n’ukuri,
ndababwire, ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe
bidashira » (Yohana 8:51). Iryo jambo « kugumya » risigura kwihangana, kumenya
no kwizera, no kwumvira amajambo ya Yesu.
Dutegerezwa kwakira Umwami Yesu n’amajambo yiwe. Yesu ati: « Arik’uwungaya,
ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha : ijambo navuze ni ryo
rizomutsindisha ku musi w’umuhero » (Yohana 12:48).
Dutegerezwa kuja kwa Data duciye kuri Yesu gusa. Yesu avuga ati : « Ni jewe
nzira, n’ukuri n’ubugingo. Ntawushika kuri Data ntamujanye. Iyo muba mwaramenye,
na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye » (Yohana 14:6-7).
Dutegerezwa gukunda Yesu no kwumvira ivy’ atugera. Yesu avuga ati : « Nihagira
uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri
we, tubane na we. Uwutankunda ntiyitondera amajambo yanje » (Yohana 14:23-24).
Mu Baheburayo 5:9 havuga ko Yesu yabereye abamwumvira isoko ry’agakiza gahoraho.
Dutegerezwa gukunda Yesu no kumwumvira nimba tugoma gukizwa.
Dutegrezwa kuguma ku ruzabibu, twama ivyamwa. Yesu avuga ati: « Jewe
nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni we nyene wo. Ishami ryose ryo muri jewe
ritama, arikuraho, kandi iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama.
Umuntu n’ataguma muri jewe, atabwa nk’ukw’ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu,
akuma, maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro agasha.» (Yohana 15:5-8).
Dutegerezwa kwamana uburyohe bwacu. Yesu avuga ati : « Mur’umunyu w’isi.
Arik’umunyu iy’ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Ntac’uba ukimaze
atar’ugutererwa hanze ugakandagirwa n’abantu » (Matayo 5:13). Uyu murongo wemeza
kw’ata kintu gishobora gusubiza umunyu uburyohe. Ivyo tubisanga mu Baheburayo
6:4-6: « Kukw’abamaze kwakirwa n’umuco, bagatamira ingabire iva mw’ijuru,
bagasangira Mpwemu Yera, bagatamira ijambo ryiza ry’Imana, n’ububasha bwo mu
gihe kizoza, maze bakagwa, bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha
ngo bihane, kuko bongera kwibambira Umwana w’Imana, bakamutetereza ahibonekeza.
»
Ivyo vyanditswe vyose bishimikira ku ngeso z’umuntu, bigahuriza hamwe n’ibindi
vyanditswe vyinshi vyemeza ko tuzocirwa imanza bihwanye n’ivyo twakoze – ingeso
zacu. Ivyanditswe biravuga kandi yuko twakijijwe kubwo kwizera. Nta ho
bitandukaniye kuko dusanzwe tuzi yuko kwumvira kuzanwa n’ukwizera. Soma Abaroma
1:5. Ukwizera ni kwo gutuma tugira ukwumvira, kuranga ivyo dukora vyose.
Kwumvira amabwirizwa ya Yesu ni ukugira ubugombe bwa Data wo mw’ijuru. Nta
wushobora kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru adakora ivy’Imana igomba. Soma Matayo
7:21.
Nimba tutifuza kuzimira, dutegerezwa kwigisha abatumire n’abigishwa bacu ibintu
agakiza kenenako – ni ko kwizera kuzima.
Mbega dutegerezwa gusigura ku kintu cose kigize ukwizera gukiza? Yesu adutegeka
guharura ikiguzi imbere yo kugira icari co cose. Ivyo bintu vyose twavuze ni vyo
bigize ukwizera gukiza. Mbega har’ikintu dutegerezwa kwigisha abantu imbere yuko
bafata ingingo yo gukizwa? Ego cane.
Har’ibintu bibiri nyamukuru umuntu wese yifuza gukizwa ategerezwa kubwirwa no
kwizera. Ica mbere, Yesu ategerezwa kumubera Umwami. Ica kabiri, nimba Yesu
ar’Umwami wiwe, ategerezwa kumwumvira. Ntivyumvikana kuvuga ko Yesu ar’Umwami
wawe, kand’uzi ko utamwumvira.
Kugira twirinde ububeshi mu gushikiriza ubutumwa, dutegerezwa kubwira uwo wese
yifuza gukurikira Umwami Yesu yukw’ategerezwa guheba ivy’atunze vyose (Luka
14:33). Aho ni hose vyugariye. Iy’umuntu abwiwe uhereye ku ntango
yukw’ategerezwa gukurikira no gukunda Yesu kuruta ukw’akunda uwo bubakanye,
abana biwe, incuti n’abagenzi kandi kw’ategerezwa kwikorera umusaraba wiwe
akurikire Yesu, ntakizomuhindisha agashitsi mu rugendo rwiwe n’Umwami Yesu.
Umwami yandongoye mu nzira y’ukwizera gukiza mu buryo bushobora gusigura ivyo
twavuze vyose. Nagize amezi atari make nsoma Bibiliya, nizera kw’ar’ukuri
kutagabanije. Nizera ko Yesu yapfuye azira ivyaha vyanje, ko yar’Umwana w’Imana
n’ibindi vyinshi. Ishengero ryose ryari rinzi nk’umukristo mushasha. N’aho nari
maze kuvavanura na ba bagenzi ba kera, nsigaye mfise abagenzi bakijijwe gusa,
kandi ntakivuga amajambo y’ibishegu, numva muri jewe kw’ata kintu kinini
cahindutse. Bibiliya nayijana kw’ishengero mu gishingo co gusoma no kwiga
ivyanditswe muri yo.
Haheze amezi, ndarambirwa, ntangura kwibaza nti mbega mbega nta bindi bigize
ubukristo. Imana ishimwe kuko yaciye indungika mw’ijambo ryayo. Ntangura kubona
ahantu hose ijambo « Umwami », « Umwami » ; « kwumvira », « kwumvira ». Ntangura
kwiga ivy’ububasha bwiwe n’ivyo kumwumvira nk’Umwami kuko ntari bwumve ubutumwa
cank’inyisho zivuga ku bubasha bwa Yesu n’ivyo kumwumvira nk’Umwami. Arikw’ica
mbabaje cane ni igihe nabaza abandi bakristo twasenga hamwe ku vy’ububasha bwa
Yesu no kumwumvira nk’Umwami bambwiye kw’ata muntu abishobora akiri kw’isi
kukw’abantu bose bacumura incuro ibihumbi buri musi.
Umusi ur’izina ngira amasengesho mbwira Umwami nti : « Mwami Yesu, ijambo ryawe
rinyemeza k’utegerezwa kumbera Umwami ko nanje ntegerezwa kukwumvira. Akaba ari
vyo ugomba iwanje, ndavyemeye uhereye uno musi. Mbera Umwami, nanje nzokwumvira
ubuzima bwanje bwose. » Aho niho numvise ko hari ikintu gikoretse muri jewe.
Buno nyene, nca numva muri jewe urukundo, umunezero, n’amahoro ntari bwigere
numva na rimwe mu buzima. Nagiye gutahura ivy’ari vyo nsomye muri Yohana
14:15-17, ntahura k’ukwatura kwanje Yesu nk’Umwami n’uguhitamwo kwanje
kumukurikira no kumwumvira vyatumye asabe Se ampe Mpwemu Yera. Maze gusoma mu
b’i Galatiya 5, ndatahura k’urukundo, amahoro n’umunezero naronse ar’ivyamwa vya
Mpwemu Yera.
Umuntu wese yakira Yesu nk’Umwami wiwe agahitamwo kumwumvira n’umutima wiwe wose,
ni we avuka ubwa kabiri kukw’Imana ica imuha Mpwemu Yera (Yohana 14:15-16).
Umuntu atara fata ingingo yo gukizwa, n’igihe amaze gukizwa ategerezwa kwigishwa
ivyanditswe mu Njili, inyigisho n’amabwirizwa y’Umwami Yesu. Ivyo bituma umuntu
atahura cane ico bisigura gukurikira Yesu. Abamaze gukizwa na bo, bituma bamenya
ukwo bategerezwa kwigenza mu bwami bw’Umwami wabo (Matayo 28:20). Kimwe mu bintu
bigaragaza k’umuntu yabaye ikiremwa gishasha muri Kristo, ni umwete n’ishaka vyo
kwiga ijambo ry’Imana. Bisanzwe, ikigaragaza k’umuntu ashishikara mu kwizera,
n’uko aguma mw’ijambo ry’Imana, rikamubera umutsima wa buri musi.
Uk’umukristo ashishikara guserangura ivyanditswe, ni kw’ashishikara gutahura
ibintu nyamukuru abakurikira Umwami Yesu bategerezwa kwitondera. Umuntu amaze
kwakira Yesu nk’Umwami wiwe, yakirana akanyamuneza inyigisho n’amabwirizwa ya
Yesu akayitondera ubuzima bwiwe bwose. Abakurikira Yesu mu bubeshi ntibashobora
kubitahura kandi bihutira kubishingukamwo igihe cose batahuye ibisabwa uwo wese
yifuza gukizwa.
Aho navuga ku vy’ubugenge, navuze ku bitigiri vyatanzwe n’uwitwa Ray Comfort mu
gitabo ciwe citwa Inzira y’Umwami [The Way of the Master] ah’avuga kw’abantu 19
kuri 20 bahitamwo gukurikira Yesu mu mashengero manini manini batabandanya mu
kwizera. Ivyo bitumwa n’ubugunge n’ububeshi bw’abashikiriza ubutumwa bwiza.
Umuntu wese ahisemwo gukizwa amaze kumenya ukuri ntashinguka mu gakiza. Ashikiwe
n’imibabaro, cank’agahamwa kubera ukwizera kwiwe, ntatirigana canke ngw’acike
intege.
Har’abavuga k’umukozi w’Imana yitwa Charles Finney ari we muvugabutumwa wa mbere
muri Amerika. Ubuhinga bwiwe ntibwari busanzwe. Agomba kubwiriza igisagara
kanaka, yarakivugamwo ubutumwa amasaha atatu cank’arenga buri joro, amezi
n’amezi. Ntiyemera ko hagira uwufata ingingo yo gukizwa gushika n’imiburiburi
kw’ijoro rigira kane canke gatanu. Yagomba k’umuntu wese atahura ikiguzi
ategerezwa gutanga imbere yo guhitamwo gukirikira Umwami Yesu. Ayandi matohoza
yerekanye kw’ibice 85 gushika ku bice 90 kw’ijana vy’abantu bahitamwo gukurikira
Kristo mu vugabutumwa za Finney bashishikara mu kwizera. Ibisagara vyarahindutse.
Ibibi biragabanuka.
Igihe ca Finney cararenganye. Ubu umengo abantu ntibagishaka kubwiriza ukuri
kuko batinya gutsitaza canke gushavuza ababumviriza. Ahubwo baravyoroheje mu
gushinga ubuhinga bushasha bwo kugira « isengesho ryo kwihana » ah’usanga
abanyavyaha babwirwa gusubiramwo isengero ritoya ryemeza ko bihanye canke ko
bizeye Yesu nk’Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwabo.
Tukiri ahitwa Seattle, narigeze kwumva umukozi w’Imana Hal Lindsay avugira
kw’iradiyo atumira abantu gusubiramwo isengesho ritoya ryo kwihana abemeza ko
kuva uyo musi bazoja mw’ijuru bapfuye. Iryo kosha Hal yagize turarimenyereye
cane kuko tutabwira abantu kwizera Yesu nk’Umwami wabo tubigishe ic’ari co.
Yarababeshe kukw’atababwiye ko har’ibintu bitandukanye bategerezwa gukora no
kwitondera kugira baronke ukwizera gukiza kuzotuma baja mw’ijuru.
Umurongozi w’urwaruka yitwa Dave De Roles yavuze k’ubutumwa bw’iki gihe buvugwa
ku ntumbero yo kunezereza imiyabaga. Avuga kw’ivyo ari vyo bitera ingorane. Nta
camwa na kimwe cerekana kw’iyo mikangara yakijijwe koko. Ahubwo, usanga bayihaye
urucanco ruyikingira ukuri kwose.
Ubona bitangaje kwumva kw’abantu 19 kuri 20 bahisemwo gukizwa batabandanya mu
gakiza? N’iki gituma dutinya kwigisha ivyo Yesu agomba? Twategerezwa gukora
ivy’Umwami wacu adutegetse gukora, mu buryo agomba. Tubishoboye, azohezagira
igikorwa ciwe muri twebwe.
Umuvugabutumwa yitwa Graham Ashby yanditse ati : « Twebe dukora ku bicaniro,
turashobora kugira abantu uko twishakiye – n’aho twobabesha ntibobica ikanda.
Ntitukihutishe abantu gufata ingingo yo gukizwa, ni duhe Imana umwanya ikize
abitiguye ... ibitigiri biravyerekana. »
Ubu turashobora gutahura neza inyigisho za Yesu ku vy’irembo ripfunganye : «
Muce mw’irembo ripfunganye ; kukw’irembo ryagutse, n’inzira n’igihamo, ari vyo
bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi.
Arikw’irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’abahabona
ni bake » (Matayo 7:13-14).
Birababaje kubona abungere n’abigisha bahamagariwe kujana abantu mu bugingo
budashira, ari bo babayoborera mu muriro udashira kubera inyigisho zabo
n’ubutumwa bw’ibinyoma.
Igice Ca 9
MUBANZE MWITWARARIKE … UKUGOROROKA KWAYO
Muri Matayo 6:33, Yesu yerekanye yuk’ukugororoka ari ngirakamaro cane, aho
yavuga ati : « mubanze mwitwararike ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho
ivyo vyose muzovyongerwa. »
Mur’iki gice, tugiye kwihweza itegeko rya Yesu ridutegeka kubanza kwitwararika
ukugororoka kw’Imana. Abanyedini, abakora ibizira, n’abizera k’umukristo
adashobora gutakaza agakiza kiwe n’aho yogendera mu vyaha, ntibasiba guhonyanga
iryo tegeko.
Yesu yemezakw’agakiza kenena k’ukugororoka :
« Ariko ndababwira yuk’ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’abanyabwenge
b’ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, mutazoruha mw’injira mu bwami bwo mw’ijuru » (Matayo
5:20).
Iryo jambo ryerekana neza yukw’agakiza kenena k’ukugororoka. Ntidushobora
gukizwa, ukugororoka kwacu ni kutaruta ukw’Abafarisayo.
Har’abavuga bati : « Ntidushobora kuba abagororotsi tukiri kwisi. Ntibishoboka
na gato. » Ni vyo canke si vyo ? Ivyo babikura he ? Yosefu yiswe umugororotsi (Matayo
1:19). Simeyoni yar’umugororotsi kandi yubaha Imana (Luka 2:25). Kuba
umugororotsi ni uguhitamwo kw’umuntu – biva k’ubushake bw’umuntu. Intumwa Yohana
yavuze ati : « Ivyagezwe vyayo ntibigora » (1 Yohana 5:3).
Intumwa Yohana abwira abo bantu muri 1 Yohana 3:7 ati: « Bana bato, ntihakagire
uwubazimiza : uwukora ibigororotse ni we agororoka, nk’uwo agororoka. » Wabonye
irivuga yakoresheje ? « Gukora ». Ashimikira ku ngeso z’umuntu cank’ibikorwa
vyiwe. Dutegerezwa gukora ivyo kugororoka nimba twifuza kuba abagororotsi.
Dukoze ibitagororoka, tuzotsindwa n’urubanza.
Har’uwokora ibitagororotse akaronka ubugingo budashira? Benshi bihutira kuvuga :
« Ego, cane ». Arikw’intumwa Yohana avuga ibindi. Avuga ati: « Uwukora ivyaha
n’uwa wa Murwanizi » (1 Yohana 3:8). « Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana
n’abana b’Umurwanizi. Uwudakora ibigororotse wese s’uw’Imana, cank’uwudakunda
mwene Data wundi » (1 Yohana 3:10). Biratandukanye n’ivy’abantu benshi bizera,
Yohana yigisha avuga kw’abatagororoka – abakora ivyaha – ar’aba wa Murwanizi.
Intumwa Paul yemeza kw’ata mukristo w’ukuri aguma mu caha : « Umuntu wese avuga
izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya » (2 Timoteyo 2:19). Uwizera nyakuri yatura
izina ry’Umwami Yesu ategerezwa kwitandukanya n’icaha. Uko ni ko kwihana –
kwatura no guheba icaha ugahindukira Imana. Umuntu atihanye (irindi tegeko
agakiza kenenako) ntashobora gukizwa. Tutatuye icaha tugahindukira Imana,
ntidushobora gukizwa.
Urashobora kubaza uti : « uvuze k’umuntu acumura ar’uwa wa Murwanizi? » ego cane
ariko sivyo ngomba kuvuga. « Gukora » icaha bisigura kubandanya ukora icaha. Ni
vyo Yohana avuga muri 1 Yohana 3 :8, ati « uwukora icaha wese n’uwa wa Murwanizi
». Nta ho bitandukaniye n’ivyo yavuze muri 1 Yohana 3 :6 : « umuntu wese aguma
muri we ntakora ivyaha ; uwukora ivyaha wese ntiyamubonye, kandi ntiyamumenye »
(1 Yohana 3:6). Uwukora ibigororotse wese ni umugororotsi. Uwukora ivyaha wese
azotsindwa n’urubanza; n’uwa wa Murwanizi; ntiyabonye Umwami, kandi
ntiyamumenye.
Yesu yaciye umugani utwereka ibizokwisungwa ku musi w’iherezo ah’abantu
bazocirwa imanza :
« Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza
vyose n’abakoze ibizira, babikure mu bwami bwiwe. Bazobaterera mw’itanure
ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. Bun’abagororotsi
bazokwaka nk’izuba mu bwami bwa Se. Uwuri n’amatwi ni yumve » (Matayo 13:41-43).
Amateka yo ku musi w’iherezo azokwisunga ivy’umuntu wese yakoze. Abakora ibizira
bazotsindwa n’urubanza, batererwe mw’itanure ry’umuriro. Bazocirwa imanza
hisunzwe ivy’umuntu wese azoba yarakoze – atar’ivyo bazoba barizeye.
Ukwizera gukiza kugaragazwa n’ukugororoka. Ukwizera kw’ibinyoma kugaragazwa
n’ikibi n’ugukora ivyaha. Mur’uyu mugani, Yesu aradutahuza ko har’itanure
ry’umuriro ririndiriye abanyavyaha, hakaba n’imigisha y’ubwami irindiriye
abagororotsi.
Twihweze zimwe mu nyigisho za Yesu zivuga k’ukugororoka n’ukugabitanya – ni ryo
shimikiro ry’inyigisho za Yesu. Amaze gutegeka abantu gukora ivy’Imana igomba
(Matayo 7:21), Yesu avuga ku musi w’iherezo ah’abantu benshi bazomubwira bati :
‘Mwami, Mwami’ ntitwavugishijwe mw’izina ryawe, ntitwirukanye abadayimoni
mw’izina ryawe, ntitwakoze ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe?’ na we
azobajinjibura ati : ‘sinigeze mbamenya, ni mumvire ho mwa bakora ibizira mwe.’
Wibuke kw’abakora ibizira risigura « ikizira c’ubuyobe. »
Yesu yise abanyavyaha – abakora ibizira. Ijuru ribikiwe abakora ivy’Imana
igomba; abakora ibizira babikiwe gutsindwa n’urubanza. Uramenya yuko Yesu
ashimikira ku ngeso – gukora ivyaha. Wabonye ivyo ba bantu bazobwira Yesu
bamwemeza ko bari mu bana bw’ubwami ? Bazovuga ko – bavugishijwe, birukanye
abadayimoni kandi ko bakoze ibitangaza vyinshi mw’izina ryiwe? Icigwa nyamukuru
: kuba umugororotsi – kugira ivy’Imana igomba – biruta ibikorwa vyose umuntu
ashobora gukorera Imana. Dutegerezwa gusa na Yesu imbere yo kwiyumvira gukora
ic’ari co cose ku bwiwe.
Paulo aravyemeza mu nyigisho ziwe zo mu 1 Ab’i Korinto 13:1-3 : « Naho novuga
indimi z’abantu n’iz’abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa
uvuga, cank’icuma kivuzwa kigasama. Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa
n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubwenge bwose, kandi naho nogira ukwizera
kwose, nka shobora gukuraho imisozi, ariko ntagira urukundo noba nd’ubusa. Kandi
naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri
wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo nta co vyomarira. » Umwami Yesu
adutegeka gukundana nk’uko yadukunze. Paulo yigisha kw’icaha co kudakunda Imana
n’abantu gihindura ubusa ibikorwa vyiza vyose dukora. Dusubiye kubona kw’icaha
n’ukutumvira kuzohanwa, twahamagariwe kuba abagororotsi.
Yesu yaravuze cane ku bizoshika ku musi w’iherezo. Muri Matayo 13:42, Yesu avuga
ati : « bazobaterera mw’itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya
insya z’amenyo. » Abanyakibi ni bo bazotsindwa n’urubanza ; kuko bazoba
barigenjeje nabi.
Muri Matayo 18:23-31, Yesu avuga inkuru y’umushumba yahariwe umwenda munini na
shebuja, ariko we ntiyaharira umushumba mugenzi umwenda mutoya yar’amufitiye.
Yesu avuga k’umushumba yahariwe umwenda yari mubi. Umwami yumvise k’umushumba
wiwe yafatiye mu kanigo mugenzi we yaramuheranye, yaciye amurungikira abasoda
baramufata bamushira mw’ibohero gushika arishe ivyo yar’amaze guharirwa vyose.
Ku karongo ka 35, Yesu yemeza kw’ari ko tuzoba nitutaharira abandi: « Na Data wo
mw’ijuru ni kw’azobagirira, ni mutaharirana, umuntu wese ngw’aharire mugenzi we
bivuye ku mutima. » Icigwa kiri ngaha n’ukw’abanka guharira abandi bazotsindwa
n’urubanza – kubera ingeso zabo.
Dusubire ku nkuru y’umushumba mubi n’umushumba mwiza. Bompi, bar’abakozi
b’Umwami. Umwe yashimiwe ubwizigirwa bwiwe, arik’uwundi agawa kukw’atar’uwo
kwizigirwa. Yesu amwita umukozi mubi. Yesu avuga ko shebuja « azomucamwo kubiri,
amusangize umugabane wiwe n’indyarya, aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya
z’amenyo » (Matayo 24: 51). Aho gukora ico yategetswe gukora, wa mukozi mubi
yaciye atangura kuryagumba abakozi bagenzi we – abakubira, asangira n’imborerwa.
Ingeso yiwe mbi ni yo yatumye atsindwa n’urubanza.
Nk’uko twabibonye mu mugani w’abakozi batatu babikijwe italanto, ngo bazidandaze
gushika aho shebuja azogarukira. Babiri mur ibo, barazindadaza zinguka incuro,
arik’uwagatatu arondera ah’ayimbira ngw’az’ayisubize shebuja agarutse. Ba
bashumba babiri biswe « beza kandi b’abizigirwa ». Umwami abwira umwe yahamba
italanto yiwe ati : « wa muntu wanje mubi » Umwami yaciye amugira iki? Yavuze
ati : « n’uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba
amarira no kuryanya insya z’amenyo. » Uwo mugani wanditswe muri Matayo 25:14-30.
Iyindi nyigisho isa n’iyo tuyisanga muri Luka 19:12-27.
Mur’izo nyigisho zose, Yesu ashimikira ku ngeso z’abantu. Abakozi bose badakora
nk’uko babitegekwa n’Umwami, ni abakozi babi. Bose baterewe mu muriro – mu
mwiza, aho ni ho hazoba kurira no kuryanya insya z’amenyo.
Abashimiwe, ni abakoze ivyo shebuja yabategetse gukora. Abashimiwe n’abagawe
baciriwe imanza hisunzwe ivyo bakoze.
Tumenyereye kwumva abantu bavuga ko Amerika n’ibihugu vya Buraya ar’ibihugu
vyasezereye ubukristo. Ubukristo busigaye ku munwa gusa, ntibukiri mu buzima bwa
misi yose. Yesu yaravugishijwe ku bihe nk’ivyo:
« Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana. Kandi hazokwaduka
abigira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi. Maze kuk’ubugarariji
buzogwira, urukundo rwa benshi ruzotimba. Arik’uwuhangana, agashitsa kw’iherezo,
ni we azokira » (Matayo 24:10-13).
Abantu benshi bariko baradohoka k’ukwizera rukristo. Har’abigira abavugishwa
n’Imana biyadukije kandi bazimiza benshi. Abakora ibizira n’abizera kw’ata
mukristo ashobora gutakaza agakiza bazimiza amasinzi y’abantu. Ni kubera iki
urukundo rw’abenshi rwatimvye? Ni kubera ibibi vyinshi – igihushanye
c’ubugororotsi.
Umwami Yesu arwanya ikibi, ubugarariji n’abakora ibizira. Ntangazwa n’ingene
abantu biyita abakristo badahengeshanya kuvuga kw’ingeso mbi n’icaha bidashobora
kubuza umuntu agakiza, ngw’Imana iraba ivyo twizera gusa, ntiraba ivyo dukora.
Wumva bitangaje ko Yesu yabajije iki kibazo : « Arik’Umwana w’umuntu ni yaza,
mbega azosanga ukwizera mw’isi ? » (Luka 18:8).
Wiyumvira kw’abakora ibizira bazocaruka urubanza rw’Imana ? Ivyo bivugisha
ngw’Imana iharura ukwizera kw’umuntu gusa ntiraba ivy’akora, ni ikinyoma
kibishe.
Izo nyigisho zabo zikwegera urubanza n’urupfu abazumviriza bivayanga mu vyaha,
bishimira inyigisho z’ibinyoma zibemeza kw’Imana azobaharurira ukwizera kwabo
gusa. Uko kwizera kwabo ntigukiza. Bizera ikinyoma bakagendera icaha no
kucishimira, ntibamenye kw’ar’urupfu. N’ah’abo bakora ibizira bavuga ko
bakijijwe, intumwa Yohana avuga kw’abo bantu batazi Imana kandi ko batigeze
bayimenya.
Ukwizera kw’abakora ibizira kwaramamaye. Ni kwo kwizera kwiganziye amashengero
menshi yo mu bihugu vya Buraya. Urugero rwo kwahukana mu bakristo bo muri
Amerika ni rwo rwemeza ivyo bintu. Twabonye kare mur’iki gitabo ko Yesu arwanya
ukwahukana, kiretse habaye ubusambanyi.
Itohoza ry’umurwi witwa Barna Research Group ryerekana k’ukwahukana kugwiriye mu
bakristo kuruta mu batizera, mbere no mubavuga kw’ata Mana ibaho. Witegereje
neza ibivugwa mur’iryo tohoza, usanga harimwo ibintu biteye bitangaje : ibice 27
kw’ijana vy’abiyita « abakristo bavutse ubwa kabiri » baramaze kwahukana
ugereranije n’ibice 24 kw’ijana vy’abatarakizwa. Mu mashengero ya Baptiste
n’ayandi mashengero y’abaporoti ahagarikiye ubukristo muri Amerika, ibice 29
kuri 35 kw’ijana, bigizwe n’abakristo bamaze kwahukana.
Mur’iyo mihingo, ishengero ntirisa n’isi, ni ribi kuruta isi. Abatizera nta dini
ribabuza kwahukana, arikw’abakristo, bafise Umwami abuza kwahukana, nibo
bahukana kuruta abatizera. Ishengero rya Baptiste ryaratwawe n’inyigisho mbi
kuko har’abizera kw’ata sano riri hagati y’ivyo bizera n’ivyo bakora nk’uko
bivugwa n’uwitwa Charles Stanley.
Turamaze gusubiramwo incuro nyinshi inyigisho ya Yesu dusanga muri Matayo 7:21
ivugakw’ « abakora » ivyo Data wo mw’ijuru agomba ari bo bazokwinjira mu bwami
bw’Imana. Ivyo Data agomba tubisanga mu nyigisho n’amabwirizwa ya Yesu. Ibintu
vyose agakiza kenenako, ari vyo bigize ukwizera gukiza, tubisanga mu nyigisho no
mu mategeko ya Yesu. Iyo twitondeye inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu,
tubadushikije ibintu vyose bigize ukwizera gukiza kandi tuba tugize ivy’agakiza
kadutegeka : kugira ivy’Imana igomba. Kwumvira amategeko ya Yesu ni kirumara.
Abumvira amabwirizwa yiwe baba berekanye ko bamukunda. Na we ubwiwe, na Se
bazokunda abo bantu (Yohana 14:21, 23). Yesu ati : « Nimwitondera ivyagezwe
vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data
nkaguma mu rukundo rwiwe » (Yohana 15:10). Yesu yabwiye abigishwa biwe ati : «
Mur’abigishwa banje ni mwakora ivyo mbagera » (Yohana 15:14). Twabonye
yuk’uwushaka kwakira Mpwemu Yera ategerezwa kuba akunda kandi yumvira Umwami
Yesu (Soma Yohana 14:15-17 n’Ivyakozwe n’intumwa 5:32). Mu kurangiza, agakiza ni
ku muntu yumvira Yesu gusa : « yabereye abamwumvira inyanduruko y’agakiza
gahoraho » (Abaheburayo 5:9).
Ushaka kumenya vyinshi k’ukugororoka, soma ivyo nanditse kuri :
www.bereanpublishers.com |Ibintu Agakiza Kenenako| Abakristo bategerezwa
Kugororoka?
Igice Ca 10
IMVUGO ZITITURA
UKUGOROROKA
Ntitukiganzwa n’ivyagezwe …
Inyigisho za Yesu zihamagarira abantu kuba no kugendera mu bugororotsi, ni co
gituma abamamaza inyigisho z’ibinyoma bagerageza kugoreka canke gushira ku
ruhande amategeko ya Yesu. Bakunda gusubiramwo amajambo ya Paulo akurikira: «…
kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu » (Abaroma 6:14-15). Paulo
yavuga ku vyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera, ivyagezwe Mose yahaye Abayuda.
Dusanzwe tuzi ko vyar’ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera kubera imishamirano
yabaye i Galatiya, ah’abigisha idini ry’Abayuda bategeka abakristo bava i
Galatiya kwitondera imigenzo yo mw’Isezerano rya Kera, nko gukebwa (soma Ab’i
Galatiya 2:4-5). Paulo yahambariye Petero amubwira ati: « Ko wewe witondera
ingeso z’abanyamahanga, zitar’iz’Abayuda, kand’ur’Umuyuda, ugobera ute
abanyamahanga kuba nk’Abayuda? » (Ab’i Galatiya 2:14).
Paulo avuga kw’ari musi y’ivyagezwe : « Yamara ku Mana ho sind’uwutaganzwa
n’ivyagezwe, kuko kuri Kristo nganzwa na vyo » (1 Ab’i Korinto 9:21. soma ab’i
Galatiya 6:2). Paulo yerekana kw’ivyagezwe vya Kristo ari vy’Imana, abigereranya
n’inyigisho n’amabwirizwa ya Kristo – icagezwe ca Kristo. Paulo yigisha avuga
kw’abakristo bategerezwa kwumvira ubutumwa bw’Umwami Yesu (2 Ab’i Tesalonika
1:8-10).
Guharurwako Ukugororoka
Abandi bantu bagoreka inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu ni abigisha
yuk’ukugororoka twebwe abakristo dukeneye ari kumwe twahawe na Yesu gusa. Bizera
yukw’iy’umuntu yizeye neza, Imana ibona muri we ukugororoka kwa Yesu,
n’ahw’ingeso zoba mbi. Bumira ku vyanditswe bivuga ngo : « ni co gituma
twiyumvira yuk’umuntu atsindanishirizwa n’ukwizera, ibikorwa bibwirijwe
n’ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa » (Abaroma 3:28). Abo bantu bizera
ivy’Isezerano rya Kera, s’icagezwe ca Kristo dusanga mu nyigisho no mu
mabwirizwa yiwe. Bigisha kw’Imana iraba ukugororoka kwa Kristo aba mubamwizeye.
N’aho Paulo yavuze ko dutsindanishirizwa n’ukwizera hatarinze kwiyumvirwa
ivyagezwe, ni wenyene yavuze ivyo dusanga mu Baroma 1:5: « Yesu Kristo ni we
yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubw’izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose
habemw’abumvira Imana, babiheshwa n’ukwizera. » Paulo avuga yukw’atahamagariwe
kubwira abantu uko bokwizera Yesu, ariko kuzana abantu k’ukwumvira guheshwa
n’ukwizera. Dutegerezwa kwumvira iki? Dutegerezwa kwumvira ikintu cose Umwami
Yesu yavuze n’ico yakoze. Ntibitangaje kwumva kw’abakora ibizira bavuga ko
bategwa n’ivyo Paulo yigishije?
Turamaze kubona, mur’iki gitabo, ivyanditswe bitari bike bivuga ku ngeso.
Inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu nka yose ashimikira ku ngeso z’abantu. Ivyo
vyose ntaco vyari kuba bimaze iy’Imana iba yitegereza ukuguroroka twahawe na
Yesu gusa.
Yohana aratanga insiguro y’ubugororotsi ati : « Bana bato, ntihakagire
uwubazimiza : uwukora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’uwo agororoka. » (1
Yohana 3:7). Insiguro ya Yohana ishimikiye ku ngeso z’umuntu, ntavuga
ukugororoka twahawe na Yesu. Aravuga kandi ati : « Iki ni co kitumenyesha ko
tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we. Uwuvuga ngo « Ndamuzi ntiyitondere
ivyagezwe vyiwe, ni umubeshi, ukuri ntikuri muri we » (1 Yohana 2:3-4). Har’ico
Yohana avuga ku nyigisho z’abakora ibizira n’abandi bakozi b’ibinyoma bashimika
mu kuvuga kw’ingeso z’umuntu ataco zimaze? Yohana avuga yukw’abo bantu ar’aba wa
Murwanizi, ar’ababeshi, kandi ukuri ntikuri muri bo. (Soma 1 Yohana 2:4 et
3:10.)
Urukundo rw’Imana Ataco Rufatiyeko
Iyindi mvugo iharawe ni « urukundo rw’Imana ataco rufatiyeko. » Iyo mvugo
tuyisanga kenshi mu nyigisho n’ivyizerwa vyemeza kw’agakiza ataco gafatira ko.
Izo nyigisho mbi zivuga ngo : « umuntu yigeze gukizwa, aguma akijijwe ibehe
vyose », ni vy’uwitwa Charles Stanley asobanura avuga yuk’umuntu wese afise
ukwizera, aba akijijwe. Iyo myizere yenena ku nyigisho y’ibinyoma ivuga ko –
urukundo rw’Imana ataco rufatiye ko.
Urukundo rw’Imana rufise ico rufatira ko. Ivyanditswe bivuga yuko, uhereye
kw’itanguriro ugashika ku vyahishuriwe Yohana, urukundo rw’Imana rufise ico
rufatira ko. Duhereye muri Yohana 14:21 na 23-24 turabe ingene urukundo rw’Imana
rufise ico rufatira ko:
« Uwuri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, awo ni we ankunda, kand’uwunkunda
azokundwa na Data, nanje nzomukunda kandi nzomwihishurira » (Yohana 14:21).
Yesu aramwishura ati : « Ni hagira uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi
Data azomukunda, maze tuzoza kuri we tubane na we. Uwutankunda ntiyitondera
amajambo yanje, kand’ijambo mwumva s’iryanje, ariko ni rya Data yantumye »
(Yohana 14:23-24).
Ku karongo ka 21, Yesu avuga yuk’uwumukunda ar’uwitondera ivyagezwe vyiwe
kand’amwumvira. Yongerakw’avuga ko Se na w’ubwiwe bazokunda uwumukunda – iryo
n’itegeko. Ku karongo ka 23, Yesu avuga ko Se akunda uwukunda Yesu wese
(uwitondera amajambo yiwe). Kugira umuntu ashobore gukundwa n’Imana ategerezwa
kuba akunda Yesu kandi yitondera amajambo yiwe. Ku karongo ka 24, Yesu avuga
kw’iryo jambo atari iryo yigeneye, arikw’ari irya Se yamutumye. Kur’iyo mirongo,
urukundo rw’Imana (co kimwe n’urukundo rwa Yesu) rufatiye k’ukwumvira
amabwirizwa n’amajambo ya Yesu.
Naho tutorinda guserangura ibindi vyanditswe, twabonye kw’abakora ibizira,
abizera k’umukristo adashobora gutakaza agakiza, n’abigisha kw’ata sano riri
hagati y’ukwizera n’ingeso z’umuntu badakunda Umwami Yesu na gato. Kubera iki ?
Kuko batitondera canke ngo bumvire ivyagezwe vyiwe. Bavuga ko bari mu gihe
c’ubuntu, batakiri musi y’ivyagezwe. Ibihari? « Uvuze ko ntakunda Umwami Yesu? »
Ivyanditswe biratanga insiguro y’ugukunda Imana : « Kuk’ugukunda Imana ar’uku,
n’uko twitondera ivyagezwe vyayo » (1 Yohana 5:3). Umwami Yesu yarabisubiyemwo
muri Yohana 14:15 : « Ni mwankunda muzokwitondera ivyagezwe vyanje. » dufatiye
ku nsiguro tubona mu vyanditswe, turashobora kuvuga tudakekeranya kw’abo bantu
badakunda Umwami Yesu. ni abagarariji gusa. Bishingiye ivyizerwa bishasha
vyemeza k’umuntu aguma akijijwe n’ah’atoba yumvira Umwami Yesu.
Abadakunda canke ngo bumvire Umwami bazoba iki? Bibiliya ivuga ibikurikira kuri
Yohana 3:36 :
« Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’Uwutumvira Umwana ntazobona
ubugingo, arik’uburake bw’Imana buguma kuri we. »
Iyo nsobanuro isa n’iyiri muri Bibiliya z’icongereza zitwa ASV na RSV. Ubona
har’ahantu handitswe k’urukundo rw’Imana rutagira ico rufatirako? Ntaho. Uburake
bw’Imana buri ku bantu bose batumvira Umwana. Soma Abanyefeso 2:3.
Ivyo bice vyerekana neza kw’inyigisho z’abakora ibizira atari zo. Abazizera
bavuga ko bafise ubugingo budashira kuko bizera Umwana w’Imana, n’aho
batamwumvira. Bishimira ubuntu, bakigisha ko batakiganzwa n’ivyagezwe. Ubwo ni
ubuyobe. Ivyanditswe tumaze kubona vyemeza k’umuntu wese atumvira Umwana ata
bugingo afise muri we. Uwizera wese ategerezwa kwumvira uwo yizeye. Abavuga ko
bizera, kandi batubaha, nta kwizera bafise na gato, kukw’ari kwo Bibiliya
yigisha – kwizera no kwumvira ni vyo bihimbara Imana. Abo rero nta kwizera
gukiza bafise kukw’iyaba bagufise bari kwumvira. N’abadayimoni barizera Imana
(Yakobo 2:19). Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye (Yakobo 2:26).
Tugereranye insobanuro ya Bibiliya n’insobanuro dusanga mu bitabo vyo kw’isi.
Bibiliya ni igitabo gitandukanye n’ibindi vyose vyo mw’isi. Igihe abashingwamaza
basobanuro amasezero nta kindi bisunga atari « ivyanditswe muri yo nyene ».
Basigura amajambo yose yanditswe mwo n’ingene yanditswe ata guca i ruhande.
Bemerewe kwisunga ibindi bitabo igihe har’amajambo atasobanuwe neza igihe
amasezerano yategurwa canke yashizwe mu ngiro. Ni ko na Bibiliya isobanurwa.
Akarorero, nta muntu atazi ico bisigura « gukunda » umuntu, n’aho insobanuro
y’umwe ishobora gutandukana n’iy’uwundi. Mbega none gukunda Imana bisigura iki ?
Wumva wobisobanura uko wishakiye utisunze ivyanditswe vyera ? Iyo nsobanuro yawe
ntiyoba ari yo. Ivyanditswe bitubwira yuko : « gukunda Imana ar’ukwumvira
ivyagezwe vyayo » (1 Yohana 5:3). Biragaragara yukw’ata muntu yokwiyumvira
yuk’ukwo ari kwo gukunda Imana. Ni co catumye Yesu avuga ati : « Nimwankunda
muzokwitondera ivyo mbagera » (Yohana 14:15). Yamenye kw’abamwumvira ari bo
bamukunda. Dusubiye kuri yo nsobanuro yo gukunda Imana, uca tubona ko Yesu ari
Imana.
Ni ko dutegerezwa gusobanura « kwizera » cank’ « ukwizera ». Insiguro Bibiliya
itanga s’ukwemera mu bwenge kw’ikintu kanaka ari co. Mu Baroma 1:5, tubona ko
kwumvira kuzanwa n’ukwizera. Ibintu vyose agakiza kenenako, nk’uko tumaze
kubona, ni inyigisho n’amategeko y’Imana twahawe na Yesu acishirije mu nyigisho
no mu mabwirizwa yiwe, dutegerezwa kwumvira. Kuk’ubuntu ni bwo badukijije
kubw’ukwizera ; na vyo nyene ntivyavuye kuri twebwe, ni ingabire y’Imana,
ntivyavuye ku bikorwa kugira ngo hoye kugira uwirarira (Abanyefeso 2:8-9).
Bibiliya itubwiye ko dutegerezwa gukora iki canke kiriya kugira dushobore
gukizwa, dutegerezwa kigishira mu gitigiri c’ibintu bigize ukwizera kwacu buno
nyene! Mu bisanzwe ukwizera kugizwe n’ibintu bitandukanye. Nta gitabo na kimwe
gishobora kuduha insobanuro yakwo atari Bibiliya gusa.
Urukundo rw’Imana rugira ico rufatiye ko. Soma www.bereanpublishers.com |
Inyigisho z’Ibinyoma | Mbega urukundo rw’Imana nta co rufatira ko?
Nd’Umunyavyaha yakijijwe n’ubuntu gusa.
Umwungere arashobora kubwira imikuku yiwe ati, « nd’umunyavyaha nka mwe,
nakijijwe n’ubuntu gusa. » Mu bisanzwe umunyavyaha ni umuntu akora ivyaha.
Kumbure uwo mwungere yoba agomba kw’ishushanya n’imikuku yiwe. Mbega Bibiliya
yoba ibivuga kw’iki? Nta hantu na hamwe mw’Isezerano Rishasha, umuntu yizera
Yesu yitwa umunyavyaha. Nta muntu n’umwe yiswe « umunyavyaha-yizera » Nta muntu
yizera Yesu aguma ar’umunyavyaha; ntaba akigendera mu vyaha. Simvuze
k’umwigishwa wa Yesu adashobora gucumura. Intumwa Yohana avuga k’umwigishwa wa
Yesu ataguma mu vyaha? Avuga ati : « Umuntu wese aguma muri we ntakora (ntaguma
akora) ivyaha. Uwukora ivyaha wese ntiyamubonye, kandi ntiyamumenye » (1 Yohana
3:6).
Iy’umuntu yizeye Umwami Yesu, aba abaye icaremwe gishasha. Aba abaye uwera,
umukozi, umuja, umugurano wa Kristo…, ntaba akiri umunyavyaha.
Iryo jambo ntirigwa neza abakora ibizira kuko bizera ko bashobora kuguma mu
vyaha, ntibatakaze agakiza kabo, kuko basanzwe bigisha kw’ata sano riri hagati
y’agakiza n’uk’umuntu yigenza. Ni abanyavyaha. Bizera yuk’ubuntu bw’Imana bubaha
uburenganzira bwo gukora ivyo bashaka vyose. Uwitwa Tozer ni we yavuze ati : «
ikizira c’ubuyobe ni umuntu wese yigisha nabi ubuntu akazimira. Ni ukwitiranya
n’ukugoreka inyigisho z’ugutsindanishirizwa n’ukwizera. »
Ugomba kumenya vyinshi kur’izo nyigisho, urasoma www.bereanpublishers.com |
Ibibazo vy’Inkoramutima| Abakristo Baragororoka canke ni Abanyavyaha?
Imana ikunda abanyavyaha ariko yanka icaha.
Iyindi mvugo igezweho mu mashengero atari make ivuga iti: « Imana ikunda
abanyavyaha ariko yanka icaha. » Ivyo bikunda kuvugwa n’abakora ibizira
n’abizera k’umukristo adashobora gutakaza agakiza kiwe n’iyo yoguma mu vyaha.
Bizera kw’ari abanyavyaha kandi kw’ataco bashobora gukora cobatandukanya n’icaha
kuko bizeye ikinyoma kivuga yukw’ata sano riri hagati y’ingeso (icaha)
n’agakiza. Umunyavyaha ni umuntu aguma mu vyaha.
None wumva Imana ikunda abanyavyaha koko ? Turabe ico Bibiliya ivuga muri Zaburi
5:4-6, aho Dawidi yavuze ati : « Kuk’utari Imana y’intambirakibi; Umunyakibi
ntazobana nawe. Abibona ntibazohagarara mu nyonga zawe, Wanka inkozi z’ibibi
zose, Uhoraho yanka urunuka umwicanyi n’ingunge. » Uyu murongo wemeza neza
kw’Imana yanka abanyavyaha kandi kw’ata munyakibi azobana n’’Imana.
Muri Zaburi 11:5, Dawidi avuga ati : « Uhoraho asuzuma abagorortsi,
arik’umunyakibi n’uwukunda umuryano, umutima wiwe urabanka. » Hoseya yanditse
ati : « Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali ; ni ho nabazinukiwe;
kubw’ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje. Sinzoba nkibakunda
ukundi : abaganwa babo bose n’abagarariji (Hoseya 9:15. Soma na Yeremiya 12:8).
Ubu turashobora gutahura neza Yohana 3:36 aho Yesu avuga k’uburake bw’Imana buri
ku muntu wese atumvira Umwana. Imana yanka abanyakibi – abatumvira inyigisho
n’amabwirizwa ya Yesu. Ba bungere n’abigisha batumvira n’ibigirankana itegeko
rya Yesu ryo kwigisha abigishwa babo « kwitondera ivyo Yesu yatugeze vyose? »
(Matayo 28:20).
Ivyaha vya kera n’ivyo muri kazoza vyarahariwe vyose.
Iyindi mvugo y’abakora ibizira n’abigisha kw’ata sano riri hagati y’ingeso
n’ukwizera kw’umuntu : « iy’umuntu yihanye ivyaha vyiwe, ivyo yakoze kera
n’ivy’azokora muri kazoza vyose biba bihariwe. » Ijambo ry’Imana ryama
ritugabisha ku nyigisho z’ibinyoma mu kuduhishurira ukuri imbere y’igihe.
Bibiliya ni ijambo ryima ryikije, ni co gituma yisobanura ubwayo. Imana yavugiye
muri Petero iti : « Kuk’utagira ivyo ar’impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye
umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera » (2 Petero 1:9). Igihe twihanye, duharirwa
ivyaha vyacu vya kera gusa.
Ivyo tubisanga cane cane mu vyete Umwami Yesu yarungiye amashengero ndwi yo muri
Asiya : « N’uko niwibuke aho wavuye ukagwa, wihane, ukore ibikorwa nk’ivya
mbere. N’utagire urtyo, nzoza kuri wewe nkure kw’igiterekwa kw’itara cawe ihantu
haco, shiti wihanye » (Ivyahishuriwe 2:5). Ivyo vyabirwa ishengero. Nimba iryo
shengero ryari ryarahariwe ivyaha vyose rizokora muri kazoza, n’iki catumye Yesu
aritegeka kwihana?
Mw’ishengero ry’i Perugamo, Yesu ahambarira abashakanyi n’abakurikira inyigisho
z’abanikolayiti. Ababwira ati : nuko rero ni wihane : n’utihana nzoza kuri wewe
vuba, kand’abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje » (Ivyahishuriwe
2:15-16). Yari kubabwirira iki ngo bihane iyo ivyaha vyabo vyo muri kazoza vyari
kuba vyarahariwe? Ivyo bisigura kw’ivyaha vyabo vyo muri kazoza bitegerezwa
guharirwa vyihanywe. Dutegerezwa kwatura icaha igihe cose tukiguyemwo. Gurtyo,
tuzoshobora kugendera mu kwera – ata gasembwa cank’amarabaga imbere y’Imana
(Ab’i Kolosayi 1:23).
Ubwa nyuma ni twihweze ivyo Yesu yabwiye ishengero ry’i Tuwatira:
« Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita
uwuvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, ngo bashakane barye
ivyaterekewe. Kandi namuhaye uburyo bwo kwihana, ntayakunda kwihana ngw’areke
ubushakanyi bwiwe. Ehe ndamutsinda ku buriri, ndarungira abasambana nawe
amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe. Kandi n’abana biwe nzobicisha
urupfu, kand’amashengero yose azomenya yukw’ari jewe nsesa mu mishaha no mu
mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebwe ibihwanye n’ivyo mwakoze »
(Ivyahishuriwe 2:20-23).
Mur’iki gice Yesu ahamagarira Yezebeli n’abasambana nawe kwihana. Yesu avuga
kw’azohana umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze. Ivyo vyerekana kw’abantu
bazohorwa ivyaha banse kwihana. Ako kamo ka Yesu kerekana k’umuntu yihana ivyaha
adashobora kwihana ivyaha atara kora, yihana ivyo amaze gukora gusa.
Biragaragara yukw’izo nyigisho z’ibinyoma zishingiye k’ugutahura nabi ukwihana.
Ukwihana ni uguheba icaha ugahindukirira Imana. Abagendera mu vyaha nta mbabazi
bazogirirwa n‘aho biyumvira ko bamaze kuzigirirwa. Ukwihana kugaragazwa
n’uguheba icaha, guhindukira n’ugukora ibishoboka vyose ntugisubiremwo. Nta
wushobora kwihana ivyaha atarakora.
Ntibigoye kumenya igituma abakora ibizira n’abizera k’umukristo adashobora
gutakaza agakiza n’aho yogendera mu vyaha. Biyumvira ko kwizera ari kwo
kubakingira ibihe bidashira, n’ivyaha bazokora muri kazoza. Muganga Stanley
avuga kw’ata caha co muri kazoza cotuma umuntu atakaza agakiza nimba amaze
kwizera.
Inyigisho mbi imwe ishobora kujana umuntu mu nyigisho mbi zitandukanye.
Ufatiye ko vy’umaze kumenya k’ukugororoka, urashobora kubona ingene Satani
yironderera inzira zitandukanye ngw’anyengetere mw’ishengero acishirije mu
nyigisho mbi zigisha yuk’ukugororoka kudakenewe cane, canke kw’ata muntu
ashobora kugororoka akiri kw’isi, canke ko ukugororoka kwa Yesu guhagije –
tudakeneye kugendera mu kugororoka. Amatohoza atari make aramaze kugaragaza
yukw’abiyita Abakristo bigenza nk’abanyavyaha bivugira ubwabo ko badakijijwe.
Se w’ibinyoma yama arondera ukwo yozimiza abafise imitima ikeye bagomba kuba
abigishwa b’Umwami Yesu. Agomba ko bizera ikinyoma, yukw’ata muntu ashobora
kugendera mu kugororoka kand’ata sano riri hagati y’agakiza n’ingeso zacu.
Agomba ko bashishikara kugabitanya, ntibagororoke, bame ar’abigishwa biwe –
abana b’Umurwanizi. Ni ko bigenda kenshi.
Gutahura nabi Abaroma 7.
Aho nari nkikizwa, narakunda kuja gufata akayi tuvuye gusenga ndi kumwe n’abandi
bagenzi dusenga hamwe, tuvugana amajambo y’Imana. Umusi ur’izina, mvuga
kuvy’ukugororoka, abari aho bose bansamira hejuru bati : « Ntidushobora
kugororoka tukiri kw’isi. Ducumura incuro amajana buri musi. Ico dukora ni
ugusaba Imana imbabazi gusa. Na Paulo yaracumura. Har’uwusumba Paulo muri twebwe
? »
Nari nsanzwe nzi 1 Yohana 3:6 : « Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha ;
uwukora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye. » Buno nyene menya ko
bihenze. Batahura nabi ivyanditswe mu Baroma 7:14-24, aho Paulo avuga ati :
« Kuko tuzi yukw’ivyagezwe ar’ivy’impwemu ; ariko jewe nganzwa n’akameremere
kanje, naguriwe kuba umugurano w’icaha. Sinzi ico nkora : kukw’ico ngomba atari
co nkora, arikw’ico nanka akaba ari co nkora. … none rero si jewe nkibikora,
ariko ni icaha kimbamwo. Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza
kimbamwo : kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo.
Kukw’iciza ngomba atari con kora, arikw’ikibi ntagomba akaba ari co nkora. Ariko
ko nkora ico ntagomba, si jewe nkikora, ariko ni icaha kimbamwo » (Abaroma
7:14-20).
Naribaza kw’ari vyo Petero yanditse aho yavuga ku vyete vya Paulo ati: « … muri
vyo harimwo bimwe bimwe bigoye itahura, ivy’abatungu badakomeye bagoreka, nk’uko
bagira ivyanditswe bindi, bakihamagarira guhona » (2 Petero 3:16).
Nari nzi ko Paulo adashobora kuvuga yuk’umukristo ari umugurano w’icaha. Mu
Baroma 6:15-18, Paulo avuga ati:
« Nuko tugire dute ? Mbega ukore ivyaha kuko tutaganzwa n’ivyagezwe, ariko
tuganzwa n’ubuntu? Biragahera. Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abagurano bo
kwumwumvira uwo, mur’abagurano b’uwo mwumvira uwo ? Namba mur’abagurano b’icaha
kizana urupfu, cank’abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka? Arikw’Imana ishimiye
yuko n’aho mwar’abagurano b’icaha, mwumviye mu mitima uburyo bwo kwigisha
mwahawe. Kandi mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mujakarira ukugororoka. »
Ivyo vyanditswe biratangaje. Ico canditswe ca nyuma cemeza ibintu vyose twabonye
vyerekeye akamo ka Yesu ko kugororoka n’urubanza abagurano b’icaha bazocirwa.
Paulo avuga ko dutegerezwa kujakarira ukwumvira, kuzana ukugororoka. Avuga ati :
« mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mujakarira ukugororoka. » Paulo avuga
kw’atari uw’impwemu, umuja w’icaha?
Ingorane zihagaze ku nsobanuro mbi y’irivuga yakoresheje. Mu Baroma 7, Paulo
avuga muri kubu, yerekana kw’ari mur’ubwo buzima. Reka tuvyihweze ubugira kandi.
Insobanuro ya Bibiliya yitwa Young, itubwira ikintu gikomeye ku banditsi
b’Abaheburayo :
Mu kudonda inkuru za kahise canke kazoza, abanditsi b’Abaheburayo bavuga inkuru
nk’aho yabaye ari ho bari ; ni co gituma bakoresha cane umwanya wa kubu
(insiguro y’umwanditsi).
Niko Paulo yabigenjeje. Yakoresheje umwanya wa kubu mu kuvuga uko yar’ameze
ataramenya Kristo. Ico canditswe carateye ingorane nyinshi mu bihugu bitari bike
kukw’abanditsi b’ivyo bihugu badakoresha ubwo buryo bwo kwandika. Umaze gutahura
ivyo, uc’utahura neza ico canditswe. Paulo yarikw’avuga uko yar’ameze atarizera
Kristo. Ataramenya Umwami Yesu, Paulo avuga ati : « Ewe jewe ndagowe! Ni nde
yonkiza umubiri untera uru rupfu? » (Abaroma 7:24). Atanga inyishu y’ico kibazo
ku karongo gakurikira ati: « Imana ishimwe, kubwa Yesu Kristo Umwami wacu. »
Mu Baroma 8:1-2 Paulo aratanga inyishu y’ikibazo yabajije ku gice kigira 7: «
Nuko rero noneh’abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda. Kukw’ikingera
ca Mpwemu w’ubugingo bwo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera
c’icaha n’ic’urupfu. »
Nta bimenyetso bihari vyo kwemeza kw’ivyanditswe mu Baroma 7 vyerekana kw’ari
kwo Paulo yar’ameze mu gukorera Umwami wiwe, Yesu. Paulo abwira abizera ati «
mfise umutima utanduye, utarimw’ijwi rinyagiriza ikibi » (2 Timoteyo 1:3), «
narwanye intambara nziza … narangije urugendo, nazigamye ukwizera » (2 Timoteyo
4:7). Yavuze ati : « Kuk’ukwirata kwacu ar’uku, kand’ijwi ryo mu mitima yacu
rirabishingira intahe : ingeso twagirira mw’isi, kandi cane-cane muri mwebwe,
zar’ukwera n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bwenge bw’abantu,
ariko mu buntu bw’Imana » (2 Ab’i Korinto 1:12). « Muduhe ikibanza mu mitima
yanyu ; nta we twagiriye nabi, nta we twononye, nta we twagunze » (2 Ab’i
Korinto 7:2).
Paulo aduha urugero rwiza twokwisunga: «Ivyo mwize, ivyo mwakiriye, ivyo
mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora : nih’Imana Nyen’amahoro izobana
na mwe » (Ab’i Filipi 4:9). « Ndabingize, bene Data, mumere nka nje, kuko nanje
meze nka mwe » (Ab’i Galatiya 4:12). « Nuko ndabinginga munyigane » (1 Ab’i
Korinto 4:16). « Gumya icitegerezo c’amajambo mazima wanyumvanye, ukugumishe
ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu » (2 Timoteyo 1:13). « Bene Data,
munyigane, mwitegereze abagenda batwigana, nk’uko mudugiseko icitegerezo » (Ab’i
Filipi 3:17). « Ubwanyu murazi uko mukwiye kutwigana, kuko tutasaragurika muri
mwebwe, ntitwarye ivyo kurya vy’umuntu n’umwe ku busa, ariko twagira ubutame
n’ubucumukure, dukora ku murango no mw’ijoro, kugira ngo ntitugire umuntu muri
mwebwe tugora. S’uko tutavyemerewe, ariko ni kugira ngo tubabere icitegerezo
mutwigane » (2 Ab’i Tesalonika 3:7-9). Ukwo ni ko dushobora gusobanura amajambo
ya Paulo.
Ntibitangaje kubona abakora ibizira n’abizera kw’ata mukristo ashobora gutakaza
agakiza bakunda gusobanura nabi iyo mirongo. Barazi neza kw’ar’abanyavyaha;
intumbero yabo ni ukwemeza abantu ko n’intumwa Paulo yagendera mu vyaha. Ivyo
vyose ni kugira ngo bashobore kuguma mu vyaha, babiheshwa n’ugusobanura
ivyanditswe ukutariko.
Ushaka kumenya vyinshi ku Baroma 7, soma « Ugusuburamwo Abaroma 7 », kuri
www.bereanpublishers.com | Inyigisho z’ibinyoma | Gusubiramwo Abaroma 7.
Igice Ca 11
IHANE, HINDUKA WIGISHE ABANDI!
Mu kinyamakuru : « Inkuru z’incamugongo » c’ishengero Willow Creek Community
casohotse ku wa 30 Gitugutu 2007, uwitwa Bob Burney yavuze kw’iryo shengero
ryasohoye inkuru zerekana ikibanza integuro n’imitegekere yabo ifise
mw’ishengero. Ivyavuye mur’ivyo vyigwa vyasohowe mu gitabo ciswe Sokoroka :
Werekane Ah’uhagaze? Uwitwa Hybels yavyise : « Nyamugigima », «Igihuhusi » cank’
« Ikiza ».
Ico gitabo cerekana yuko har’ibintu vyinshi bamaze imyaka bakora mbere bigisha
n’amasinzi y’abantu gukora, ataco vyabafashije mu gikorwa co kugira abantu kuba
abigishwa ba Yesu Kristo. Ivyo bakoze vyose vyabashikanye ku gitigiri kinini
c’abanyeshengero, atari abigishwa. Ni akaga. Umukozi w’Imana Hybels yidoga avuga
ati:
« Ibintu twakoze twiyumvira ko bizofasha abantu bacu gutera imbere mu mpwemu,
bidutwara amamiriyoni y’amadorarii, ntaco vyabafashije na gato. Ariko har’ibindi
bitadutwaye uburyo bwinshi, cank’abakozi benshi, vyafashije abantu bacu cane. »
Nimba ushaka kw’irundaniriza abantu mw’ishengero ryawe, uburyo burashe
n’ukorendera « ingwizamurongo ». Arik’ukaba wifuza kugira abigishwa babushitse,
b’imvugakuri, uramenya kw’atari ugusimbirako. Uwitwa Hybels yavuze muri za nkuru
z’incamugongo ati :
« Twaramenje. Ico twategerezwa gukora abantu bagihitamwo ubwa mbere kuba
abakristo, kwari kubabwira no kubigisha kwufungurira mu mpwemu. Twategerezwa
kubwira abantu ko bategerezwa gusoma Bibiliya aho bari hose, ngo babashe gukura
mu mpwemu. »
Biratangaje kwumva yukw’abiyita abahinga mu vyo gukura kw’ishengero ari bo
bigisha kw’abakristo bategerezwa gusoma Bibiliya zabo no gukora ibishoboka vyose
ngo bakure mu mpwemu.
Ikinyamakuru citwa « Kuva i Uri », kirafise ico kibivugako:
Ugukura mu mpwemu ntikuzanwa n’ukwumira ku mitegekere y’idini, ariko
k’ukwimenyereza gusenga, gusoma ijambo ry’Imana no gutosora imigenderanire yacu
n’abandi bantu. Kandi rero iyo myimenyerezo ntisaba ibikoresho bigurwa
amamiriyoni y’amadorali cank’igitigiri kinini c’abakozi ‘Imana.
Mbega ivyo vyerekana yukw’ishengero Willow Creek ririko ritakaza ikibanza c’aryo
muri Amerika? Si ko Hawkins abibona:
« Indoto yacu n’uguhindura burundu ingene tugira amashengero. Dutegerezwa
kwiyumvira ubugira kandi ku migambi n’ibikorwa vyacu vya kera. Dutegerezwa
kubisubiriza imigambi n’ibikorwa bishasha. Ivyo ni vyo dusanga mu matohoza twama
dukora n’inyigisho dusanga mu vyanditswe. Intumbero yacu itegerezwa kuba iyo
gushira umutima ku vy’Imana irikw’irakora n’ivyo idutegeka gukora kugira tubashe
guhindura iyi si turimwo. »
Ni kuki tutaronka abigishwa b’ingyamunyu kandi dukoresha amamiriyoni y’amadorari
mu nteguro n’ibikorwa vyacu? Ntibitangaje namba. Yesu adutegeka kugira abigishwa
tubigisha kwitondera ivyo yatugeze. Bill Hybels n’abandi bakozi b’Imana bakorana
mw’ishengero ryabo ntibaratahura ico kintu. Biyumvira kw’ar’ukwigisha abantu
babo gusoma Bibiliya zabo aho bari hose no gukora ibishoboka vyose kugira
babashe gukura mu mpwemu.
Greg Hawkins n’abo bakozi b’Imana duhejeje kuvuga barahushije inzira. Biyumvira
ko bategerezwa kwama basubiramwo integuro n’imigabo yabo gushika ah’ibintu
bizogenda neza. Ni kuki badasoma Matayo 28:18-20 ngo babone ic’umutwe
w’ishengero uvuga ku gikorwa co kugira abigishwa ?
Nimba ur’umwungere cank’umwigisha ukanka canke ukirengagiza kugira abigishwa
ubigisha kwitondera ivyo Kristo yakugeze, utegerezwa kwihana iyo ngeso yawe mbi.
Ivyanditswe biravuga neza ku bantu bakora ivyaha ibigirankana:
Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivy’ukuri,
ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha, ariko haba hasigaye kwitegana ubwoba
gucirwakw’iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana
(Abaheburayo 10:26-27).
Nimba aho ha mbere utar’uzi ukuri, ubu wakumenye. Nta kagongwe uzogirirwa
niwashishikara kwigenza nk’umwansi w’Imana.
Nta kintu kibabaje mu bukristo nk’iki. Abantu ntibasiba kwinjira mu mashengero
ariko ntibazi ijambo ry’Imana. Mu bisanzwe abantu bazanwa no kwumva inyigisho
z’Imana no kwumva ic’ibashakako, ngo babashe kwinjira mu bwami bw’ijuru. Kenshi
usanga bigishwa ubutumwa butari bwo, budashobora no kubakiza. Ukaba utigisha
imikuku yawe ukwumvira inyigisho n’amabwirizwa y’Umwami Yesu, menyako ubutumwa
wigisha atari bwo. Nta bundi butumwa bushobora gukiza. Paulo ni we yavuze ati :
Hagati mu muriro waka, yishure guhorwa abatamenye Imana n’abatumvira ubutumwa
bw’Umwami wacu Yesu. Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga
h’Umwami no mu bwiza bw’ubushobozi bwiwe (2 Ab’i Tesalonika 1:8-9).
Iki gitabo gihamagarira abantu kwumvira amabwirizwa ya Yesu no kugira abigishwa
« babigisha kwitondera ivyo Yesu yatugeze vyose » (Matayo 28:20). Urashobora
guhindura no guhinduka, arik’usabwa kwitaho kwumvira no gukurikira Imana,
s’abantu. Nta muntu n’umwe atigeze gukora ibintu bidahimbara Imana – kensi
ntitwamenya ingaruka z’ivyo twakora. Nitutihana ngo duhinduke, tuzocirwa isumba
iz’abandi bose (Yakobo 3:1).
Mbabazwa n’amasinzi y’abantu binjira mu mashengero atavuga ubutumwa bw’Umwami
wacu Yesu, bonona umwanya wabo n’ivyo batunze bataziko bariko baja i kuzimu kuko
batigishwa kandi batumvira inyigisho n’amabwirizwa ya Kristo, kuk’umuntu wese
atayazi cank’atayumvira adashobora kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru.
Igihe abantu bigishijwe neza inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu ni ho bashobora
gushika k’ukumenya ukuri kw’Imana, bagatangura kwumvira ubutumwa bw’Umwami wacu
Yesu ata gitsure cank’akagobero, ni ho bashobora kuba abigishwa biwe b’ukuri.
Urashaka kuba umwigishwa wiwe? Raba inyigisho za Bibiliya nateguye mur’iyi myaka
cumi irangiye ku Nyigisho n’Amabwirizwa ya Yesu. Uzozisanga kuri
www.bereanpublishers.com | Inyigisho za Bibiliya. Ijambo ry’umutwe ni KUMENYA NO
GUKUNDA IMANA mu Kwigisha no Kwumvira Inyigisho n’Amabwirizwa ya Yesu.
Aho nigisha incuro ya mbere inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu nari muri
Nouvelle-Zélande. Nti vyoroshe, ariko birashoboka. Mu myaka ine n’igice nari
ngejeje hagati y’injili yanditswe na Luka.
Dusubiye i muhira muri Amerika, naciye nsubiramwo izo nyigisho zose ndazandika
bushasha. Naragerageje kuzoroshe kugira umuntu wese ashobore kuzisoma no
kuzigisha. Mperuka kuzigisha mur’ubwo buryo bushasha, ntangazwa no kubona ko
zafashe indwi 43 gusa. Izo nyigisho ubwazo nta we zishobora guhundura.
Igihundura abantu ni amajambo ya Yesu. Amajambo yiwe ni mpwemu n’ubugingo.
« Ahaaa… » Yanditse iki gitabo kugira yironderere isoko. Ndazi ko har’abantu
bashobora kwiyumvira uko, kuko nsanzwe nzi ko har’abantu batari bake badandaza
ubutumwa bwiza.
Izo nyigisho zanje zironkeka ku BUNTU kuri bwa buhinga bwa none bwitwa Internet.
Izo nyigisho zigabuwe mu bice bine bigizwe n’indwi 12, indwi 13, indwi 12
n’indwi 5. Nagize gurtyo kugira ngw’abakurikira izo nyigisho babashe kuruhuka.
Ibice bitatu vya mbere birimwo inyigisho n’amabwirizwa yose ya Yesu, kimwe kimwe
ukwaco. Injili zirimwo amajambo asa kandi agenda asubirwamwo cane. Ni vyiza
kumenya yukw’Imana ivuga ikintu kimwe yikurikiranya kugira ntihagire
uwucirengagiza. Ariko naragize uko nshoboye, mur’izi nyigisho, kugira
ngw’inyigisho n’ibwirizwa ryose ryo mur’izo nyigisho ntirisubirwemwo incuro
irenga 1 kugira ntihagire uwucerezwa no gusubiramwo ikintu kimwe incuro.
Har’inyigisho 382 mur’ivyo bice bitatu vya mbere. Inyigisho yose irimwo
n’imiburiburi inyigisho imwe cank’itegeko rimwe. Igice ca kane kigizwe
n’inyigisho 80 zerekana inyigisho cank’amabwirizwa agakiza kenenako – ni ibintu
uwushaka agakiza wese ategerezwa kwitondera.
Reka ndakubwire ubuhinga nkoresha mu gutanga izo nyigisho. Nsohora inyigisho
zine ku ndwi. Ukw’abantu biyongera ni ko ngwiza inyigisho. Nama nibangikanya
inyigisho zogushikiriza abantu baza hagati y’inyigisho.
Ku bijanye no kubika neza izo nyigisho, raba kuri www.bereanpublishers.com |
Inyigisho za Bibiliya.
Abantu bari hagati ya cumi na mirongwibiri ni bo bamaze gukurikirana izo
nyigisho. Ni vyiza gukurikirana izo nyigisho mu mugwi mitomito kugira ushobore
gukurikirana neza umuntu wese ari mu mugwi.
Nigisha mu buryo busanzwe cane. Abigishwa banje bafise imisi itanu
y’imyimenyerezo yoroshe. Umwigishwa wese ategerezwa gukora imyimenyerezo yiwe
imbere y’uko dusubira gukorana. Twama dutangura amakoraniro yacu igihe c’isaha
imwe y’ijoro. Abigishwa bagenda bakuranwa gusenga Imana imbere yo gutangura
ikoraniro. Twicara turabana kugira dushobore kubona no kwumva umuntu wese.
Duhejeje gusenga duca dutandukira icigwa c’uwo musi uri hejuru, kuko tuba tumaze
indwi tucigira i muhira. Umwigishwa wese ategerezwa gusoma, n’uwoba atagize
umwimenyerezo wiwe mur’iyo ndwi, ivyo na vyo bishika gake cane. Umuntu wese
arafise uburenganzira bwo kubaza ikibazo canke kugira ico aterereye igihe cose
n’aho twoba turi hagati mu cigwa. Jewe mvuga igihe har’ikibazo kitatorewe
inyishu cank’iyo bikenewe ko ntanga umuco kanaka. Duheza amakoraniro yacu isaha
zibiri n’igice, umwigishwa wese amaze gusoma igice c’urupapuro.
Nasanze abagishwa banezererwa gukora imyimenyerezo yabo i muhira. Ntibakunda
umwimenyerezo ugarukira ku musi umwe gusa. Bama biteguye gutera intambuko
nshasha. N’aho bimeze gurtyo, nabategeze kwiga icigwa kimwe gusa ku musi kugira
bashobore kukinonosora, bashobore no kugishikiriza abandi.
Mu miga duheruka kugira har’ibintu bidasanzwe vyakoretse. Abagishwa bafashe
ingingo yo kwigisha izi nyigisho abantu bose bo mw’ishengero, mbere n’abagize
urwego rukuru rw’ishengero ryacu. Bavuze ko bizera yukw’izi nyigisho zizohindura
ishengero ryose nkuko zabahinduye ubwabo.
Ndashima Imana kuk’umwungere wacu, Trent Renner, yigisha inyigisho n’amabwirizwa
ya Yesu – ahandi ho kari agaka. Har’abantu bakunda kuvuga kw’ata cigwa umuntu
ashobora kwigisha imisi iri hagati y’indwi 4 n’indwi 8 kukw’abantu baziharuruka.
Trent yarabigize. Ari mu guheza umwaka – nk’indwi 50 – yigisha inyigisho
n’amabwirizwa ya Yesu. Ageze kuri Matayo 14. N’irya mbere ishengero rikura no mu
bihe bigoye. Har’umugenzi wa Trent yamwandikiye amushimira ko yamurungiye izo
nyigisho ati : « Warakoze caaane kundungikira inyigisho z’umukozi w’Imana Bernie
umwaka uheze. Natanguye kuzigisha mu kwezi kwa Kigarama n’ubu nkiriko. Ndizera
kw’izo nyigisho zizadufasha cane. »
Ndasaba k’umukozi w’Imana wese asoma izo nyigisho za Bibiliya. Zikunda
gukoreshwa cane mu migwi mitomito ikoranira mu mazu, imigwi y’urwaruka, imigwi
y’abakuze… uko mutanga izo nyigisho niko mukiza amasinzi y’abantu umuriro
udashira. Nizera k’umuntu wese atumvira Yesu, adashobora kwinjira mu bwami bwo
mw’ijuru. Ntawushobora gukora ubugombe bw’Imana atabwigishijwe.
Ukuba wifuza kwigisha inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu, izo nyigisho zizogufasha
cane, kuk’uzosangamwo ibindi bice vya Bibiliya bigufasha gutahura neza no
gushira mu ngiro inyigisho cank’amabwirizwa ya Yesu.
Umuntu wese yaronse cank’azoronka izo nyigisho ntazoguma uko yar’ameze mu
burongozi bwiwe.
Mu Ncamake
Dusozereye kino gitabo ku majambo y’Umwami wacu Yesu yavuze akebura abantu ati :
« Umuntu wese amvumereza, ati ‘Mwami, Mwami,’ si we azokwinjira mu bwami bwo
mw’ijuru, atar’uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba » (Matayo 7:21).
Inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu ni bwo bugombe bw’Imana. Ico twahamagariwe
gukora ni ugukora ibishoboka vyose ngo dufashe abantu kumenya ubugombe bw’Imana
tubigisha kwitondera ivyo Yesu yatugeze vyose nk’uko vyanditswe muri Matayo
28:18-20. Ibisigaye Imana izobikora.
Imana ihezagira ukwitanga kwawe kwose mu kwagura ubwami bw’Imana mu kwumvira no
kwigisha abantu kwumvira inyigisho n’amabwirizwa ya Yesu.